IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abana barageramiwe n’ibikorwa bibavuna

Cibitoke : Abana barageramiwe n’ibikorwa bibavuna

vendredi 19 Nyakanga 2014

Mu ntara ya Cibitoke haravurwa ikibazo c’abana bakoreshwa mu mirimo ibavuna nko mu binogo vyo kwimba izahabu, ivyo bikagaragara mu ma komine aho ico gikorwa co kwimba izahabu kirwiriye cane.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, avuga ko abo bana bahembwa intica ntikize, bagashirwa mu binogo biteye impungenge bishobora guhitana ubuzima bwabo. Ikindi kibabaje n’uko abo bana bata amashure bakaja kwirukira amaronko bakiri bato.
Abanyagihugu baba hafi yahakorerwa ivyo bikorwa barafise impungenge kandi ko abo bana bashobora kuhandurira indwara kuko iyo bimvye ubwo butare akenshi izo nzahabu bazinyegeza mu bibuno, ivyo navyo bakabiterwa n’uko ba shebuja babahemba intica ntikize.

Baca bahitamwo kugurisha izo nzahabu mu buryo butemewe n’amategeko ku bantu bazirondera. Abo banyagihugu basaba reta guhagurukira icop kibazo amazi atararenga inkombe.


Floxell Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.