IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abantu batatu bacukura ubutare baguweko n’umusozi

Cibitoke : Abantu batatu bacukura ubutare baguweko n’umusozi

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Abantu batatu bacukura ubutare barapfuye abandi babiri barakomereka bivuye k’umusozi waguye wabasenyukiyeko. Ivyo bikaba vyashitse kuri uyu wa kane igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2013 mugihe bariko baracukura ubutare ku musozi Gihura zone Butahana komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

Abo bitavye Imana ntibari bonyene barikumwe n’abandi batari bake, 25 muribo barashoboye gukiza amagara yabo baciye mu mwobo ushobora guseruka ku musozi.

Iryo sanganya ryabaye inyuma yaho mu ntara ya Muyinga abantu munani bacukura ubutare bapfuye babuze impwemu abandi cumi n’abatanu barakomereka ku munsi wa kabiri biturutse kuri iyo mpanuka nyene i Kamaramagambo muri komine Butihinda mu ntara ya Muyinga.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.