IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abanyagihugu bafashijwe na PNUD bavuga ko bateye (...)

Cibitoke : Abanyagihugu bafashijwe na PNUD bavuga ko bateye imbere

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Abanyagihugu bo muri komine Cibitoke, intara ya Cibitoke baronkejwe imfashanyo n’ishirahamwe PNUD kugira batanguze imigambi yo kwiteza imbere barashima ko bashoboye gukura amaboko mu mpuza bakikenura, ariko bagasaba ko Reta n’ayandi mashirahamwe y’abagira neza bobandanya babakurikirana kugira bashigikirwe mu gukoresha neza amafaranga baziganya.

BAYAVUGE Jovit aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe risanzwe rikora akazi ko kwegeranya umwavu uvuye mu ngo, hama bakawuhinguramwo ifumbire, hamwe na Gaston SINGORA yaronkejwe inyigisho z’ugufyatura amatafari ya kijambere. Abo ni bamwe mu banyagihugu bo mu ntara Cibitoke, komine Cibitoke bafashwe mu mugongo na PNUD mu gutanguza imigambi yo kwiteza imbere. Mu mafaranga binjiza, abari muri ayo mashirahamwe bahembwa ibihumbi bitatu ku munsi, igihumbi kimwe kikaja mu gasandugu ko kwiziganiriza kugira bazoshobore kubandanya barangura iyo migambi mu gihe ishirahamwe PNUD ritazoba rigikorana nabo.
Abo banyagihugu bo muri ayo mashirahamwe bagizwe n’abakenyezi bahora ari bantahonikora, abahungutse n’abahoze ku rugamba, barashima intambwe bigejejeko kuva batanguye iyo migambi, kuko bashoboye kwigurira imirima, ibitungwa, bongera bashobora kurungika abana babo kw’ishure.

JPEG - 1.7 Mo
BAYAVUGE Jovit hamwe na Gaston SINGOYE

Muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere itunganijwe n’ishirahamwe PNUD, bariko barabira hamwe ingene imigambi mito mito yobera isoko ry’iterambere ku banyagihugu. Mu gihe vyoshika amashirahamwe y’abagira neza ntabe agifata mu mugongo iyo migambi, abo banyagihugu basaba ko boza barakurikiranwa mu kubandanya babaronsa n’ubundi bumenyi.

Gervais Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu niwe yatanguje ibikorwa vy’iyo nama. Uwuserukira ishirahamwe PNUD, Rosine Sori Coulibary, mw’ijambo yashikirije, yibukije icegeranyo casohotse mu mwaka w’2013, aho basanze ubukene mu Burundi bukibangamiye ibice bigera kuri 67 kw’ijana vy’abanyagihugu, ari naco gituma iryo shirahamwe ryiyemeje gukorera hamwe na Reta y’Uburundi, kugira bashoboze abanyagihugu kwishingira imigambi mito mito ibaronsa akazi.

Iyo nama izomara iminsi itatu yatumiwemwo abahinga batandukanye, hamwe na bimwe mu bihugu vyaje guterera ivyiyumviro ku kungene vyashoboye kwiteza imbere mu kuva mu migambi mito mito bigashika kw’iterambere rirama ry’abanyagihugu. Ibihugu vyitavye iyo nama ni Rwanda, Kenya, Tanzanie, Ouganda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Bosnie Herzégovine, Afganistan hamwe Ubutariyano.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.