IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abanyagihugu ntibamenyeshejwe umunsi mukuru wahariwe (...)

Cibitoke : Abanyagihugu ntibamenyeshejwe umunsi mukuru wahariwe komine

samedi 17 Myandagaro 2013

Nk’uko babimenyeshejwe mu kamo k’umukuru w’igihugu ku munsi Uburundi bwariko buhimbaza isabukuru y’imyaka 51 bumaze buronse intahe yo kwikukira, amakomine yose ku rwego rw’igihugu yahimbaje umunsi wahariwe komine.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mw’ijambo ryiwe ryo ku genekerezo rya mbere Mukakaro, Uburundi buhimbaza imyaka 51 bumaze buronse intahe yo kwikukira, yamenyesheje ko intumbero y’uwo munsi mukuru wa komine ari kugira ababa n’abavuka mw’ikomime bahure, bayage, bashime canke bagaye, banegure ivyaranguwe, gutyo bigire inama y’ico bagiye gukora. Petero Nkurunziza yagize ati : "Ivyo bizotuma abantu basubira kwibukana, bibuke ico bamariraniye, urukundo rukomere, maze have ca kinogo catandukanya abize n’abatize. Ikindi naco, ni uko imisi mikuru nk’uwo kwikukira igiye kwama nayo nyene ihimbarizwa mu makomine, gutyo isubire kugira akanovera."

Kuva ku munsi w’ejo, abanyagihugu twashoboye kuganira basa n’abatazi uwo munsi mukuru, abawuzi nabo bakamenyesha ko bahanzwe n’ubukene, ivyo atarivyo bibagoye.

Muri komine Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura, aho twashoboye gushika, uwo munsi mukuru wahimbajwe ukuri kwamye, ariko vyaboneka ko abanyagihugu batitavye ku bwinshi kuko mu birori ababoneka benshi bari abakozi ba komine Cibitoke n’abana baje kurorera intambo n’umurisho w’ingoma. Mu rugendo rwo gushika mu kibanza cabereyemwo ibirori, abanyagihugu twahura basa n’abadatahura ibiriko biraba, bamwe muribo mbere baza barabaza uwo munsi mukuru uwariwo.

Amajambo yagiye arashikirizwa bose bagarutse kuri kahise ka komine Cibitoke, ariko nta nteguro y’imigambi y’iterambere yavugiwe muri ivyo birori kandi ariyo ahanini yari yabakoranije. Mu gihe komine yose kuri uyu munsi yategerezwa kwerekana igikorwa c’iterambere iriko irarangura, mw’ijambo nyamukuru ry’urubanza, musitanteri wa komine Cibitoke, Emmanuel Niyongabo ntaco yerekanye, abari ngaho bakibaza namba vy’ukuri vyari bikwiye ko bahimbaza uwo munsi mukuru atacateguwe.

JPEG - 36.9 ko
Emmanuel Niyongabo, musitanteri wa komine Cibitoke

Twobamenyesha ko uwo munsi mukuru witiriwe komine wahimbajwe kuri uno munsi mu gihugu cose, ukazokwama uhimbazwa kuwa gatandatu wa mbere w’ukwezi kw’umunani (Myandagaro), uko umwaka utashe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.