IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke: Amashure 2 yarabomowe n’imvura y’isegenya

Cibitoke: Amashure 2 yarabomowe n’imvura y’isegenya

mercredi 17 Ndamukiza 2013

Imvura y’isegenya imaze iminsi igwa yarononye amashure 2 yo muri zone Bukirasazi komine Murwi mu ntara ya Cibitoke.Abarongoye indero mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko itanguzwa ry’ishure nshingiro bizohava bigorana mu gihe ayo masomero yabomotse yari ayagenewe uyo mugambi.

Kuri ivyo nyene ibijanye n’imvura imaze iminsi irwa ari nyinshi,amwe mu mabarabara yo mu makomine y’ubumanuko bw ’igisagara ca Bujumbura nka Cibitoke,na Musaga abahaba baravuga ko batewe ingorane n’umwuzure w’amazi ahaboneka,bigatuma ibikorwa biranguka nabi muri ayo makomine ,abanyagihugu basaba ko umugambi wo gukora ama barabara wokwiragira mugisagara cose ca Bujumbura.

Muma komione yandi nka Kinama na Buterere amazu arenga 900 yarahuye n’ingaruka mbi z’iyo mvura imaze imisi iriko iragwa mu gisagara ca Bujumbura.
Umushikiranganki wo gushigikirana, umupfasoni Korotirida Niragira,akaba ejo kuwa 16 Ndamukiza yarishikiye ahabereye ivyago abashiriye agaseke kagizwe n’umuceri.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.