IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Impunzi z‘abanyekongo zibandanya guhunga

Cibitoke : Impunzi z‘abanyekongo zibandanya guhunga

mardi 20 Myandagaro 2013

Ishirahamwe ritabara imbabare Croix - Rouge muri komine Cibitoke rimenyesha ko rimaze kwakira impunzi z’abakongomani zigera ku 512.

Izo mpunzi zikaba zashikiye mu ntara ya cibitoke inyuma yo guhunga indwano yadutse hagati y‘igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo n‘abarwanyi baba Mayi - Mayi . Ariko umumenyeshamakuru wo ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi mu ntara ya cibitoke ,Leonard Ndayishimiye yavuze ko hari amakuru ava ngaho nyene mu ntara ya cibitoke avuga ko ubu ibintu vyoba vyatureshe gato.

Uwurongoye intara ya cibitoke, umushingantahe Aloys Ndayishimiye yamenyesheje ko izo mpunzi zishasha zikeneye ibintu vyo kwifuka hamwe n’amahema. Yongeyeko ko umuryango utabara imbabare Croix Rouge umaze gutanga imfungurwa kuri izo mpunzi z’abakongomani .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.