Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNAK Murima w’isangi : Igiciro c’ikawa nticoja munsi y’amafaranga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > CNAK Murima w’isangi : Igiciro c’ikawa nticoja munsi y’amafaranga (...)

CNAK Murima w’isangi : Igiciro c’ikawa nticoja munsi y’amafaranga 540

mercredi 25 Ruhuhuma 2015

Igiciro c’ikawa yumye nticoja munsi y’amafaranga 540 nk’uko bivugwa na Joseph Ntirabampa wo CNAK Murima w’isangi.

Avuga ko igiciro c’ikawa kw’isoko mpuzamakungu cagabanutse, ariko ko abarundi basanzwe barima ico giterwa bashoboye kwironderera ababagurira ikawa ku mafaranga ari hejuru y’amafaranga 540 atangorane. Mu biyago vyamaze indwi zitatu biba, hakaba harabaye impari ku bijanye n’igiciro c’ikawa. Joseph Ntirabampa agashikiriza ko igiciro bashitseko coshobora guhinduka bivanye n’uko iyo kawa igurwa kw’isoko mpuzamakungu, ariko ko ico giciro kitoja munsi y’amafaranga 540.

Mukamenya ko ikawa yo mu Burundi, iri mu makawa meza, akundwa yaba mu Burundi canke kw’isoko mpuzamakungu, bivanye n’akanovera kayo. Ariko kuva intambara yo mu mwaka w’1993 ibaye, ico giterwa kikaba caragabanutse, aho imwe mu mirima y’ikawa itasubiye gukorerwa, irarengwa n’ishamba, iyindi nayo irarandurwa, canke ahahora iyo mirima, haterwa ibindi biterwa nk’uko bivugwa na bamwe mu bayobozi b’igisata c’uburimyi mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Turashimira Leta hamwe n’imboneza z’abarimyi b’ikawa ku ntambwe imaze gushikwako. Ariko ingorane zo ziracariho tugasaba ko abo vyega bose boshira inguvu hamwe kugira ngo umurimyi atere imbere na cane cane mu biciro n’ihimiriza ry’ukunagura ibipimo bishaje kugira ngo umwimbu wiyongere kandi w’akanovera , ikawa yacu yame ari rurangiranwa mu makungu. Kugirango tugire " IJAMBO , AKARUSHO n’ AMAGARA MEZA"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.