CNARED : Imyiteguro y’ibiganiro yaraheze

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 Kigarama 2015 saa 09:48
Yasomwe : 132273
0 0

Mu runani CNARED bamenyesha ko biteguriye kuganira kandi ko bamaze gutegura ibizoganirwako hamwe n’umurwi w’abazoserukira urwo runani mu biganiro. Muri CNARED bagasaba ko ivyo biganiro vyonyaruka.
Itangazo urunani CNARED rwasohoye rimenyesha ko mu nama yabo igira gatanu yabereye mu gisagara ca Bruxelles kuva kw’igenekerezxo rya mbere gushika kurya gatatu Kigarama 2015, abagize CNARED bakoranye kugira bahurize ku bazoserukira urwo runani mu biganiro, hamwe n’ibizoganirwako.
Urunani CNARED (...)

JPEG - 110.6 ko
Nyangoma Leonard, umukuru w’urunani CNARED

Urunani CNARED rubandanya kumenyesha ko rwemera ubuhuza bw’umukuru w’igihugu wa Ouganda Yoweri Museveni, kandi ko bemera n’igisagara ca Kampala ko arico coberamwo ivyo biganiro. Ariko rero, muri urwo runani basaba ko Yoweri Museveni yofashwa n’abaserukira ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, abo mw’ishirahamwe CIRGL, abaserukira ubumwe bwa Afrika, ONU, ubumwe bwa buraya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Muri CNARED bamenyesha ko bahejeje imyiteguro, ko intambamyi yonyene y’ibiganiro isigaye ari Reta y’Uburundi.

Ku bijanye n’umurwi CNDI (Conseil National du Dialogue Interburundais) w’igihugu uheruka gushirwaho kugira utunganye ibiganiro, muri CNARED bavuga ko batazokwitaba ibiganiro bizotegurwa n’uwo murwi.

Mu biganiro bizobera mu Bubirigi kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2015 hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, ku bijanye n’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Cotonou, muri CNARED basaba ubumwe bwa buraya kuzokwibutsa Reta y’Uburundi ibiganiro vy’i Kampala navyo.

Kumenyekanisha

1
J.MARIE HAKIZIMANA 11-12-2015 à 19:07

JEWE NIYUMVIRAKO VYOBA VYIZA ABAGIZE CNARD BITAVYE IVYO BIGANIRO VYA CNDI KK ARIYO NZIRA YAMAHORO

2
Rushwanyaguramasasu 11-12-2015 à 00:53

@Mutakura. Abo uvuga ko bafashwe ni aba terroristes (Bokoharamu-Sindumuja). None urashaka ahari kubasanga muburoko.

3
mutakura 9-12-2015 à 06:15

Ndabahe mwaramutse, hari amakuru ku
mutakura, ce vendredi passe mundwi
iheze ku Mutakura guhera mu ma 19h
harafashwe abantu bashika nka 50
kumabarabara atandukanye none kugeza ubu
ntituramenya amakuru yabo nta
communication nabo ishonoka, plz
nimudutabarize canke mudutohoreze twumva
ngo boba batwawe na commandat wa camp
Muzinda, kugeza ubu harabaducumutima
ngo boba barishwe, nimudufashe muzoba
mukoze

4
ndayishimiye epimac 8-12-2015 à 21:31

Ahaturi Harabandi! Mumenye Neza, Igihugu Si Itongo Usohozwa N’abavyeyi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho Wenyene! Mukunda, Mwemera, Muzobibona! Abazohahamuka Mwitegure.

5
ndayishimiye epimac 8-12-2015 à 21:28

Ahaturi Harabandi! Mumenye Neza, Igihugu Si Itongo Usohozwa N’abavyeyi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho Wenyene! Mukunda, Mwemera, Muzobibona! Abazohahamuka Mwitegure.

6
Ndayishimiye 8-12-2015 à 21:21

Aha Turi Harabandi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho! Abazohahamuka Bitegure.

7
Ndayishimiye 8-12-2015 à 21:20

Aha Turi Harabandi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho! Abazohahamuka Bitegure.

8
nibogora melence 8-12-2015 à 15:42

nibateshwe bate abarundi s ABANA.

9
LCB 8-12-2015 à 07:51

Nagire ngire ico mbarira abantu Bahurikiye muri CNARD burya Ntimwacaguye neza IZINA ry’ukurongora iyo CNARD yanyu Nyangoma harimwo ikintu kivuga kugoma kutarengana kandi mwiyunviye neza kahise k’uyo Mugabo muri politike nta migisha Afise Basha muzoba mumbarira Ben’ayo mazina yaba Sinduhije SINAKIJE ba Rufyikiri ba Ntavyohanyuma be Nivyo Bizina ntibitera imigisha Hanyuma Ndabamenyeshe Abantu ntibakunda bimwe kandi ntibakunda kumwe Matata niwe yabitomoye aho yaririmba at’amas’akunda ntabona neza nshatse kuvug’iki hariho Abantu bakunda RETA hariho kandi Abantu bakunda CNARD kuruhande uru canke ruriya yaco Mwigira ba bimari vya Bagabo Oya ikizomara kandi ibi bibazo si Ukumena Amaraso ya bene wanyu mu Gihugu oya uwo si umuti ni umuvumo umuti nuko Mwohariranira IMANA nayo ikabaharira hanyuma mukicarana Migapfunika ijambo ry’umunoni Ririmwo indahiro yuko Abarundi Mutazongera kwicana Erega ruriy’abandi rutakwibagiye

10
FIDELE 7-12-2015 à 21:10

Nyangoma na cnrd yawe muratangaza caane UBURUNDI nabarundi ahowaja murikanyeshamba warutsitaye kuki?kutagumye mugigu ngobahimbagu bagutore icebice vyumubiri wibuke amacakubiri yintara wagiriye murikanyeshamba nubuyaranse kuguheramwo uzopfawangara nkagahini atawuziyoyaguye rekubwicanyi.

11
FIDELE 7-12-2015 à 21:03

12
Tuze 7-12-2015 à 15:41

Birababaje kubona, abapoliticiens b’abarundi be n’amakungu babandanya bavuga ibiganiro, hama Nkurunziza petero nawe akabandanya aniga abarundi, génocide igakomera atacamira. Mbe aho ibiganiro bizoherera bazokiza nde ko abantu bazoba baheze. ridicules.
Semerera ubwicanyi Nkurunziza ariko arakora buhagarare, hama babone kuja mu biganiro, ca devrait etre un préalable aux négociations. Mbe Mana y’isi ntiyokwereka amakungu ko abantu bahonye i Burundi.

13
bakame 7-12-2015 à 09:44

ndaramukije mutama nyangoma nabakunzi buru rubuga. mutama jw ndabateye intege ariko jw mbona bitoroshe kweri kuko mwebwe inzira 3 Mwari mufise hasigaye imwe gusa yo kuganira:
1 ko amakungu abafasha mugufata igihugu
2 kuganira
3 gutana mumitwe
mwizonzira zose mbona umengo ntihenze hasigaye imwegusa yokuganira

ivyobihugu rutura bibashigikiye ntibishobora kwemera kwiteranya nibindi bihugurutura bishigikiye umugambwe uri kubutegetsi muburundi.
nonegashanyangoma twubaha urabonako uburusiya vyokwankana na amerika kubera ikobazo cuburundi?

none gamutama mwebwe ntimubona ko amakungu ubumwe bwaburaya, ubumwe bwafrika na amerika bamaze kumenya ukuri kukobazo cubundi ko atari icimanda .amoko kuko inzego zose ziraserukiwe muburundi canke icapolitike. ivyo mwasaba amkungu iyobiba obikunda biba vyarangiye imyaka. jw icombona gisigaye nuko reta yuburundi yocabugufi namwe nye mugaca bugufi mukicarahamwe nakare muri abavukanyi kuko ntaho muzoshirana mukaraba icokogwa kugira ububwicanyi buhagarare bicitwa vuba. twebwe banyarucari bomurutoke ntitwize twishakira ubumwe ibikorwa hamwe namajambere.murakoze!

14
bakame 7-12-2015 à 09:42

15
P N 7-12-2015 à 09:34

Jew Nanj Icombon Nuk Uwomurw Worek Gusara Nguri Nivy Uhay Wigira. Ahubw Nuk Batomboj Bakabah Indor Iyo Bari Nayubund Yo Bagum Mu Burund Bokwibneyek. Bakore Guta Igihug Bonger Basab Ivyo Basab Atarih Bari? Ahubw Ntander Bagir. Kimw Gsa Nibarek Kwirirw Barosha Bene Wac Bagumy Ngah Ngo Bater Intambr Akab Arib Bahasga Agatw. Barund Mwes Muz Twim Amatw Iyo Mihimbir Igomb Kuturaz Mwishamb Nka Ker Kd Twar Twiftiy Amahr. Mwes Hamw Komer.

16
Sinsace Kivuga Ijina 6-12-2015 à 19:02

Ibiganiro Twebwe Abanyagihugu Niyo Tugomba IGihugu Cu burundi Kigasubiramumahoro

17
cishahayo 6-12-2015 à 12:58

none Nyangoma ko ata reta nimwe wigeze wemanga aho ntushaka kumera nka Twagiramungu wo mu rwanda na Etienne kisekedi wo muri congo? nabo murikumwe bashobora kuba baguhenda nyuma bakazakugambanira,ivyo urimo uvyitondemo cane. gusa abarundi isinzi turishakira amahoro nibibangombwa twese tuzinjira igisoda ariko tuyarondere, ayo makungu nayo ubu twarayahinyuye.

18
Best Herve 6-12-2015 à 10:56

Izo Mbonerakure Z’itarima Zivuga Ik

19
sayidi 6-12-2015 à 09:20

niba mugiye ikampala muzohera nka ya M23 rindira muzoraba. turasavye leta ko ivyo muzopfundika vyose vyoza abanyagihugu natwe tukavyemeza canke tukabihakana kuko nitwe vyose bigirako ingaruka mwibereye iyo za beligique.

20
nkdn 6-12-2015 à 08:24

cnared umengo murarwaye mumitwe ngo ntimuzoganira numurwi washizweho na reta none mushakande nimuze muburundi muherekezwe nayo makungu mwizeye ntaco muzoba nimwaba mukunda abarundi atari kubazanamwo umuriro abo reta yatoye muvyera mutavyemera nabo muzoganira nagira mpanure cnred ibambure yemere reta ihari ubu kuko itayemeye yoshaka ikareka guta umwanya kuko inzira yintamba ntayo boshobora mwohera nkifu yimijira nkuko kizigenza yabivuze sabikigongwe vyose birashoboka

1 | 2 | 3

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha