IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > « CNARED ntizotumirwa nk’urunani mu biganiro vya CNDI »

« CNARED ntizotumirwa nk’urunani mu biganiro vya CNDI »

jeudi 3 Kigarama 2015, par egide

Umurwi w’igihugu CNDI (Conseil National du Dialogue Interburundais) ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi ubandanya imibonano mu gihugu hagati, hamwe no hanze y’igihugu. Uwo murwi umenyesha ko uzokwumviriza abarundi bose, ku gatwe kabo.

Musenyeri Justin NZOYISABA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko naho amakungu yasavye ko ibiganiro vyobera hanze y’igihugu, uwo murwi uzobitegurira mu Burundi, birabe abarundi bose, abari mu gihugu, hamwe n’abari hanze bakazobasanga iyo bari.

Musenyeri NZOYISABA yamenyesheje ko uwo murwi ukiri mu ntango y’ibiyago, mu nyuma akaba ariho uzotunganya ibiganiro nyezina, abarundi bamaze gushikiriza ivyiyumviro vyabo. Muri uwo murwi nta munsi nyezina bamenyesha w’ugutangurirako ibiganiro, kuko hakiri n’ibibazo vy’uburyo uwo murwi uzokoresha butaraboneka.

Mu gihe ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ryari ryasavye ko ibiganiro vyohagarikirwa na Yoweri Kaguta Museveni, umukuru w’igihugu ca Ouganda, Musenyeri Justin NZOYISABA amenyesha ko uwo muhuza azofasha gushikira abo uwo murwi utazoba washoboye gushikira.

Ku kibazo abamenyeshamakuru bamubajije c’ingene uwo murwi uzovugana n’urwego CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, uwo arongoye uwo murwi amenyesha ko abarundi bazokwitaba ivyo biganiro ku gatwe kabo, n’abari muri CNARED bakazoshobora kwumvirizwa batari mu runani. Iyo nyishu nyene niyo yatanzwe ku barongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike aheruka gufatirwa ingingo y’uguhagarikwa. Musenyeri Justin NZOYISABA arongoye CNDI yamenyesheje ko abo barongoye ayo mashirahamwe bazokwumvirizwa nk’abarundi bose, ariko abazokwumvirizwa muri ivyo biganiro akaba ari abazoba badakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Murabesha Cenrd Turipanze Iyongoma Arayisubiza Vyankabikunda

  • Musenyeri justin Nzoyisaba arahumba keretse niba ashaka kumara abarundi afatanyije na Nkurunziza ibiganiro abarundi bose ntawe bakumiriye nivyo bizozana amahoro i Burundi naho musenyeri adedemba ngo cnred ntizotumirwa aho aribeshya kuko abarundi tugomba amahoro ntitugomba ubwicyanyi cg intambara we niba ayishaka azoyibona uretse ubwenge buke bwuwo ngirwa mukozi w imana yishakira gushimisha NKurunziza nakagwi kiwe abo akumira nibande reka ndaguhe impanuro niba ugombera amahoro abarundi:HARI ABASENYE INZEGO Z IGIHUGU BATEZA INTAMBARA MU BURUNDI KUBERAKO BATUBAHIRIJE AMASEZERANO YA ARUSHYA NIBWIRIZWASHINGIRO HARI NABANDI BASHAKA KO IGIHUGU GUTUNGANA KIKAVA MU NTAMBARA KIKAGENDERA KUMATEGEKO NIYUBAHIRIZWA RYAMASEZERANO YA ARUSHYA NIBWIRIZWASHINGIRO IZO MPANDE ZIBIRI NIZO ZIGOMBA KUGANIRA WEWE RERO MUSENYERI IVYO urimo uvuga nabo ushaka kuganira nabo ntabo uzi ahubwo baza ubaze abo ikibazo kiraba hanyuma ivyo utabishoboye i would like you to resign as soon as possible kuko kakunanaiye utaranagatangira...........

  • Wewe Musenyeri nyene uvuga ko ugomba gutora ikibazo c’uburundi, uritonda ntuvange ama dossiers!!!Abakwirikiranwa n’ubutungane ni bandi muri ico gihugu?Urashobora kuvuga ko hari ubutungane mu gihugu INTAHE itakigira insiguro???????Uwo bagomba kwica barara bamwishe, uwo bagomba gupfunga barara bapfunze.Ubwo nibwo ugire wite UBUTUNGANE!!!
    Ntusubire kwiteza utunyoni, banza utahure ico u Burundi bukeneye.Bukeneye UBUTUNGANE Mayoya yasize yimbiye icobo ivyo ntawobirandirako, Peter nawe agaheza akaza ahamba gusa.Ushaha kumenya abakwiye kuja imbere mubokwirikiranwa, fata les 2 Peters n’amashami yabo, ikibazo c’uburundi kizoba gitoye umuti.

  • Mbega abarundi ntizoheba ubwicanyi? kobatagomba kobatumira abari muri CNARED aribo bafitaniye amatati bazoca baganira nande ?bazoganira nabobasangiye ubutegetsi duhezetunke amahoro ?twebwe twarambiwe namaraso amaze guseseka nibemere baganire ahandiho ntamahoro tworonka.

  • ".... ariko abazokwumvirizwa muri ivyo biganiro akaba ari abazoba badakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.... " none wumva uzokwumviriza aba rundi bose? Reka rero kuduhenda emera ko reta ariyo izogutamika ijambo

  • On ne peut pas gagner
    le combat d’aujourd’hui avec les methodes d’hier qui hier n’ont meme pas gagne.

  • Turashima ukuntu abarundi bakora mutegura ibiganiro.Amashirahamwe siyo afise ikibazo,ikibazo gifiswe numurundi kugatwe kiwe.Abagumutse bobakwiye gusobanura impavu zabikoze hakurikijwe amategeko yuburundi data ago uburayi

  • Bandanya gutamba mwirorera, ariko impera n’imperuka ubwo buryarya bwanyu na leta buzohinyuka mushikanywe imbere y’ubutungane. Reka guhenda abantu!

  • Narinziko abasenyeri bose baciye ubwenge , ariko nsanze uyo yagenywe naba dd ntakigenda. Ntazi nibiriko biraba ahubwo wewe nivyobiganiro arashobora kutavyitaba kuko ntibimuraba.

    Nibiganiro biraba nuwitwa ko ari umukuru wigihugu ingene yokinjura hama ubutungane bukamukurikirana kuvyo yagirizwa.

    Ubuhoho ntakinga azohabwa nkubwambere kuko ivyaha ahokugabanuka vyariyongereye.

    Ä°kibabaje nuko numuryango wiwe utazosigara inyuma.

  • CNARED Nigiki?Nimuce Bugufi Ntavyo Murabona Ko Ataco Ishoboye!Ewe Ntimuzi Guhebura!None Nyangoma Ntiyarahiye Imbere Yabamutoye?Wewe Ngira Azokwubahiriza Ibiringo Namwe Mushikirwe!Ok

  • Nimureke Guta Amajambo CNARED Niyo Kubata Mu Rudubi,ahubwo Niyisambure Mugaruke Kwubaka Igihu!Nyangoma Aticunze Bazomutera Coup D’Etat Kuko Abo Bari Kumwe Nivyo Vyabo.Bihindutse NKURUNZIZA Yari Yari Yarabahaye, Nyangoma Nawe Bizogenda Gute?

  • muvyanka mubikunda muzokwicara hamwe , sinarinzi ko leta yotevye ikemera kuja kwicarana nabandi i bruxelles uwuramvye arabona nibindi muzovyemera hiiiiiii

  • Uburundi bwaragowe!!!
    Uwo muhuza Arabanze ahuze abo murusengero avugako arongoye imbere yo kwambikwa umutamana wo guhuzs abarundi.
    Yongere abanze yisigure uko yahawe ubu senyeri.

  • Uwomusenyeri nzoyisaba, nakurikirine ivyo murusengero gusa.ntavyaprotike azi. ntamurundi yo bumuhuza kuko vyanka vyashoboka ategerezwa guhengamira kuri Nkurunziza peter, adahengamye niwo musi yo rara asezeye isi ,nonerero umuhuza mubiganiro vyamahoro, mbona nurya ya ta nzwe nu muryango wa Afrika nawe nivya munanira bazotora uwundi. sukuviga muburu ngo ntabashingantahe bariho bariho ariko ntahobavugira ukuri baragufana kuko nuwuvmyuye agatwe rwavugishe ukuri uwo abapfuye nico gituma nabariho batinya kuvugukuri.none Cenrd kwa yi hakana, abayigize kwaribo baronderwa mubiganiro vya mahoro; barya bayigize baserukira abanyagihugu bariko bahohoterwa.

  • Ndumurundi kandi biranezera, ariko nkeka harabarandi batazi kwarabarundi, nyakwubahwa musenyiri imyaka mufise sinkeka yuko mumaze kubona nukwumva ibitari bike kuburundi.None wemeye gute kuja guhagarikira umugwi uzati iyuburyo uzokoresha buzova gute? ico conyene nikimenyetso sindamusiga yuko nibiganiro uhagarikiye utazi iyobiva niyo bija. Pole.

  • Iyo uriko urashira kotapine mw’ikinga,urakubita kandi nokuyikurayo urakubita

  • Musenyeri menya ko abagomba kuganira nabatubahirije amasezerano ya arushya nibwirizwashingiro hanyuma bakaganira nabashaka ko amasezerano ya arushya nibwirizwashingiro byubahirizwa kuko intambara namatati vy i Burundi niho biva.nahubundi musenyeri biribonekeza ko utazi icyo ukora nkumwana yenda uyundi

  • mbe ibigugu nk, icogisenyeri bhgva he? mbe abadakurikiranwa n, ubutungane nibande ko uwowese atemera 3Eme mandat ubutungane bumurondera! gamiriza bagorikunda na peter na nyamitwe turabe ico ukuramwo.

  • Nyakwubahwa murongoye umurwi w’ibiganiro.Nagira ndabahanure ndababwira ko ibiganiro bihuza imirwi ibiri itabona ibintu kumwe.Mukaba mushaka guhesha igihugu iteka nokwandikisha izina ryanyu mubantu bagize ico bafasha igihugu,nimutangure murondere abafise ivyiyumviro bigomba gusa mubashire mu mirwi ibiri.Hanyuma mubahuze atanumwe mukumiye.muzoba mwiyambitse umutamana kuko nivyemerwa nabarundi bose bizobahesha iteka.bigawe naho muzoba mutakaje iteka kandi mwari mwaronse umwanya wokwerekana ico muri.murakoze

  • Musenyeri uzozira akarimi kawe, urinjiye mur politique nayo,?wewe ivyobiganiro uhakana tuzobigira kandi tuzobigira wewe utarimwo,,duhigane mpaka ahuba harazwi

  • musenyeri nivyiz kubona baragushiz imber kugira ufashany n’umuhuza ariko ikibazo gito mbe abatakurikiranwa n’ubutungane ni bande?j mbona wokumviriza bose udakumiye si non biguhange kuko ubu abarund bona duciye akenge.ok rer turarindiriye le 8déc 2015.

  • Jemva umengo mwipfuza komusenyeri yokoragute? Mutama ntibagutere ubwoba rugararira amategeko yigihugu niba arikwavuga ntakibuza ko nka niyombare canke gaciyubwenge sinduhije abo muzoce mucakira ariko minani ndayizeye nabarya bagwanije ikiringo cagatatu atakindibagira rufyikiri ba nduwimana

  • Jemva umengo mwipfuza komusenyeri yokoragute? Mutama ntibagutere ubwoba rugararira amategeko yigihugu niba arikwavuga ntakibuza ko nka niyombare canke gaciyubwenge sinduhije abo muzoce mucakira ariko minani ndayizeye nabarya bagwanije ikiringo cagatatu atakindibagira rufyikiri ba nduwimana

  • Musenyeri korakazi kawe ataho wegamiye bikunaniye naho ivyimana yateguriye uburundi ntibzosiba!!

  • mbega uwo ni musenyeri vy,ukuri,canke n,uwo batazira musenyeri?bavuze ibiganiro bidakumira ivyo nawe nivyo uc,uzana?mbe nkubaze,ko reta ihari ubu yagirizwa n,amakungu kutubahiriza agateka ka zina muntu,ubutungane mpuzamakungu bwoyitwarira,yoca ivamwo mubiganiro?reka kwumva amabwire y,abagutumye,kora nk,uwukunda igihugu ico s,Ikiraka baguhaye.mbe niba vy,ukuri uri monseigneur,mukwiregesha aba kristu,waracagura? uwishe n,uwatukanye ntiwabiregesha bose?abatarondegwa n,ubutungane ni ba nyarucari gusa nabo we ntiwobumviriza batakuzaniye ishikanwa.abandi bose yaba reta yawe baba abo ushaka gukumira,bose n,abanyakabi nico gituma atawokumigwa.faut être serieux monseigneur!!!!!!!!!!

  • CNAREC (agashami ka FPR inkotanyi iburundi). Nyangoma (Twagiramungu Faustin), Rufyikiri (Seth Sendashonga), Hussen Rajab (Kanyarengwe), Pacifique (Mugenzi), Cimpaye (Gasuku), Ngendakumana-Ngendakwashitani (Gatsinzi).

  • uwomugwintacouzomaraburundinahobowufutantaziufisf

  • Ahubwo ko muzokumviriz abarundi bos jew aka kiosque kanj bagateruriy mwibarabara nuturimwo twos baraturira nobitura ngo musenyeri mwontunganiriza abo bagabo bagaburiy urumogi imisore bakabagomororera mwibarabara konon amatungo y abanyagihugu guturir abo batavuga rumw no kwic abapolice ubu ubukene bundembej mwoba mukoz kubansabir utwanj bagaburiy umuriro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.