CNARED yabwiye umuhuza abakwiye kuganira mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 mai 2016 saa 01:20
Yasomwe : 113841
0 0

Umukuru w’urunani CNARED amenyesha ko aheruka kubonana n’umuhuza mu matati y’Uburundi, Benjamin William Mkapa, akavuga ko bamushikirije ingene urwego CNARED-GIRITEKA rubona inzira yo kugarukana ihumure, amahoro ubuntu n’urukundo mu gihugu cacu c’Uburundi.
Muri CNARED bamenyesha ko babwiye umuhuza Benjamin William Mkapa ko muri ivyo biganiro vyimirije, hazoyaga impande zibiri, ni ukuvuga uruhande rwa Petero Nkurunziza n’abamushikigiye, hamwe n’uruhande rw’abadashigikiye ihonyangwa ry’Amasezerano (...)

Umukuru w’urunani CNARED amenyesha ko aheruka kubonana n’umuhuza mu matati y’Uburundi, Benjamin William Mkapa, akavuga ko bamushikirije ingene urwego CNARED-GIRITEKA rubona inzira yo kugarukana ihumure, amahoro ubuntu n’urukundo mu gihugu cacu c’Uburundi.

Muri CNARED bamenyesha ko babwiye umuhuza Benjamin William Mkapa ko muri ivyo biganiro vyimirije, hazoyaga impande zibiri, ni ukuvuga uruhande rwa Petero Nkurunziza n’abamushikigiye, hamwe n’uruhande rw’abadashigikiye ihonyangwa ry’Amasezerano y’i Arusha, ari bo bahurikiye mu nama nkuru y’Igihugu CNARED, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Muri ivyo biganiro bigiye gutangura kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2016, CNARED yasavye umuhuza ko n’imihari yafashe ibirwanisho yotumirwa.

Umukuru w’urunani CNARED Yohani Minani yaboneyeho akaryo ko kwibutsa umuhuza ko urunani CNARED rutegerezwa gutumirwa kuriryo zina atari kw’izina ry’imigambwe igize urwo runani.

« Twarongeye turadondagurira umuhuza abahurikiye muri urwo runani CNARED-GIRITEKA. Abo nabo ni imigambwe n’amashirahamwe ya poritike arenga 25, ni abahoze barongoye Uburundi, ni abahoze barongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi, ni abahoze ari ivyegera vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, abahoze ari abashikiranganji ba mbere b‘Uburundi. »

JPEG - 92.6 ko
Yohani MINANI, umukuru w’urunani CNARED

Muri CNARED basigura ko kubera uguhohotera abanyagihugu n’inzego zishinzwe umutekano mu Burundi, haravutse imigwi yafashe umuheto, bagatanga akarorera ka FNL, FOREBU na RED-TABARA. Inama nkuru y’Igihugu CNARED yasavye abo bafashe ibirwanisho ko mu gihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yokwitaba ibiganiro bidakumira gushika imvo zatumye haduka intureka mu gihugu zizimanganye, ko iyo mirwi irwana yoca isubiza inkota mu rwubati.

CNARED isaba kandi iyo mirwi irwana ko mu bikorwa vyayo vya minsi yose, yokwama yubahiriza ubuzima bwa kiremwamuntu, na cane cane ubuzima bw’abanyagihugu.


Kumenyekanisha

1
Mukobwajana 15-05-2016 à 23:58

Uwo yiyita kirundo yoba yakoze iki mu kirundo nka Dr yohani.numa wa ki dd we mwananiwe na Universite Gihahe yokora iki atize !@ ? Ink ndagirabitabu dd kirundo

2
Signorina 15-05-2016 à 15:59

Jean Minani uri mu mazi abira ko Arusha itazobaho none uzoca ubigeza gute ? uzoca uherera i Kigali ko bacoca bakwereka.

3
Uwutahoyegamiye 15-05-2016 à 13:38

Umuhuza Ntavuge Amatamikano,ariko Yubarize Amategeko Kumpande Zose Ntahengame,amere Nka MANDERA Yumvikanisha Ataravye Igitsu Canke Inyungu Ziwe.

4
Signorina 15-05-2016 à 12:00

Jean Minani, Uburundi buhejeje kurugika un mémorandum accusant le Rwanda d´actes d´aggression contre le Burundi, Honorable Radjabu Hussein ahejeje kuva muri CNARED hanyuma ngo Abarundi barenga Igihumbi Urwanda rurabirukanye barataye izabo mu Rwanda, none wewe amaherezo yawe nayahe ?
Hari senario zibiri zikurindiye kuko Kagame ntashobora kunesha Nkurunziza, Kagame yaragerageje ariko vyaramutaye kuwa mazi.
Wewe Jean Minani uri mazi abira, ndabona iyo nda yawe igira ihoke et l´avenir me donnera raison.

5
abubakal 15-05-2016 à 00:57

muraganira bijamungi nimwebwe mugiyegukura igihugu mukaga nimukomere kwibanga

6
jean 14-05-2016 à 12:43

Jean Minani uzorinda uva mwisi udasubiriye gutwara inama shingamateka nimba witeze ibiganiro bigushikana gusubira gutwara inama nshingamateka.amase yakera ntagihoma urutaro.

7
jean 14-05-2016 à 12:43

Jean Minani uzorinda uva mwisi udasubiriye gutwara inama shingamateka nimba witeze ibiganiro bigushikana gusubira gutwara inama nshingamateka.amase yakera ntagihoma urutaro.

8
Aimé BUKEYENEZA 13-05-2016 à 17:45

Ahubwo Nimunyarutse Kuko Nkurunziza We Twahaze Ibinyomavyiwe Muzoher Kucerekeye Umutekano Muburundi Giriteka Muzoganirenkabanega

9
ernest 13-05-2016 à 12:17

Ahugbo bafatwe bahanwe niwaba ariwe wabatumye nawe ufatwe nta sinafeke ngaho

10
ernest 13-05-2016 à 12:15

Ahugbo bafatwe bahanwe niwaba ariwe wabatumye nawe ufatwe nta sinafeke ngaho

11
Uwimanikunda 13-05-2016 à 10:02

Icombona Nuko Biyemereye Kobazi Imirwi Irwana,bayizi Niyariyo. Vyumvikane Ko Amaraso Ariko Aseseka Muburundi Aribo Bariko Barayasesa Ariko Umutiwikibazo Suwo Nuko Bohangana Nabo Bafise Icobapfa Bagaha Amahoro Twebwe Abanyagihugu Ntibanyumve Nabi Kuko Muvyo Bashikirije Bidondaguriye Abobafoshe Ibirwanisho Nabaribo. Murakoze

12
PATSON 13-05-2016 à 09:52

Sherif mayibobo ni wowe ni mugatuke umukuru wigihugu cyacu PAUL KAGAME Kuko ibikorwa bye birivugira ibibazo byigihugu cyanyu nimwicare hasi mu bishakire umuti Gutuka umukuru wigihugu PAUL KAGAME ntacyo bizabamarira kuko we ICyo areba niterambere ryigihugu cye kandi bigaragarira buri wese mwishaka gushyira ikibazo Ku RWANDA

13
Sherif 13-05-2016 à 08:36

Barundi, nimwemere mutahe murindire muri 2020 kuko abo ba Jean Minani bariko bakorera inda zabo kandi ntaguvu bafishe ngo Bahagane n´ubutegetsi bw´Iburundi, naho Kagame abafasha nagira ndababwire ko ata Kagame yoshobora gukuraho Nkurunziza kuko Nkurunziza arafise strategy kandi n’ubwitonzi ariko Kagame n’ikirwarudubi ninaco gituma ubu Abarundi baramurindiriye arungike abasoda biye Abarundi bacamwereka kandi bazoruhuka aruko bakuye Kagame kubutegetsi. Barundi mumenye ko Kagame yabaye umwana w’ikirobezo ( mayibobo ) mu mabarabara y´imkapala ntafise umutwe wokwiyunvira nk´umuntu akomeye.

14
WASHUSHE KAMENGE 12-05-2016 à 19:07

ICO NIYUMVIRA N’UKO MU RUNANI CNARED BATOTUMIRWA NK’URUNANI AHUBWO BOTUMIRWA BASERUKIRA IMIGAMBWE BATURUKAMWO .IKINDI NACO ABATUMYE HABA IMIGUMUKO MUKUBATUMIRA KUJA MU MABARABARA GUSHIKA N’AHO ABANTU BICWA BUNYAMASWA BITWAJE MAMA NGO ZA MANDAT IBINTU VYINSHI BIKANAHONONEKARIRA MUGUCA IBIHIMBA ABANTU ATARIBO BABIBAREMEYE NIBAZE KO BATOTUMIRWA !TWIZERE MBERE Y’UKO UMUSI URI IZINA URETSE KO RETA IZOBITWARIRA N’IMANA IZOBIBABAZA .

15
Daniel 12-05-2016 à 18:58

Ndashigikiye Minani Nukuri Pierre Nkurunziza Ntiyicamatwi Twarambiwe Nukwabantu Bapfatacobazira

16
J MP 12-05-2016 à 18:20

NDUMVA,UBURNDI BUTARAKI,KUKO UMWEWESE,ARONDERAIVYIWE

17
Wandumu 12-05-2016 à 13:48

Uwomugumutsi yamenyereye gukamisha ibiziga vyabarundi namenye kotwamuhinyuye kera namenye kw,INKONA amase yakera ntagihoma urutaro

18
Muhozi Vianney 12-05-2016 à 09:29

Akokagabo kiyita KAMARO karantangaza ! ahubwo niwe wirirwa uranwa ibiyovya bwenge,kuko nivyo uvuga umengo, igorori rimwe ryarakorotse mumutwe.kuko turavye ingene mwirirwa murica abantu, ntamuntu akwije mumutwe yo kubahuka kunwa amaraso ya bantu, ahubwo mwebwe nimwe atabwenge mufise muhendwa na Nkurunziza petero,rwazobahubutunzi aruko mumaze abatutsi, na bahutu batashigikiye, mwarahezwe kabisa.mwarimukwiye kwikebuka mukagarukiriza ngaho kunwa urwo rumogi Nkurunziza yi rirwa gusomba murikongo, abahereza ngo ntimugire ikinya mukwica. ariko ejo muzobura ahomwihamba, icombona nukuzofata ingingo yu kwubaka ubusho bwishi muzorundwamwo, mwamihimbirimwe ya nkurunziza musubwivyiyumviro numwana vutse.

19
###### 12-05-2016 à 07:37

MUTI

20
Peace 12-05-2016 à 07:15

Uyu mutype yiyita Cakira ngira sumurundi ?Bamwe bahamagarira abantu mubiganiro nawe agahamagarira abandi kuticarana nabandi !Mbe Caki uribuka Buyoya igihe Yaragitwara igihugu Avugako Atoganira nimihimbiri ?None amaherezo yabaye ayahe ?Ibiganiro vya bose niwo muti urama mugenzi

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha