Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC : Abamenyeshamakuru bibutswa akarangamutima k’umwuga
CNC : Abamenyeshamakuru bibutswa akarangamutima k’umwuga
lundi 22 Kigarama 2014
Ibimenyeshamakuru birakwiye kumenya uko bikwiye gukora mu gutanga amakuru yizewe mu gihe c’amatora, kugira ntihabe ugukwega akarambaraye mu gihugu.
Mu ntumbero yo gukarishiriza ubwenge abamenyeshamakuru ku ngendo bogira mu gihe c’amatora, ikigo CNC catunganije umwiherero, uzomara iminsi ibiri, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo 22 Kigarama 2014.
Mw’ijambo ryiwe ry’ugutanguza izo nyigisho z’iminsi ibiri, umukuru wa CNC (Conseil National de la Communication), Richard Giramahoro, yashimiye ibimenyeshamakuru uko vyitanze mu gutanga amakuru no guhamagarira abarundi kwitaba igikorwa co kwiyandikisha kugira bazoje gutora bazokwitabe amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015.
- Richard GIRAMAHORO (hagati), umukuru w’urwego CNC
Nk’uko vyashikirijwe n’umuhinga yakoze icigwa, Innocent Nsabimana, ibihuvya abamenyeshamakuru mu gihe c’amatora ni vyinshi, aho akavuga ukutamenya akarangamutima ko kumenyeshamakuru, ugukavya mu gutanga amakuru, ugutwarira hejuru mu gutanga amakuru adatohojwe, n’ibindi.
- Innocent Nsabimana, umuhinga yakoze icigwa
Richard Giramahoro, umukuru wa CNC agahamagarira ibinyamakuru bitandukanye bikorera mu Burundi ko vyomenya akarangamutima ko kumenyeshamakuru, kugira baze batange amakuru yizewe mu gihe c’amatora. Giramahoro Richard ati : "Umumenyeshamakuru akwiye gukora ataho yegemiye mu gutanga amakuru atohojwe kandi ataca ivutu umunyagihugu ariko arayaronka."

Alida Sabiteka