IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC imenyesha ko amaradiyo 6 azokorera mu runani mu matora y’umukuru (...)

CNC imenyesha ko amaradiyo 6 azokorera mu runani mu matora y’umukuru w’igihugu

lundi 20 Mukakaro 2015

Umurwi w’igihugu ugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC umenyesha ko ibinyamakuru bizokorera mu runani mu kumenyesha uko amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Mukakaro,azoba ariko aragenda mu gihugu cose.

Nkuko vyamenyeshejwe na Richard Giramahoro arongoye urwego CNC urwo runani ruzoba rugizwe n’amaradiyo 6 mu gihugu cose nkuko vyabaye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yabaye kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2015.

Umukuru w’urwego CNC arashimira Reta y’Uburundi kuba yaremeye gutanga uburyo bukenewe kugira urwo runani rukore,agashimira kandi ishirahamwe Search For Common Ground ku ntererano ritanga kuri urwo runani rw’amaradiyo.

Ayo maradiyo ni iradiyo y’igihugu,radio scolaire nderagakura,radio star FM,radio Umuco FM,ABP.


Van Naris Mugisha

Messages

  • turabemenyerey mukuyashikiza kwaramanyanga.yabo

  • AYO MARADIYO YOS NAXARETA,NTA PRIVEE IRIMWN NTIMUDUHENDE.

  • ejo namatora imana ikore nkimana barundi nimurekere poritike abiraba natwe twemere uwezwe numutware yemererayo nukunyene gwasa turemeshe icotwokora twumiwe

  • ariko turaremvye;umuntu yahora yumviriza RPA Isanganiro Bonesha asigaye y’umviriza star-fm canke ijwi ry’umukenyezi mana tabara

  • Izozirakwiye ukuri nikumwe

  • Turavishimiye kuba mu Burundi hasamiranira ama radio 6 nyuma yumwijima wariwarwiriye uburundi nabarundi Niyombare amarenye igihugu amasahamake ariko akavahoyononye ibitaribike harimwo noguturira ama radios urutavanyako mwibuke koyariyatanguye nogusorera radio yigihugu nayongwayiturire ariko abasoda bahacungera bakamubera ibamba, baryanimwenebamwetwita babitumwako.

  • MBEGA RICHARD GIRAMAHORO KO URI INCABWENGE, NDAKUBAZE, RADIO UMUCO FM IVUGIRA KUZIHE FREQUENCES ? NONE WEWE HARYA IWAWE URAYUMVA? BA MUREKA AYO MAREMENTANYA ! ABARUNDI UBU TURABONA. NUKO GUSA UWUVUZE ACA AKUBAGURWA ! ARIKO VYOSE BIZOHERA. IVYO N, IVY, ISI. IMANA IRABONA VYOSE N, IVYIHISHIJE IRABIBONA. MWARI BWABONE UWUGIRA COMPETITION ARI UMWE ? N,IBARA KU MUTEMERE !

  • MBEGA RICHARD GIRAMAHORO KO URI INCABWENGE, NDAKUBAZE, RADIO UMUCO FM IVUGIRA KUZIHE FREQUENCES ? NONE WEWE HARYA IWAWE URAYUMVA? BA MUREKA AYO MAREMENTANYA ! ABARUNDI UBU TURABONA. NUKO GUSA UWUVUZE ACA AKUBAGURWA ! ARIKO VYOSE BIZOHERA. IVYO N, IVY, ISI. IMANA IRABONA VYOSE N, IVYIHISHIJE IRABIBONA. MWARI BWABONE UWUGIRA COMPETITION ARI UMWE ? N,IBARA KU MUTEMERE !

  • Mbega amatora muvuga ni ayahe? Jewe gushika ubu nzi ko ata matora araba!!!

    Le 26 août Nkurunziza azoba ahejeje mandat yiwe ya kabiri kandi yaranse gutunganya amatora yemewe. Inyuma y´iyo taliki Nkurunziza azoba abaye umu sénateur. Hanyuma kandi ni ukuzitegurira kumwitwarira mu bucamanza kuko afise amakosa menshi yo kwica abarundi benshi. Biracaza!

  • mbe ntimwogezaho amang?izo radio mugum mukoresh ibitarivyo.mber izo ntazo tuz ntaniz twemera.nay mator tuziko atarab na1

  • Ishavu ry’imbwa,riherera m’umurizo ibitakuraba uraba hasi kuko hakuvyur’uwukanura akihoza wovyur’uwusinziriye yikangura yitaba ,aho mwaraye mirarasa mutera za grenade ngo muduter’ubwoba ntitwitab’amatora murahumba twarabahinyuye ntitwipfuza kugaruka muri transition kuko turazi kw’arico kirwanisho ça namwe mundongozi zanyu bariko babahendesh’ayo nagiye basahuye Uburundi ntimugasubire kubupfakaza mubinigira mumenshi ,INYENZI Y’ISEMA YURIR’UKUGURU KW’INKOKO nararamvye ngo mbona bibondo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.