Accueil > Amakuru > u Burundi > CNDD FDD : Umunsi wahariwe umurwanyi uhimbazwa n’abanyamugambwe
CNDD FDD : Umunsi wahariwe umurwanyi uhimbazwa n’abanyamugambwe
jeudi 13 Munyonyo 2014
Umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda, asigura ko umunsi mukuru wahariwe umurwanyi ari akaryo ko kwibuka n’ugukeza abarwanyi baguye ku rugamba, hamwe n’abakiriho. Umushingamateka Pascal Nyabenda amenyesha ko uwo munsi atari igikorwa c’igihugu, ahubwo ari ic’umugambwe CNDD FDD.

Umugambwe CNDD FDD waratanguje kuri uwu wa gatatu indwi yahariwe umurwanyi. Mu gihe umunsi mukuru nyenizina w’umunsi wahariwe umurwanyi uhimbazwa ku genekerezo rya 16 Munyonyo, muri uwu mwaka uwo munsi uzohimbazwa kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2014, muma komine yose agize igihugu c’Uburundi. Mu mugambwe CNDD FDD basigura ko ari kubera iryo genekerezo rya 16 Munyonyo muri uwu mwaka rihuriranye n’umunsi w’Imana.
Umushingamateka Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD, mu birori vyabereye i Bujumbura mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu kuri uwu wa gatatu, yamenyesheje ko iryo genekerezo rya 16 Munyonyo ribibutsa umunsi haterwa umukono ku masezerano yo guhagarika intambara kuri iryo genekerezo nyene mu mwaka w’2003, mu gisagara ca Dar Es Salaam kiri mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo munsi nyene, amasezerano y’amahoro ahejeje guterwako umukono, abarwanyi b’umuhari CNDD ico gihe bitwa "Intagoheka" barubahirije ako kamo, basubiza ibirwanisho hasi.
Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko uguhimbaza umunsi mukuru w’umurwanyi mu mugambwe CNDD FDD, ari ugufata umwanya wo kwibuka abasize ubuzima bwabo ku rugamba bariko bahabuza intwaro rusangi. Mu mugambwe CNDD FDD basigura ko bibuka uwo munsi kugira abarwanye n’abinjiye mu mugambwe inyuma y’intambara bame baha agaciro abasheshe amaraso yabo, kandi bame bibuka aho umugambwe wavuye n’abawiguze.
Mu majambo yagiye arashikirizwa muri ivyo birori vy’ugutanguza indwi yahariwe umurwanyi, bagumye bibutsa ko umuhari CNDD wavutse bivanye n’akarenganyo n’agacinyizo ubutegetsi bwari buhari bwerekanye mu gukumira abandi barundi, ari navyo vyatumye hari abafata inzira y’intambara.
Umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda amenyesha ko atawofata ko umunsi wahariwe umurwanyi ari umunsi w’igihugu, kuko ihimbazwa ry’uwo munsi ari iry’umugambwe CNDD FDD.
- Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD




Egide Nduwimana
Messages
13 Munyonyo 2014, 11:06, par matana
ariko vraiment ?wibaza ko aba DD aribo bagwanye urugamba bonyene ?ahumbwo uwomunsi mukuru wabo nuwo kumarira amatungo y’igihugu yarasigaye .hama babise abandi batware ?kuko AMAGURU ARA KURANWA KUJA IMBERE.KANDI NTAMUNTU AHORA KUNGOMA . bye DD
13 Munyonyo 2014, 14:39, par jean makenga
Ico kigega ca reta bagerageza kucoza ukobashoboyepe! Bama mu minsi.mikuru.Ikibabaje bama bagirira lavage du cerveau abanywanyi babo biciye muri runo ruririmbo.Turashima ingingo z’umukuru w’i gihugu,.abagore bavyara kubuntu,abanabiga kubuntu, natwe abanyagihugu turakora ibikorwa vyokwiteza imbere.Murabaza abateye imbere ni 3gusa mu burundi.Norangiza mvuga nti burya kutiga biragatsindwa Nayo abo barwanyi ba dd bazotuzanira akarambaraye bakuye muri kiliba ondes.
13 Munyonyo 2014, 15:01, par Aaron
None ga matana bakubwiye ko aribo barwanye bonyene ? ivyo ubikuye hehe ? uriko urabarengera akarimbi. Niwaba waragwanye nawe ntawakubujije kwibuka amabi waboneye mwishamba. Umusi mukuru en soi si mubi ahubwo kubona umuntu ashobora kwibuka uwo bagoranye baryana amufe c’est genial.Niwaba washatse kuvuga ko hari intwaro mbi ico nico wovuga naye umusi mukuru ni mwiza.
13 Munyonyo 2014, 16:53, par jean
Nakaryo ko kuremesha imbonerakure zikiguye mwishamba zabuze nudufaranga zahora zironka ubu mwabahaye mission yo kwica nukunumya abanyagihugu bakongerabakabihemba mukubasahura utwabo.nimugire mugende mukiribeza ntaco tuzobagiraturabatahura
13 Munyonyo 2014, 17:15, par pierre
Nyamba arugushimiraimbonerakure ivyoziriko zirarangura..muga nuko zipfiriye mwishamba..nayo kwibuka abaguye nabakirihobaba dd..ubuhoiryomugiramusubiremwo ahobukerantimuzorivamwo vuba I congo ntimusubirayo tanzaniya nuko..twe abanyagihugutwarabonye icomwagwanira,nimusezeraneakanyumamushatse mufonde akandi kusi gakuru mutwarayanyuma muga ahomuzoyarira ntahotuzi nayayandimatungo azosubiramuri leta.
13 Munyonyo 2014, 19:54, par YAKUMBA
ninde murimwe yibuka umunsi mukuru wumuganuro wahora uba mumpera zumwaka mumyaka ihise ivyovyose bamwe mubivugishwa nakaborerwe. kamahoro numutekano.vyarondewe nabemeye kwitanga bagatanga ubuzimabwabo kurugamba. uwiyumva kwakomeye arandurutsa intambara asangwa abona ko harintwarombi.ashireho rwiwe, nimba mugomba kuburundi buhinduka. ijuru uwobishobora arajahabona yinege.yerekane icoyize twebwe twibuka abacu twahorana kukakazi kacu kadushikanye kumahoro arama. nam
13 Munyonyo 2014, 21:28, par GEZAHO
Nimureke kwitiranya ibintu,umugwanyi w’ukuri nuwagwaniye democratian kugira itsimbatare muburundi,nabo sabandi na ba CNDD-FDD,ikindi mwomyenya n’uko ryari isezerano ry’umukama,umuhari CNDD-FDD cari icagezwe kuri twebwe abarundi,ninacogituma uzohangama kungoma imyaka n’imyaka.Abantu rero mufise ingorane yokwama muyogora kuma radio mwoshaka mwogezaho.kuko NTIMUKORAKO.niryo ragi abobahisi bacu basize baturaze,Isango ni muri 2015.
13 Munyonyo 2014, 21:49, par nduwayo
jewe nanje naho ndimumahanga biranyibutsa umusi uburobe bwagira bungandagure kubera,imihogo yari yumye nkakizwa namazi akoroka ava kugiti kubera akavura sivyo gusa abantu mwirirwa mucirinkonda gusa ngo mutwawe nabi mukwiye gusuzumwa neza namba mutavutse intambara yaraheze ntimukomeye mumitwe yanyu mukwiye kwicara uruhande rumwe mwibaze neza mwibuke kahise kigihugu mwibuke,imihingo nkayose yigihugu uko vyaribimeze abantubururutwsa mumiduga abazira kobize mwibuke aho umukuru wigihugu aterwa amazirantoke mwibuke kaminuza mwibuke iboro mwibuke amapine nubundi bubisha bwose,bwakorerwa uwitwa koyavutse,arumuhutu naho hoba hari ibigenda nabi turengere igihababu cokugomba ubutegetsi twemere kunomusi hasumba ejo jewe mperuka I Burundi naherekeje inter-star igiye gukina ingongozi naratangaye cane twavuye ingonzi 18h 00 twgeze I Bujumbura hafi satanu ntankomanzi,imodoka yarahagaze epfo yibugarama aho bita kumuheto turasohoka kuruhusha ruto ntankomanzi nukuri jewe kuva mbaye demobilse naciye nigira muvyanje ntapoltiqe ndimwo ariko birazwi kwamabi yose yirirwa aravurwa aramarementanya nayo ibijanye nimbonerakure vyovyo harabo turikumwe hano mumahanga babikoreshejwemwo bamwe bemerewe namafaranga Atari make NGO nibamara kuvugira,kuri RPA bazoca bahungishirizwa mumahahanga bamwe bahisemwo guhunga,batarabikora abandi barakoresshejwe rpa irasasira abanka ubutegetsi ngo nukuri kweruye pasifiqe avyumvisha amakungu ikinyoma gikwirisiyose ngwimbonerakure murine kongo
13 Munyonyo 2014, 22:20, par Nwari
@aaron hewe tubwire izone mwari mwafashe!!!!!ko murabagwanyi????buta,teza,buside,bus ibugarama,etc ok kwica abana nabanyagihugu muca muhimbaza umusimikuru!!!!!!!mbesha ndakwibarize fnl yagwanye kuva1980 kwitawuhimbaza nuko,aribigugu?????hewe ko murabagabo 2015 murasubira muwuhimbaze niho tuzoca tubemera mumutwe ntimugogoye nagato
13 Munyonyo 2014, 23:55, par igihe
Muze mwibuka na ba bana b’i Buta, i Bugendana,...mushimire na barya babikoze kuko niyo demokarasi nyakuri. Uwuramvye azobona.
14 Munyonyo 2014, 08:05, par KURI
MBE KO MUVUGA CNDD YOYO YAVUTSE GUTE?
CANKE YAVUKIYE HEHE?
VYAGENZE GUTE?
Nimwampa inyishu nanje ndababwira ukuri bareke kubahenda
14 Munyonyo 2014, 08:39, par akataretsekabagasema
bareke bawuhimbaze ubwa nyuma bawusezere, kuko mu mwaka uza nkaya mango Uburundi buzoba buramutswa abandi. Ikindi naco niyumvira, jewe nibaza ko, mu guhimbaza uwo musi mukuru, baba bashaka kugumana inzigo y’akazikira k’ubwicanyi; Iyumvire namwe abubahuka bagahimbaza ingene bishe abatutsi b’inzirakarengane, abahutu banse kubakurikira, bagasekura abana mu ma sekuro, bagacumita abantu imigeto ikava epfo igaserukira mu kanwa, bakarisha abantu ku ma barababara ibitaribwa, bagafata abakenyezi n’abana ku nguvu, n’ibindi n’ibindi.................ivyo burya bavyiyibutsa kugirango bazohave babisubiramwo, yamara baragowe ntibafise iyo bazoca ubu hoho, ehe ba rukoti babo baromowe i kongo, ubu bariko bayerera mu mashamba nk’abana b’inyoni. Ndababwiye, kandi mwumve ko ingwano yatangujwe n’abo ba dd, kandi izoherera muri bo nyene. Ni amashetani yigendera muri kino gihugu, yamara Imana iri mu kubakubita inkono ibabaza cane, mwe murindire gato gusa. NI UBWA MBERE KW’ISI YOSE HABONEKA INTWARO YO NYENE IGIRA IKI REBELLE KANDI ARIYO NYENE ITWARA. akari inyuma karahinda, bientôt, "L’ARROSEUR SERA ARROSE" !!!!!
14 Munyonyo 2014, 08:42, par KEKI GO
Ndibaza Ko NKajewe Kuvyumukuru Wumugambwe Yashikirije Kakeje Abapfiriye Bose Kurugamba Nabasigaye AGatako Ngo Numugambwe.Mbe Umugambwe Niwo Wabuze,canke Yokeza Abapfuye Canke Yobahoza?None Baranezerewe Kuba Barapfuye?
14 Munyonyo 2014, 19:19, par nduwayo
mwenewacu nkubaririre mukirundi umuntu atukana akuze aba atarezwe gufata zone canke imitumba amakomine intara nibindi siyo yari intumbero yacu intumbero ya cndd fdd kwarugukora ibitero ahohose haramakambi ibirindiro vyabajandarume kugira twumbishe leta ko akarenganyo agacinyizo akagaye kwica abo ujejwe igisirikare cubwoko bumwe ubutungane butigenga bigomba guhagarara kandi twarabikoze kuko twari dushigikiwe nabanyagihugu namwe namba muri mukuri mukaba mushigikiwe koko nabene gihugu tubipfurije iyo ntsinzi ahubwo iyo wambaza ati mbwira ikambi mwateye mukanesha nayo icokibazo numwana yari kukikwishura nayo ibijanye na NFL,kuba,batawuhimbaza urabibabaza nibaza kwinzego zirongoye uwo mugambwe muzizi MBE nanje nkwibarize kabira,kagame,kobafashe igihugu numuheto haramahoro wabonye barose ubu uribaza iyo ca gisoda bita cabuyoya iyo kineshwa kikomokera mumashamba yakongo biba bimeze gate amahoro twariko duharanira kweri uyumusi abariho? nayo kuvuga,NGO komurabagabo murasubira muwuhimbaze 2015; turabe none ubona cndd fdd ariyabagore gusa ncuti nguhanure,kwiyumvira ko muzotsinda ntivyari bibi ikibi nkweza umutima wawe kobishoboka mraraba neza ntimuzohave musanga mumeze nkakagakwavu kikoreye ingwe ibona kibaza NGO yarapfuye ako nakantu kubwenge
14 Munyonyo 2014, 22:03, par KUMBAYARA
wewe wiyita AKATARETSEmbendakubaze ivyo udondaguye uri mubabikora!? canke murabikorewe!? wabimenyegute? urabifitiye icemeza?mbekutavuze ivyabereye mukivyuka ibubanza? icoba ciza nuko wokwihanura ugatuza mumutwe nayahandi ntihazobura abaturubura: bicaye bazingo cndd fdd ngo izotswindwa, mbenkahamwe bitogenda nkuko muvyiyumvira ntubona ko muzohava mwishira umugozi mwizosi. kandi nicocatumwe abatutsi bagwa mwikosa ryokwica ndadaye. kuko bishizemwo ko batotsindwa ahobatsindiwe biha inkumbi.mugutorumutiwico baribahahamiye. warabonye icovyazanye inyuma yaho.nawe niwaba ukwije mubwenge .rindira ico imana izokora nayahandi abenegihu ntaco barapfa numugambwe cndd fdd. barazi aho wabakuye.wewe uhahamiye ubutegetsi utaruhiye niwe uriko ubiba urwanko namacakubiri mubarundi:???
14 Munyonyo 2014, 22:32, par Nwari
@nduwayo urakoze kunyishuru naho ntakwadiye :nuvise ko intumbero ya DD kwarukwica abatutsi nabHutu kugira reta muyuvishe ko mukomeye mufise abagwanyi??? Amakambi nayo wambariye mwateye nibaza ko ari :buta,teza,bugarama,gatumba,etc sizi ko aho yaramakambi yabSirikare????basi mbarira ikambi 1mwafashe ncanke mwateye??????mugabo icozi amakambi yarategwa na fnl atari cndd fdd???mushingantahe Nduwayo niba wibaza ko twebwe twaca muzira cndd fdd yaciyemwo kugira ifate igihugu /??murararira muzocoka??twebwe tufise ubwenge!!!imimwe yacu irera!!!!twebwe dufise ubuntu,dufise imigambi,dufise gukunda abandi ,ndufise ukwihagana mutafise,:mwebwe mumeze nkaya imfyisi imana yaha igitsembetsembe kugira icirigwane bikayinanira :msnduwayo dd2015 bayiiiiii
15 Munyonyo 2014, 17:57, par Uburwayi
@ Nwari, Ivyowanditse wabisomyehehe murizinyandiko canke mwayamajambo yavuzwe?