IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNIDH usaba amatohoza ku rupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana

CNIDH usaba amatohoza ku rupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana

lundi 3 Myandagaro 2015

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH urahoza umuryango wa Gen Adolphe Nshimirimana yishwe kuw’Imana Igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,umukuru w’umurwi CNIDH Jean Baptiste Baribonekeza yamenyesheje ko uwo murwi uhojeje ibiro vy’umukuru w’igihugu,inzego z’umutekano yakoreramwo,hamwe n’abarundi bose.

Uwo murwi uriyamiriza kandi ubwo bwicanyi,ugasaba abanyapolitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike kwigisha umutima wo gukundana,kubana neza gusoneranira,no kwubaha amateka ya bose.

Muri ico kiganiro,umurwi CNIDH usaba abarundi bose kwihangana,no kugumya ubumwe.Usaba ubutungane kugira amatohoza kugira abakora ubwicanyi baje imbere y’ubutungane kandi babihanirwe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mwebwe murakoze guhoza umuryango natwebwetwese abarundi, ariko ndarindiriye numve bamwe birirwabararirimba ngobaharanira gukura abarundi muvyobita agacinyizo nabo icobahava bavuga bamwe numvise hiyoza Bubilingi ngobumvise igandagurwa rya Adolph ngobaraye baratamba!

  • Eka nyene izina niryo muntu, ubu rero uribonekeje ico uri naho uhagaze , uribonekeje agateka kabo uharanira ! Mbega barya bapfuye kuva muri avril bazira kutemera 3e mandat ntibari mubo waharanira agateka kabo ?
    Eeh Imana yarumvise amaborogo yabahorwa ubusa! Ba muba abashingantahe mureke kuba mwihomeka ku ntwaro iyaryo yose kuko zirahava hakaza izindi ! Herodi yari azi ko atazova ku ngoma !

  • Natwe abakunda igihugu turashimira imana mushobora vyose ko uwamwishe yamugemye atamuhushije.

  • Ntugacire urubanza mugenzawe.mbeweho uzokwanikirwa?bawitonde sga ngaha kwisi tuhatse indaro

  • ndateye’vyaci’abobose’bica’abantu’ataco’babahoro’uwishe’uwundi’ nihakorwe’amatohozo’bamufate’ahanwe’hishunze.amategeko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.