IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNTB ntiyumvikana na Nyakabeto Justin bashaka gukura munzu arimwo

CNTB ntiyumvikana na Nyakabeto Justin bashaka gukura munzu arimwo

jeudi 28 Ntwarante 2013

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 27 Ntwarante, abarongoye umurwi CNTB ujejwe amatongo n’ayandi matungo baje gusohora Nyakabeto Justin mu nzu bavuga ko ari iy’abasigwa ba Kana Stanislas. Nyene gusohorwa yavyiyamirije, urwaruka ruranana, abategetsi bari aho baraciye bakebukana maze bamenyesha ko bazogaruka mu ndwi imwe.

Ntivyari vyoroshe muri komine Ngagara, karitiye ya 5. Kuva igihe c’isaha zitatu zirenga gato, hari abapolisi batari bake, abantu na bo bagwiriyemwo urwaruka, baguma bagwira. Benshi barundana kw’irembo rya nya nzu kugira ngo ntibinjire gusohora ababayo. Abashingamateka bo muri Uprona harimwo Nditije Charles awurongoye, Busokoza Bernard na Gasutwa Bonaventure ni ho bari. Uwundi yari ahari ni umwe mu bagize umurwi w’igihugu wigenga uharanira agateka ka zina muntu.

Baguma babonana n’abo baje gushira mu ngiro itegeko rya CNTB, umunyamabanga ntayegayezwa mu Gisagara ca Bujumbura, bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abandi.

Abapolisi basavye abari ngaho gukinjura, mugabo muri rwa rwaruka, abatari bake bagumye ku muryango.

JPEG - 63.7 ko

Nyakabeto Justin, yaguma avuga ko ariko ararenganywa. Yemeza ko yitwariye CNTB muri sentare ica imanza za Leta, ariko uwuyiburanira atigeze yitaba kabiri kose, kandi n’ubu bafise isango ryo kubura igenekerezo rya 6 Rusama uyu mwaka.
Akagira ati : « Ayo mategeko ni aya hehe, aho umurwi uja hejuru ya sentare ? Kubera iki batitaba. ? »

JPEG - 63.9 ko
Nyakabeto Justin uwusohowe munzu

Arerekana n’urupapuro rw’aho umuvyeyi(nyina) w’abasigwa ba Kana Stanislas yagurishije iyo nzu umugabo wiwe amaze gupfa mu mwaka w’1972. Yayigurishije n’uwitwa Bizimana Petero, mu nyuma arapfa ica iba iya mukuru we Kayibigi, na we yari icariho c’umushikirizamanza mukuru. Uwo rero ni we yaciye agurisha iyo nzu na Nyakabeto mu 1981.

JPEG - 61.4 ko
Butoyi Jean Paul ugumba kwinjira munzu

Ivyo vyose Butoyi Jean Paul, samuragwa w’abasigwa ba Kana aravyiyamiriza. Avuga ko urupapuro rwerekana ko umuvyeyi bari basigaranye yagurishije ari urw’amahinyu. Ngo ni urwa kera ariko imikono iriko ni ikaramu nshasha. Ikindi muri vyinshi avuga, ni uko ata n’amasura ariko kuri urwo rupapuro, kandi ngo nta na hamwe handitse amafaranga nyina yari amaze kuriha, n’ayo uwo bavuga ko yari amuguriye yobandanya ariha.

Igihe c’isaha umunani zibura, abo bategetsi bari aho, bari bamaze umwanya munini bakebukana n’aba CNTB, abapolisi n’abarongoye igisagara. Haheze umwanya utari muto ibintu bikiri uko, bahavuye bamenyesha ko bazogaruka ku musi wa gatatu mu ndwi imwe.


Juste Bigirimana

Messages

  • jewe nsintahura ingene umuntu ashobora kwitwarira uwomurwi ntiwitabe none CNTB irarengeye ubutungane aruko rero CNTB niyakora amakosa ejo tuzoyitwarira hehe???

  • none CNTB ko iburanira bamwe gusa ntiyoburanira aba nya Gihugu birukanywa mu Gasenyi hagomba kubakwa Présidence abahaba bakaba batagira iyo baja, ex: uwari afise itongo yari yomowe n’intambara ya 93 inzu yiwe igasamburwa, yaguma yibaza ko azosubirayo canke Abana n’abuzukuru biwe bakazohaba none babuze vyose, ntaco CNTB yovuga?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.