IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Colonel BARATUZA : Igisirikare c’Uburundi kiriyunze

Colonel BARATUZA : Igisirikare c’Uburundi kiriyunze

vendredi 25 Ntwarante 2016, par egide

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Gaspard BARATUZA yahumurije Abarundi ko igisirikare c’Uburundi ciyunze kandi ko uri urwego rushize hamwe.

Mu kiganiro c’abavugizi b’ubushikiranganji bwose bugize Reta y’Uburundi caremeshejwe kuri uwu wa gatanu mu ntara ya Muramvya, havuzwe ikibazo c’ukwihorana n’ugucanamwo kwoba kwibonekeza mu gisirikare c’Uburundi, aho iyo hishwe umusirikare wo mu bwoko bunaka haca hakurikira urupfu rw’umusirikare wo mu bwoko butandukanye n’ubw’uwa mbere. Colonel Gaspard BARATUZA yamenyesheje ko igisirikare c’Uburundi kitacanyemwo, akavuga ko ibimaze gushika ari isanganya, ko ata kwihorahorana kwabaye.

JPEG - 55.4 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Lieutenant-Colonel Darius Ikurakure yahoze mu mirwi ya kera irwana (ex PMPA) yaragandaguwe, urupfu rwiwe ruca rukurikirwa n’urwa Major Didier Muhimpundu wo mu gisoda ca kera (ex FAB), akaba ari uko nyene vyagenze inyuma y’iyicwa rya Lieutenant-Général Adolphe Nshimirimana (ex PMPA), yakurikiwe na Colonel Jean Bikomagu (ex FAB).


IGIHE

Messages

  • Mubikore ariko mwibuka ko ari mwebwe abarundi mwicana.Nta munyamahanga arimwo.Ni muhebe ivyo vyo kwicana no kwihora kuko nimwebwe muhomba.

  • Uwomugabo Baratuza mbe yi baza kwabanyagihugu turibijuju kabisa aho tutashobora gutahura ibiriko birakorwa ? Nareke kubesha abarundi namakungu ngo igi sirikare kiriyunze, mbe kwavuga ngo rya baye isanganya. urya mugobo yari yaramaze abanyagihugu abakerera nkimpene, abandi abatera ishinge zamasumu, mbe niwe yi rashe ari mubiro? cakabiri kwavuga kwatahorihori rihari,uwomusi kohachiye hagandagurwa Majolo uwomusi nyene asazwe kukabare. nahende abandi. nuwabiriye nyina mukuzimu ya ramenyekanye ! namwe ivyanyu vyaramenyekanye kwigikorwa canyu kwarugucanishamwo abonse rimwe.

  • Mbega Baratuza ivyo ushikiriza nu mwana Wa 5ans ya bibeshuza mbega kwihorana kuribonekeza ahubwo begeze ku Tabwe iteye ubwoba ikizakurikira ni gonecide mbega mw’icana kwa bwa Nkurunziza wiga ramiye igiteka sha igisoda giteye isoni mwamwomoye mbega ntimwabonye misiri ingene babigejeje sindumuja arabahonya hama imbonerakure ziwe abone ingene zijira mu gisoda takomyi

  • Ruduha, umunyamahanga arimwo gose mugabo baca bamwivuna vuba warabibonye nawe, nukuvuga ko barinda gusubira bakaramba abiyita ngo na basoda babarundi ariko bafise ayandi mamuko canke bafise iyindi ntumbero atari yogukunda Uburundi.

  • Abarundi vyarananiranye ko babana kuko hari esprit mbi muri ico gihugu no muri ako karere. Iryinyo ku rindi niyo langage yonyene abicanyi bumva. Iyo kuva mu 65, 72 abishe bakuzako Abahutu, iyo haza kuba iryinyo ku rindi abicanyi bari gutegera ko nabo bava amaraso, bagahagarika.havuzwe umurwi w’ubutunagane, ukuri no kurekuriranira, abicanyi bawamirira kure. Nta kintu na kimwe kibaho gishobora guhagarika ibinwamaraso muri ako karere.
    Umuti usigaye: Guérir le mal par le mal=ijisho ku rindi, iryinyo kurindi.

  • Isaganya??!! Abo batutsi bazica aba officier b’abahutu babarangize ngo ni isanganya.yavugishije ukuri ko abahutu bamerewe nabi.Njye kayihuru prudence nubu mbishatse na kwica abahutu 10 uyu munsi.

  • Barayamaze ko inkoko irara mukigunda bugaca yacitse inkware mbe aba DD ntimuramenyako mutakiri mwishamba mbe ninde yabaraze ikinyoma ico nashaka gukebura abafatira mukivunga abahoze mumirwi irwana ntabwo Bose aribabi kuko harimwo abashingantahe nubu bakigendera akaranga mutima kamabanga bajejwe kuko muraziko bagiye barava mumirwi itandukanye kandi yarifise nivyiyumviro bitandukanye nubu ntaho kagiye abantu bononye igisirikare nakarwi gatoya kakiyoboka uwo mugumutsi nkurunziza mbere mboneyeho nogushimira prime niyongabo kwijambo yaraye ashikirije ryo guhumuriza abasirikare mboneyeho nokumutera intege ngiranti nabandanirizaho mbere nizindi ngingo zose azifate mugusubiza ibintu muburyo uburundi bukeneye abategetsi nkabo nakomere kwibanga gusa fise ubwobako azohava abizira kuko akarwi ka nkurunziza kihaye guhigana nuwowese avuga ukuri

  • Unyegeza Ikaramumpuzu Rikaguturira Bogukura Kwako Gakofero Woca Umenya Neza Ko c hiyunze

  • IGISIRIKARE C’UBURUNDI.KUBWANJE COBAMASO MURIKINOGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.