Accueil > Amakuru > u Burundi > CREDEJ isaba ikingirwa ry’umutekano wa Bob Rugurika
CREDEJ isaba ikingirwa ry’umutekano wa Bob Rugurika
vendredi 6 Ruhuhuma 2015, par
Mw’ishirahamwe CREDEJ(Centre pour le renforcement de l’éducation et du développement de la jeunesse) basaba ko umutekano wa Bob Rugurika umuyobozi wa RPA wokingirwa ubuzima bwiwe ntibuzimangane nk’uko vyabaye ku mumenyeshamakuru wo mu gihugu ca Cote d’ Ivoire Guy André Kieffer.

Nk’uko mw’ishirahamwe CREDEJ babimenyesha inyuma yo kuja kuraba Bob Rugurika aho apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya, baratangajwe n’ingingo yo kumugumiza mw’ibohero. Kubwa Arsène Arakaza arongoye ishirahamwe CREDEJ biragaragara ko ariko azira akarenganyo no kuba yarakoze ku dosiye ikomeye irimwo ibihangange vyegereye ubutegetsi.
Muri ico kigo bafise impungenge y’uko ubuzima bwa Bob Rugurika bushobora kuzimanganywa nk’uko vyabaye ku mumenyeshamakuru w’umunyakote d’Ivoire akongera akaba umunyacanada, Guy André Kieffer, uwo nawe nyene yakora amatohoza akomakomeye ajanye n’ibirwanisho vyinjira bidaciye mu mategeko, ivyerekeye amasoko agaragaramwo ubunyonyezi n’ayandi madosiye menshi yabonekamwo ukuboko kw’ubutegetsi bwa Cote d’ Ivoire.
Uwo mumenyeshamakuru akaba ata yindi mpembo yaronse atari kunyuruzwa no kugandagurwa. Muri CREDEJ bakabona ko bishobora gushikira Bob Rugurika bagafatira ku karorero k’ingene yahinduriwe agasho gikubikubi ata n’uwamenye iyajanywe, igihe bamukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba bamujana mw’ibohero ry’i Muramvya.
Mu kigo CREDEJ basaba abanyagihugu, abanyamahanga hamwe na Ekleziya katolika kuja hamwe bose bakagwanira ko ubuzima bwa Bob Rugurika bukingirwa ntihagire icaba, bakongera bagaharanira ko ukuri kuja ahabona bidatevye.
Floxella Karire
Messages
8 Ruhuhuma 2015, 12:55, par nukuri
ew arsène uri muto asumba ibirumbira vyinshi mur’iki gihugu!!courage n’ishirahamwe ryaw.