Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Cristiano Ronaldo avugwa kurondera urukundo hagati y’abakobwa (...)
Cristiano Ronaldo avugwa kurondera urukundo hagati y’abakobwa 2
mercredi 11 Ntwarante 2015
Inyuma yo guhebana kwa Cristiano Ronaldo na Irina Shayk, hari amazina y’abakobwa bivigwa ko hoba harimwo umwe yoba agira akundane n’uwo mukinyi mpuzamakungu, abakobwa babiri bavugwa barabihakana.

- CR7 muri Rolls Royce
Umusatirizi wa Real Madrid Cristiano Ronaldo canke CR7 bivugwa ko ariko arondera gusubira mu rukundo inyuma yo kuvana na Irina Shayk bari bamaranye imyaka 4 n’amezi. Hari amazina y’abakobwa avugwa cane ko hoba hari umugambi wo gukundana na CR7 naho bavyamirira kure
Uwa mbere n’umumenyeshamaku Lucia Villalon akora ku mboneshakure y’umurwi wa Real Madrid"Real Madrid TV". Uwo yarabajijwe ku migenderanire afitaniye na CR7, nawe ati:" Jewe turumvikana nawe co kimwe n’abandi bose dukorana. Kandi ndamukunda nk’umukinyi canke nk’umuntu. Ariko ku vyo nzi kuri we, ni uko ari umuhungu ameze neza. Ikindi novuga n’uko imigenderanire dufitaniye ari iy’akazi. Nta nakimwe dufitaniye kiri mw’ibanga. Ntihagire uwibaza ko ntanze uyu muco kubera hari ico niyotsa, kuko mpagaze neza mu rukundo".

- CR7 na Lucia Villalon
Uwundi avugwa ni Vanessa Huppenkothen, uwo na wenyene yarabajijwe ku migenderanire afitaniye na CR7. Uwo nawe yishuye ati:" eka jewe sinzi uwo mupira w’inzahabu"(Non, je ne connais pas le Ballon d’Or). Yanditse kuri Twitter yiwe bisa no kwikura izo nsaku. Bisa n’uko womenga uwo mukobwa ari Miss Mexique.

- Vanessa Huppenkothen
Naho biri uko, bivugwa kandi n’ikinyamakuru www.public.fr ko CR7 yaguze imodoka yo mu bwoko bwa Rolls Royce, bigasa n’uko yoba yiteguriye kwakira umugeni mushasha.
Cherif Nkeshimana
Messages
25 Nzero 2017, 18:20, par Niyongabo Blaise
uyo nu mustar akundan nuwashak erega afis amaher?
20 Ndamukiza 2018, 12:31, par Ininahazwe Jimmy
uyu numustar kwisi yarurema niyompamvu akunda uwowese ashimye.
29 Mukakaro 2018, 03:14, par Jewe ndi Niyonkuru
IYI NKURU IRATWENGEJE CANE BIRENZE%