Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Cristiano Ronaldo yakiriye umupira w’inzahabu yahukanye
Cristiano Ronaldo yakiriye umupira w’inzahabu yahukanye
jeudi 15 Nzero 2015
Urukundo rw’umukinyi Cristiano Ronaldo na Irina Shayk ntiruhagaze neza, ahubwo bivugwako rushobora kuba rwaranaheze. Cristiano ntiyigeze aronka ubutumwa bwo ku mukeza buvuye kwa Irina umunsi yahabwa umupira w’inzahabu.

Ayo makenga avuga ko CR7 yoba yarahukanye na Irina shayk yatanguye kwibonekeza kuva aho CR7 yahabwa umupira w’inzahabu wa gatatu. Kuri uwo munsi w’ibirori ntibagirwa mu buzima bwa CR7, uwo yita pfampfe wiwe Irina ntiyahahonyoje ikirenge. Ico gihe bivugwa ko yari yibereye gusama akayaga ku mucanga.
Eka na Cristiano yarerekanye ko atagikundanye na Irina, nawe ahejeje kwakira umupira wiwe w’inzahabu wa gatatu yaravuze ijambo. Mw’ijambo ryiwe, Cristiano ntiyigeze acisha mu kanwa kiwe izina ry’umugore wiwe Irina. Yaretse kuvuga izina rya Irina mu gihe yavuze cane umuryango wiwe, ikindi catangaje benshi mukwemeza ko bavanye, n’uko mu birori Cristiano yari kumwe n’umwana wiwe w’umuhungu Cristiano Junior ari nawe bajanye gutora umupira w’inzahabu.

Tubibutseko Cristiano wo muri Portugal yubakanye na Irina Shayk wo muri Russie kuva mu mwaka w’I 2010, bamaze kuvyarana umwana umwe.


Cherif Nkeshimana
Messages
15 Nzero 2015, 20:15, par Samweli
Chanela
16 Nzero 2015, 17:26, par desy
birababaje cane gose. ariko kandi vyerekana combien urugo ari projet y’Imana Dieu notre createur, ntushobora gushiburir’Imana hanze hama ngowitege kwubaka neza’’impossible’’ nigute ushobora gutwara umupira w’izahabu...ariko ukananirwa nogutwara(kumetriza) uwomwubakanya???
nta bwenge kuko Imana le createur,fondateur w’ingo n’imiryango barayikuye mungo zabo niyompamvu bakora vyinshi vy’ubuhizi ariko urugo rukabata kuwamazi.
ata guca bugufi,ata gusabana pardon murugo,abantu babiri badasa(femme
17 Nzero 2015, 09:15, par kiki
Ntabwo bashingiranwe kandi ntibabyaranye. Umwana wa Christiano ntabwo Ari uwa Irina