Accueil > Amakuru > u Burundi > Dawn Liberi avuga ko atazokwibagira urukundo yabonanye Abarundi
Dawn Liberi avuga ko atazokwibagira urukundo yabonanye Abarundi
samedi 23 Mukakaro 2016, par
Uwahora aserukira igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi, yasozereye ikiringo ciwe mu Burundi. Bitegekanijwe ko azotahuka mu gihugu ciwe kuri uwu wa mbere, uwuzomusubirira nawe akazoshika mu Burundi mu kwezi kw’umunani.

Mw’itangazo yasohoye, Ambassadeur Dawn Liberi yamenyesheje ko igihe yashika mu Burundi mu mwaka w’2013, igihugu c’Uburundi cari mu nzira y’amahoro n’iterambere. Yibutsa ko cari igihugu gikwiye gufatirwako akarorero ku bwiyunge mu bihugu bivuye mu ndyane n’intambara.
Avuga ko ico gihe hari ubwigenge, abantu bagashikiriza ivyiyumviro mu mwidegemvyo. Ikindi naco avuga, Uburundi bwarerekanye ishaka rwose mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bindi bihugu.
Ariko umupfasoni Liberi yemeza ko hari vyinshi vyahindutse muri iki gihe, akagira ati : « Ikibabaje uyu musi Uburundi buriko buca mu ngorane nyinshi muvya politike, ubutunzi n’imibano, hatibagiwe no muvy’agateka ka zina muntu. Mugabo rero, twizeye ko abegwa n’ibibazo vy’Uburundi bazohitamwo inzira y’ibiganiro n’amahoro. Turizigiye inkomezi ziri mu bakiri bato z’ukwubaka igihugu cabo kubwa kazoza k’imiryango yabo. Haracari ivyizigiro ko Uburundi buzogumya imigenderanire n’ababufasha hamwe n’abagenzi babwo harimwo na Amerika, aho kubaha umugongo."
Dawn Liberi avuga ko naho agiye imigenderanire y’abarundi na Amerika izogumaho, akipfuriza Abarundi kurama hamwe n’amahirwe.
Naho Ambassadeur Liberi afise ivyizigiro ku bijanye n’imigenderanire, bamwe mu bategetsi ba Amerika baratunzwe agatoke na Reta y’Uburundi incuro nyinshi ko bashigikiye abayigwanya. Dawn Liberi avuga ko ivyo bitazobuza Amerika kubandanya ishigikira Uburundi.
Yagize ati : « Mu migenderanire y’ibihugu hama hariho ibihe vyiza na bibi. Muri iki gihe, turiko duca mu bihe bitoroshe nikwo. Ariko reka ndabivuge ntomoye, Amerika ntiyigeze kandi ntiriko irafata mu mugongo umuntu n’umwe agwanya Reta y’Uburundi. Twarabivuze kenshi, reka ndabisubiremwo. Ariko turazi ko hari ibibazo, nico gituma duhamagarira Reta n’abatavuga rumwe nayo kubitorera umuti. Imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburundi yarabandanije. Turafise umugambi wo gufasha imfashanyo iki gihugu y’ama miliyoni 50 y’amadolari. Kuva nshika ngaha mu 2013, twarafashije mu vyerekeye amagara y’abantu, kugwanya inzara, Sida, twarafashije mu matora tubicishije muri IFS, n’ahandi. Rero twagumye dufasha kandi tuzobandanya."
Dawn Liberi avuga kandi ko hamwe Uburundi bwobisaba, Reta ya Amerika yotanga abahinga b’ugufasha amatohoza kugira ukuri kuje ahabona kuvyo Reta y’Uburundi yagiriza Urwanda ko rufasha abashaka kuyisenyura. Reta ya Amerika yaramenyesheje ko izofata mu mugongo intambuko zose z’ukuri.
Mu myaka itatu yari amaze mu Burundi, Ambassadeur Dawn Liberi avuga ko mu bintu atazokwibagira mu Burundi ari urukundo rw’abarundi n’umugenzo wo kwakira neza abantu. Avuga ko ivyo yabibonye mu bantu baciririkiye mu mitumba yo mu ntara no mu bakomeye n’abahambaye.
IGIHE
Messages
23 Mukakaro 2016, 13:13, par Saïdi Anicet
Natwe Abarundi Turagushimiye.Nawentu,ntihobura Ico Bodushimirako.Vyose Ntivyoba Bibi.
23 Mukakaro 2016, 13:19, par FESTUS RUTANA-GIHARO_MUHAFU
Irambire muvyeyi wew niw uje uvuga neza uburundi uruta 5 bamw babusabira ibihano
23 Mukakaro 2016, 13:27, par kazekurya
koko muvyeyi we urumunye politic akwiye.i gire amahoro uzotanga inkuru K uvyo wabonye iburundi.hanyuma ubabwire ati f asha iburundi burimwo abagabo
23 Mukakaro 2016, 14:46, par INTAGOHEKA
GENDA NAWE MUBARI BADUHANZE NAWEWE URIMWO ARIKO IMANISUMBINGABO MUZODUSIGA
23 Mukakaro 2016, 15:40, par Mob
Arabahenda
23 Mukakaro 2016, 23:08, par Mutama
Niko benewacyu bo kugiye mbibalize nkubaza abanyamakuru !!! ubu abanyu barenga 20.000 basomye iyi nkuru nta comments nibura nka 20 batanze ???
Try to a bit professionals brother !!! and we like you
24 Mukakaro 2016, 07:35, par Turabategerejye 444
Hari Ibyo Ushima Iwacyu , Nibyo Ugaya ! Natwe Haribyo Dushima Kuri Amerca Na Uburundi , Ariko Hari Na Ibyo Tugaya : Turagaya Guhagarika Ifashanyo , Gufata Mumugongo Abahungabanya Uburundi
24 Mukakaro 2016, 08:16, par CAKIRA
Kazima wabonye ko tuzi kwakira neza,niwigire amahoro ariko nuko utavuze inkoho zafatiwe mumiduga ya HCR ukibagira ko igihe habaye coup d’etat abazungu 2 barikumamoto bariko baratambana nababasazi,reka kutwiyezako sha!yaba amerika idukunda yodukuyeko umukoshi kagome!!
24 Mukakaro 2016, 20:03, par Giry
Abarundi tuzopfa turushe kubera inda ndende ya nkurumbi,ariko narindire na Amini dada vyaramurangiranye.
24 Mukakaro 2016, 20:09, par Giry
Abarundi tuzopfa turushe kubera inda ndende ya nkurumbi,ariko narindire na Amini dada vyaramurangiranye.
25 Mukakaro 2016, 06:38, par Dus Ann
Abategetsi nkabo bahesha agateka igihugu ni bo bakenewe
25 Mukakaro 2016, 06:43, par Dus Ann
niko biri
25 Mukakaro 2016, 10:16, par POLE
NEZEREJWE N’UKO ASEZERANYE NA NKURUNZIZA NAHO BARI BASHATSE KUMWIMBIRA ICOBO NONE ARAMUSIZE,
25 Mukakaro 2016, 15:26, par Unifier
YOU ARE RIGHT MADAM , HONESTLY SPEAKING BURUNDI LAND IS NOT IN A EVERY DANGEROUS SITUATION THAN IT WAS IN THE PAST WHEREBY SOME PEOPLE WERE TREATED LIKE ANIMALS AND DISCRIMINATED OF NOT TAKING ANY PART OF THEIR COUNTRY,S ORGANISATION
25 Mukakaro 2016, 15:27, par Unifier
YOU ARE RIGHT MADAM , HONESTLY SPEAKING BURUNDI LAND IS NOT IN A EVERY DANGEROUS SITUATION THAN IT WAS IN THE PAST WHEREBY SOME PEOPLE WERE TREATED LIKE ANIMALS AND DISCRIMINATED OF NOT TAKING ANY PART OF THEIR COUNTRY,S ORGANISATION
25 Mukakaro 2016, 15:28, par Unifier

25 Mukakaro 2016, 15:29, par Unifier
YOU ARE RIGHT MADAM , HONESTLY SPEAKING BURUNDI LAND IS NOT IN A EVERY DANGEROUS SITUATION THAN IT WAS IN THE PAST WHEREBY SOME PEOPLE WERE TREATED LIKE ANIMALS AND DISCRIMINATED OF NOT TAKING ANY PART OF THEIR COUNTRY,S ORGANISATION
25 Mukakaro 2016, 15:30, par Unifier
YOU ARE RIGHT MADAM , HONESTLY SPEAKING BURUNDI LAND IS NOT IN A EVERY DANGEROUS SITUATION THAN IT WAS IN THE PAST WHEREBY SOME PEOPLE WERE TREATED LIKE ANIMALS AND DISCRIMINATED OF NOT TAKING ANY PART OF THEIR COUNTRY,S ORGANISATION
25 Mukakaro 2016, 15:31, par Unifier

25 Mukakaro 2016, 15:32, par Unifier
YOU ARE RIGHT MADAM , HONESTLY SPEAKING BURUNDI LAND IS NOT IN A EVERY DANGEROUS SITUATION THAN IT WAS IN THE PAST WHEREBY SOME PEOPLE WERE TREATED LIKE ANIMALS AND DISCRIMINATED OF NOT TAKING ANY PART OF THEIR COUNTRY,S ORGANISATION
25 Mukakaro 2016, 15:33, par Unifier
YOU ARE RIGHT MADAM , HONESTLY SPEAKING BURUNDI LAND IS NOT IN A EVERY DANGEROUS SITUATION THAN IT WAS IN THE PAST WHEREBY SOME PEOPLE WERE TREATED LIKE ANIMALS AND DISCRIMINATED OF NOT TAKING ANY PART OF THEIR COUNTRY,S ORGANISATION
26 Mukakaro 2016, 00:06, par rukundo
natwe ntutuzokwibagira kuvyo watumy dushikako ntuzigera uva mumitima y’abarund kand urwo rukundo ukuye ino uzorusangize n’abandi
26 Mukakaro 2016, 10:30, par rugayimbwebwe
kutamenya ubwenge ningwara.kiratemurura ngo uwomupfasoni avuzukuri canke ariko aragihema.niho bavuga kurya ntakwije kweli.uwutaha natahe uwundiwe ntagahuzagifise mumakungu.