IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Defile ndende y’ukwigina imyaka 53 Uburundi bwikukiye

Defile ndende y’ukwigina imyaka 53 Uburundi bwikukiye

mercredi 1er Mukakaro 2015

Ibirori vyo kwigina imyaka 53 biriko biraba, umukuru w’igihugu akaba yamaze gushika ahateguwe kubera uwo munsi mukuru.

Abatari bake bitavye ivyo birori, aha tukavuga inzego zitandukanye z’igihugu. Abariko baragira defile bagendera ku muziki w’abasda. Abariko baragira iyo defile hakaba hatanguye abafise imyaka 53, abingoma barakurikira, abiyereka, abarimyi, fondation salama, abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu nabo bafise idrapo ririmwo isanamu y’umukuru w’igihugu, hamwe n’abakorera mu bushikiranganji butandukanye.

Mwomenya ko abandi bariko bahimbaza uwo munsi, mu gihe komine ya Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura bo, amasasu menshi ariko aravuga ari menshi, abanyagihugu binyegeje mu mazu.


IGIHE

Messages

  • nivyiza kubona twarikukiye! yamara nuko uwo musi mukuru uhimbajwe hariho abari mubuhungiro!!!

  • Uburundi Ntabwo Turikukira Mu Gihe Harabarundi Bahunga,bicwa,bapfungirwa Ubusa,bahohoterwa ,bacibwa Imitw,basahurwa,.,ivyo Vyos Bikagirwa Nabo Bakingiy,ahubwo Je Mbona Hopfuma Hagaruka Abazungu Bobo Tudasangiy Igihugu Nurukoba Ahuko Tuguma Dufatwa Mpiri Na Bene Wacu.Duhindur Ingndo Ahandiho Nta Kwikukira Ni<neocolonisation>.

  • nivyiza kubona twarikukiye! yamara nuko uwo musi mukuru uhimbajwe hariho abari mubuhungiro!!!

  • TWARIKUKIYE NUKO HARIHO INJAVYI ZISHAKA KUTURERERAKO ABAZUNGU

  • abo mu cibitoke za mutakura nahandi mwihangane kuko nibwobuzima mwahisemwo,burya mwigize abahinga mwigira intagondwa mwari muzi ko bizoherera hehe? mwibuke italiki mwabitanguriyeko ariko iyobizohererako ntayomuzi,...ndabagira inama yo gusabikigongwe Leta nabarundi ndetse namakungu.hanyuma nanwe musubire mutekane.mwibuke imigumuko itaratangura ukuntu hari hameze neza...muvuga ngo mumyaka 10 yose ntamahoro mwigeze muronka...ngiruyumusi niho muyafise

  • AHONDI NAJE NDARYOHEWE MUGABO NZORYOHEGWA KURUSHA LETA YEMEYE KUGANIRA N’ABO BATAVUGA RUMWE KUGIRANGO ABARUNDI BOSE BARYOHEREGW’UBURUNDI KKO NDABONA GWASA,LEONCE NDITIJE, MINANI N’ABANDI BENSHI MWAHOTOYE MUKWANKA KUBUMVIRIZA BARABABAYE CANE!! NATWE TWASHAKA KO MURYOHEGWA MWESE MWABANYEPOLITI MWE!!! UBURUNDI N’UBWA BOSE!!!

  • Nne ko bamwe baryohewe abandi barira kandi bavugako hari amahoro kubwanj ntamahoro iwacu imana nikize abisirayeli mu maboko ya FARAWO

  • mwoduha video yuko biriko biragenda. Imana ifashe uburundi n’ababutuye.

  • UBURUNDI BUFISE INTARO SINZI NABASHAKA GUTEMBAGAZA UBUTEGESTI BARIBIHENZE ? NIBARABE UBUTUNZI NDUFISE.

  • Umusi Mukuru Mu Burundi Wokwikukira Wangenze Neza Muntara Zose Turiko Turawuhimbaza Nakanyamuneza Keshi Twishimira Namatora Meza Twaraye Dutoye Abazoturongora

  • UBURUNDI BUFISE INTARO SINZI NABASHAKA GUTEMBAGAZA UBUTEGESTI BARIBIHENZE ? NIBARABE UBUTUNZI NDUFISE.

  • EMWE NTIBABAHEME YITABWE NABASIRIKARE NABAPOLICE GUSA ABANDI NIBAKE CAANE KUKO NABAGIYE NABATEWUBWOBA KO BATAGIYE BACA BAKUGWA KUKAZI OYA YEMWE NTAKWIKUKIRA NAMBA UBUGAYEMWE HARUMUNTU ARI MUKIGIHUGU GITWA NA PITA YOVUGANGO YARIKUKIYE?

  • @jean. Abo wita bake cyane nibande? None niba Musaga yonyine ituwe n’intagondwa zitagera na 0, 5/100 byabarundi ariyo yabuza ikamyo kugenda. Ahubwo amatora yaheze uyu ni umwanya wo gukandagira ibiceri bikiri munzira.Byagombye guhunda kuko ikamyo izoca ibikandagira biturike

  • Kuba Twari kuyeko intwaro y,ABABIRIGI ndavyemera,arko ubu dusumbwa nuko abazungu aribo bodutwara,ehe namwe murabe kuba coloni ntawe yafatwa ngo n,umukeba,ngwe mama ngo n,igipinga,RWAGASORE we yoza agasanga turiko twicana bamwe baraswa abandi bafungwa abandi bakomoka,ndazi ataravye yohakwa kwiyahura,barundi bene wacu tureke kwicana nta nyungu irimwo guses,amaraso.NKURUNZIRA Pierre ubwo arabaho canke yarapfuye?ninde yompa inyishu?ndahojeje ababuze ababo bahitanywe na leta ya NKUR.

  • Nkumuntu Avugako Tutikukiye Sindamwumva Ariko Ntivyontangaza Na Yesu Ntiyemegw Muntara Iwabo Kandi Yakora Ibitangaza Bavyibonera Ukivuga Kotwotwagwa Nabazungu Nturumundi Kirimwabagabo Ntabazungu Dukeney Twarikukiye Abonibabandi Atamahoro Bashaka Ikindi Uwuzotangura Intambara Iherere Iwemurugo Ngiramurahaye Mubibona Barundi Bafatana Munda Ibuka Bujumbura Ukuntu Yarishajije Atamigumuko Iraba

  • mbe mutabazi aho wahereye wandika amateshwa warekanye nibyabatundi ugahangana nakagame we yatumye ugumuturatuza yamara we sumwana mumutwe nkico kigugu ngo ninkurumbi interahamwe namwe muracapfuye mwangara kuko nubundi muri benewabo na GAHINI

  • JEAN ubwo wew uriyumvira cank uri mur bwabwoko bwa pacific urashobor kwifatira abanyagihugu?wew ur mur babandi bashka intwaro mfata kibaza urab nez

  • nuko ibirori nkivyo bibaye harabahunze abandi bariko bararaswa!biranababaje

  • Hahahahaaaaaa. Ivyo bavyita kwidigadiga ngo twarikukiy ahantu tubeshejweho n,imfashanyo, ducurwa bufuni na buhoro na benewacu, twicwa ku bwinshi atacamira, bimw twicwa n,inzara abandi basahura ivyotunz igihugu cos bakavyihariza nk,uko umengo n,itunga barazw na ba se. Ico nico twitakwikukira. Amacakubiri aranga abaturongoy bagashaka kuryanisha abons rimw nivyo twita kwikukira. Aho hari abigiz utumana uwo bashats bakamwaka ubuzima bakaguma bidegemvya.

  • Hahahahaaaaaa. Ivyo bavyita kwidigadiga ngo twarikukiy ahantu tubeshejweho n,imfashanyo, ducurwa bufuni na buhoro na benewacu, twicwa ku bwinshi atacamira, bimw twicwa n,inzara abandi basahura ivyotunz igihugu cos bakavyihariza nk,uko umengo n,itunga barazw na ba se. Ico nico twitakwikukira. Amacakubiri aranga abaturongoy bagashaka kuryanisha abons rimw nivyo twita kwikukira. Aho hari abigiz utumana uwo bashats bakamwaka ubuzima bakaguma bidegemvya.

  • TWAGUSHIMIYE CANE MUTAMA KUBONA WASUBIJE ITEKA WAMWIGEME ABAGUMUKA BAKUBAGUYE BUNYAMANSWA,IMANA IKOMEZE IKIJE IMBERE. WEWE KORA ABAVUGA BAZORUHA CANKE BIYAHURE.

  • Uwutemera kotwikukiye sinomwita ikijuju ariko ninaco kukowe ntarikukira kubona umuntu afise ubwenge bamuhenda akaja kwica abantu canke akirirwa yangara mwibarabara ngo ari muri manifestation bahamagawe numuntu atanagatumba atwara bigaragaza komutarikukira mumutwe nimurindire kwikukira arikomuzosanga abandi barabasize, nobahanura gukanura mugaheba,abo mu cibitoke none ntibabariyeko uwuzowucana uzoherera iwe nibarindire nibindi, none baraba babona bariko barunguka?ntibabona kobasubiza inyuma ubwambere iwabo?guhungu kuva kera impunzi zamyeho harinabo mwangaje nubu bataratahuka barya bahunze bagira mubuhunzi numunyenga ariko nibaza bazowumva natwe ntitwari twiyanze kumyaka twabumazemwo nibahonje nabo umve, turakeje abarundi bose kumusi muykuru wokwikukira, n`amatora meza mwaraye muikoze, twiteze nayandi meza mundwi zitagera kuri zibiri, abipfuza kuja mumatora barinze kuganira ntaco boba bagiye gukora kuko boba bamaze kuronka ibibanza, nimukomere mubandanye kwitera iteka

  • Dusigaye Ducinyizwa,twicwa Nabirabure Nkatwe Ngo Twarikukiye?!Ndyamye MuNZU Mfise Diplome Zigerekeranye Ngo Twarikukiye!Arikotuguma Dusenga Kubwimana Tuzokwiganzura Aba DD!BA DD IMANA IRIHO KDI YITEGUYE KUDUTABARA!

  • Dusigaye Ducinyizwa,twicwa Nabirabure Nkatwe Ngo Twarikukiye?!Ndyamye MuNZU Mfise Diplome Zigerekeranye Ngo Twarikukiye!Arikotuguma Dusenga Kubwimana Tuzokwiganzura Aba DD!BA DD IMANA IRIHO KDI YITEGUYE KUDUTABARA!

  • Ko Twiginy Intahe Y Ukwikukira Hari Abarundi Bahunze,hari N Ibice Vy Uburundi Amasase Yiriwe Aravuga,twarikukiye Abarundi N Uburundi Twese?

  • Egome" twarikukiye", none ga yemwe nk’iyo stade yasize yubatswe n’ababiligi, ubu tukabatumaze 53 ans twikukiye tukaba tutarayihindura!! None abo tuvuga ko twikuyeko iyo babonye bimeze uko batwiyumvira gute?

  • mbe ngo yinyegeje muri blinde, none atinya hiiiiiiiiii, urabesha umunsi imana yagukuyeko ukuboko uzocumitwa nihwa.

  • Twarikukiye 100% ariko abobariko baravugako tutikukiye nibamwe babona bananiwe kubananabandi ngaha mu Burundibwacu bakacabiruka mububiligi kukonyene bishakira intwaro zigikoroni nicogituma guhera ubu tumazekubonako abadukoroneza baratekeye baragenda ariko bacabakomeza kuzabararondera bamwe mubitwa abarundi gukomeza kudutesha umutwe babifashijwemwo nabobadukoroneza kugira abobadukoroneza bumveko twoheba tukavuga duti nimugaruke kudukoroneza. Ivyorero ntibizikunda teshwamute twariyemeje kubamaramaza ntakinya.

  • MPERUTSE KUBONA UMUNTU YANDITSE KURI FCBOOK ATANGA ICIYUMVIRO AVUGAKO UBURUNDI BUKWUYE GUKURA DOUBLE YUMBENEGIHUGU KUKO ABAFISE DOUBLE YUBWENEGIHUGU ASANGA BIKORESHA UKWOBISHAKIYE MU BURUNDI MBERE UGAZANGAMENGO BARIKOBARAGENDERA KUBATEGEKO YOMURIBURIYA BIHUGU BAFISEMWO UBWENEGIHUGU, TWEBWERERO ABARUNDI TUDAHARITSE BAKADUTA MUKANGA HANYUMA BAKACABIGIRA NONEHO BAGATANGURA KWIREBERA IVYAGO BADUSUTSE MUMBONESHAKURE NOMURIZA FCBOOK NOMUBINDIVYOSE BISHOBOKA. JEWENANJE NDAMUNGANIYERERO UMUNTUWESE YABA NUWUDAFISE DOUBLE YUBWENEGIHUGU IMBERE YOGUSHINGWA AMABANGA MUGIHUGU CANECANE MURI RETA, VYOBANGOMBWAKO UMURYANGOWIWE UBURIMUGIHUGU NDAVUGA KUBANTUBAFISE UMUGORE CANKE UMUGABO NABANA, BAGATEGEREZWA KUBABARI MUGIHUGU ARIKO NTIBITABUJIJWE ABAGENDAKWIGAHANZE YUBURUNDI BOKOMEZA KUJAKWIGAYO CANKE ABAGENDA GUKORA UBUKAZI HANZE YU BURUNDI NABONYENE BOKOMEZA GUKORA UBWOBUKAZI ARIKO BABIZINANYEKO NA RETA. NUKURI BAMWE MUBANTU BARIMUNZENGOZA RETA BATWAYE ABAGOREBABO NABANA KUBAMUBINDIBIHUGU BARATUBANGAMIYE CANKE BARAGISIBIJE.

  • C’est maigre comme images de la journee de l’Independance du Burundi, none vyoba vyavuye kuki ngo mureke kutwereka amasanamu y’abanyagihugu bavyitabiriye?

  • Abazungu badukubita ibimoko tugatanga amagi ku nguvu ubu naho,ico KIMOKO gifiswe n’imbonerakur aho zica zigakubita,zigafunga uwo zishats,OBR ikaturihisha umurengera non itandukaniro ririh?Hikukiy Nkurunziza n’abiwe gusa.

  • TURASHIMA INTAMBWE TUGEZEKO MU BWIGENGE BWACU NA CANE CANE KO TWARAYE TURONSE INDONGOZI ZIBIKWIYE TWITOREYE...IGIHE CA COUP D’ETAT CARASEZEREWE CYRILLO,NIYOMBARE,......byee.....

  • turashima imana kubikorwa vyiza ikorera uburundi.
    uburundi nubwimana.
    dusenga dutora abadufasha gukora.

  • Umunsi Mukuru Mwiza Wo Kwikukira Kubarundi Bose Ndashimira Nyenicubahiro Se Barundi.

  • Ngo bubaye ubwa mbere umukuru w’igihugu aja mu bwugamo bukingiwe n’ibiyo bitamemwa n’amasasu! Bwabundi nawe arakunda ubuzima! Niyibaze ko ubwiwe bufise agaciro nk’ubw’andi Barundi bose, kandi umwe umwe muri bo abukunda akabutinyirira nka we.

  • Iyo defile ndende ko mutayitwereka iri hehe? Canke muriko murisekera?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.