Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Dlamini Zuma na Augustine Mahiga basaba Reta gukorana na UA kugira harungikwe abasoda ba MAPROBU
Yanditswe taliki ya 9-01-2016 - isaha 08:00' na IGIHE

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Dr Nkosazana Dlamini Zuma ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Tanzaniya Dr Augustine Mahiga basaba Reta y’Uburundi gukorana n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kugira harungikwe vyihuta abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU.

Mu rugendo umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Tanzaniye yagize i Durban mu gihugu ca Afrika y’Epfo kuwa gatatu igenekerezo rya 5 Nzero 2016,ari kumwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bamenyesheje ko batewe impungenge n’ibihe vya politike,umutekano n’agateka ka zina muntu Uburundi burimwo kuko bishobora kugira ingaruka mu karere kose.

Bamenyesheje ko ari ngombwa ko hagira igikozwe kugira ibiganiro atawe bikumira bibe,kandi muri uwo mwanya hakamenyeshwa ko amabi yose ategerezwa guhagarara,gutyo inzego za Reta n’abanyagihugu bagakingirwa.

Bamenyesha ko banezerejwe no kuba ibiganiro vyarasubiye gutangura mu Buganda ariko bakamenyesha ko bizeye ko ibiganiro i Arusha bizobandanya nkuko yasabwe n’umuhuza Yoweri Museveni.

Ku bijanye n’abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’umushikiranganji w’imigenderanira muri Tanzaniya bamenyesheje ko urwo rwego ata yindi ntumbero bifise atari iyo gufasha abarundi gutorera inyishu ibibazo bibahanze.

Bamenyesheje ko abogira ico bafasha mu Burundi bokorera hamwe mu ntumbero yo gufasha abarundi gutera imbere mu nzira y’amahoro n’umutekano.

Ivyiyumviro vyanyu

Ubwo bugabo bushigikiw na sinduhije bafadikanij nibihemu nka nyangoma,jean minani,n’aband barikumw ..turabanyotew bazoher nkifu y’imijir !mbe ikirober caj mucibitok kigez he ?niyombar we ari he ?bikomagu we ?

13.01.2016 à 09:54
BACEMWO

Ivyo vyose mu banka kugira ukuri ntikumenyekane

11.01.2016 à 21:22
Willy NZOZIR’UKURI

izongabo zitaje turahona ntakabuza.Aho mwahereye muvuga ivyo mudashira mungiro,namwe muratinya nkurunziza yarabananiye vaho !

11.01.2016 à 20:00
Aime mugisha

njewe ndabura abakingirwa abaribo ?!

10.01.2016 à 18:21
eric

namba abo bohanz bakeney kudukingira braza badutor tuj kwibera iwabo mbere tubabis, ego !nivyog. nn k batubbaye mukugomba kudukingra !

9.01.2016 à 21:51
egooo !!

Ibitabarababemurabahasi
abarunditurazubweng

9.01.2016 à 20:53
Bukurukayogoro

NTABIVYO ?WAGAKECURUW !NIBAZE TUZOBAHIRAGATI TURASE BAJ TUZOBARYINYAMA

9.01.2016 à 20:00
ZURU Z B N

Ntabodukeneye kuko ntantambara iri mu Burundi.Gusa hari uturwi tw’intagondwa utwonatwo ntacobuza ko ingabo z’igihugu zituvugutira umuti.

9.01.2016 à 18:51
Fulgence

turabashimira nkabarund bifuza amahoro numutekano mugihug tukabasaba kurungik izonteko vyank bikunda kuk avènement barageramiwcne turangije tubashimira kugoro mugirir abarund mukomere

9.01.2016 à 17:51
felicien

turabashimira nkabarund bifuza amahoro numutekano mugihug tukabasaba kurungik izonteko vyank bikunda kuk avènement barageramiwcne turangije tubashimira kugoro mugirir abarund mukomere

9.01.2016 à 17:49
felicien

NIVYIMANA

9.01.2016 à 14:28
MBEGEDU

Hora UA mwebwe ntajambo mugira uwo munwa wanyu kuva aho mwadedembeye vyarabananiye,nkurumbi twebwe tuzomwikurirako nimutenyenye gato.

9.01.2016 à 13:51
Nkurumbi

Dlamini risobanura kudaramira uyo mudamu ni Umkungu peee Naho vyoba Ari infungurwa ntushobora kuzitamika umuntu ariko akubwira yuko atazo akeneye mbe ndaretse abo Bicanyi agomba kuturungikira imiheto y’ubumara twateze ababirigi turacayifise mbe ntimwobarungika muri Libiya TUZOBARWANYA TWIVUYE INYUMA

9.01.2016 à 12:18
LCB

Nibaze ahubwo baratevye uburundi bugez kure

9.01.2016 à 10:43
hashim darma

Nimugerageze muhanure ariko nintumva.
Abo basirikare ni baze, kuko igisirikare Cireta ya Nkurunziza caramaze gutakaza akarangamutima, nahataribose, kuko bacumugani ngo ifi imwe iyiboze nizikomeye nazonye zica zononekara.

9.01.2016 à 09:26
Mpozamarira Erias

Nimugerageze muhanure ariko nintumva.

9.01.2016 à 08:46
Mpozamarira Erias

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.