IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Domisiyano Ndayizeye asaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu (...)

Domisiyano Ndayizeye asaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro

lundi 10 Myandagaro 2015

Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi asaba abegwa n’ikibazo ca politike kiri mu Burundi,gusubira mu biganiro,kuko aho bigeze ubu intumbero y’ibiganiro yataye inzira.

Domisiyano Ndayizeye amenyesha ko kwica uwo mudahuje ivyiyumviro vya politike atariyo nzira yotorera inyishu ikibazo c’Uburundi.Avuga ko hageze ko ingendo y’ubwicanyi mu Burundi ihagarara.

Uwo yahoze arongoye Uburundi ariyamiriza kandi ubwicanyi bwahitanye Lt Gen Adolphe Nshimirimana,hamwe n’ivyabaye kuri Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH,aho yarashwe n’abantu bataramenyekana.

Domisiyano Ndayizeye amenyesha ko ari vyiza ko abegwa n’ikibazo c’Uburundi begerana bakaganira,bagahagarika imvo iyariyo yose ibatuma ubwicanyi,bagakurikira inzira y’ibiganiro nkuko vyasabwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.