IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Domitila Kiramvu yahawe akandi gashimwe

Domitila Kiramvu yahawe akandi gashimwe

mercredi 27 Ntwarante 2013

Umumenyeshamakuru akundwa cane mu gihugu c’Uburundi akorera radiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA n’iradiyo y’Abadagi Deutsche Welle, yahawe agashimwe kitiriwe PRIX D’EXCELLENCE POUR LA LIBERTE D’EXPRESSION katanzwe n’ishirahamwe ry’abarundi baba mu gihugu c’Ubufaransa. Ako gashimwe kagiye kumwongereza inguvu n’ingoga mu kazi kiwe ko gutangaza amakuru.

JPEG - 49 ko

Kiramvu Domitile ni umukenyezi atera inkuru aho aba ari hose naho yoba ari mu bihe bigoye. Mu rugendo aherukamwo mu gihugu c’Ubufaransa, aho yitavye inama mpuzamakungu y’abakenyezi bavuga ururimi rw’igifaransa aho hari kuwa 20 Ntwarante uyu mwaka turimwo, ku butumire bw’ubuserukizi bw’ubufaransa i Bujumbura, ntiyari azi ico abarundi baba mu gihugu c’Ubufaransa bari bamubikiye.

Inyuma y’iyo nama, abarundi baba mu bisagara vyose vy’Ubufaransa baramuteguriye agatutu gateye igomwe nk’uko amakuru yo kwizerwa aho i Paris abitumenyesha. Hari ku mugoroba wo kuwa 22 Ntwarante i Paris ku murwa mukuru w’Ubufaransa. Abo barundi bahurikire mw’ishirahamwe ryabo ryitwa "BURUNDI AVENIR" niho bamushimira ku ntererano y’uwo mu narugo w’ abana batatu ku kuntu aharanira ukwishira no kwizana mu gushikiriza amakuru. Kubwa NTWARI Gustave aserukira "BURUNDI AVENIR" aho mu gihugu c’Ubufaransa, barateye iteka KIRAMVU Domitila mu kumuha ako gashimwe kubera yitanga cane mu kazi kiwe ka misi yose ko gushikiriza amakuru.

JPEG - 49.5 ko

Kiramvu Domitila yarabuze amajambo avuga ahawe ako gashimwe. Avuga ko yanezerewe cane kubona yatowe mu bamenyeshamakuru benshi. Nk’uko abandanya abivuga, ako gashimwe bise " Prix d’excellence pour la liberté d’expression" kamuteye intege n’inguvu zo kubandanya aharanira ukwishira no kwizana mu gushikiriza amakuru yubahirije amategeko agenga umwuga wo kumenyeshamakuru. Ako gashimwe akaronse inyuma yaho ishirahamwe rirwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta rimuhaya agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA mu mwaka w’2012, hari kuwa 16 Kigarama 2012.


Patrick Wasso

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.