Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC: Abakenyezi bo mu Burundi basaba guserukirwa ku bice 50 kw’ijana mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC: Abakenyezi bo mu Burundi basaba guserukirwa ku bice 50 kw’ijana mu (...)

EAC: Abakenyezi bo mu Burundi basaba guserukirwa ku bice 50 kw’ijana mu nzego

samedi 19 Nzero 2013

Naho utwigoro tutari duke twamaze kugirwa mu ma Leta atandukanye y’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko,abakenyezi bo m’u Burundi basaba ko amasezerano yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ku bijanye n’ibitsina yoshirwako umukono.

Nkuko Justine Nkurunziza icegera c’uwurongoye FORSC yabimenyesheje,ngo ntibarashika ku rugero bipfuza mu bijanye no guserukirwa mu nzego zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko kuko bipfuza guserukirwa gushika ku bice 50 kw’ijana.

Kubwiwe ngo ntihakenewe ibiharuro vyinshi kugira babone ubusumbasumbane mw’itangwa ry’ibikorwa mu nzego kuko urabiye mu manama atunganywa canke mu makomite igitigiri c’abakenyezi usanga kiri hasi cane ufatiye ku gitigiri c’abagabo.

Kubwo uwo mukenyezi asanzwe ari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike ngo ni uko ibice bimwe vya politike vyosubirwamwo ku neza y’abakenyezi.Akaba yavuze ko amasezerano yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ku bijanye n’igitsina ataraterwako igikumu yoshobora gutuma igisata c’igitsina cisungwa ku nzego zose harimwo mbere n’ibijanye n’ubuserukizi.

Uwuserukira CAFOB Anatolie Ndayishimiye, nawe nyene avuga nka Justine kuko kubwiwe ngo, abakenyezi ntibazokwigera bahimbarwa mu gihe batazoba barashikira ibice 50 kw’ijana mu nzego.

Avuga ko intambwe imaze gushikwako m’u Burundi ishimishije kuko ngo ubushikiranganji bwo mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’u Burundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko bwamye burongorwa n’umukenyezi, eka mbere ngo no kuba hari abakenyezi mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’ubuseruko ni ikintu gishimishije. Ariko rero ngo bagomba mu mwaka wa 2015 ibice 50 kw’ijana vy’abagabo n’ibice 50 kw’ijana vy’abakenyezi.

Abakenyezi b’abarundi ngo bakaba bahura n’ingorane zitari nke mu mashirahamwe, kuko ata buryo bwo gukurikirana neza ibibera mu karere, mu gihe bisaba uburyo butari buke bushika ku madorari igihumbi k’umuntu kugira ashike mu nama ziba ari ngira kamaro.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.