IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard arasigura igituma Reta itaserukiwe mu bikorwa vy’ugutanguza (...)

Edouard arasigura igituma Reta itaserukiwe mu bikorwa vy’ugutanguza MENUB

mardi 13 Nzero 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA amenyesha ko kuba Reta y’Uburundi itaserukiwe mu birori vy’ugutanguza icese ibikorwa vya MENUB (Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi) bidasigura ko hari ukutumvikana. Edouard NDUWIMANA avuga ko Reta y’Uburundi na MENUB bari mu biganiro kugira baze bamenye ico uwo murwi uzoba ujejwe, impande y’umurwi CENI utegura amatora.

Kuri uwu wa mbere niho hatangura ku mugaragaro ibikorwa vya MENUB, umurwi warungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira uzokurikirane amatora yimirije mu Burundi. Muri ivyo birori, uretse abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, nta ntumwe n’imwe yaserukiye Reta y’Uburundi, canke umurwi CENI ujejwe gutegura amatora mu Burundi. Cassam Uteem, intumwa idasanzwe ya Ban Ki Moon mu Burundi, akaba n’umukuru wa MENUB (Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi) yamenyesheje ko ata birori nyezina vy’iyugururwa ry’ibiro vya MENUB mu Burundi Burundi, ko ivyo birori bizoba mu minsi iza naho atashikirije uwo musi uwariwo.
Kubwa Cassam Uteem, ni iteka ridasanzwe ku Burundi, kuko bubaye ubugira gatatu gusa ONU ishizeho igisata kijejwe amatora mu gihugu.

JPEG - 23.7 ko
Cassam Uteem, intumwa idasanzwe ya Ban Ki Moon mu Burundi, akaba n’umukuru wa MENUB (Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi)

Cassam Uteem yashikirije ko amatora ari ikibazo ca poritike, iyo nayo ikaba igizwe n’ibiganiro vy’ibibazo vyoba vyadutse, ari naco gituma CENI yashimiwe kuba yaratunganije ibikorwa vy’ukurabira hamwe uko igikorwa c’ukwandika abazotora cagenze, kugira bihweze hamwe amakosa yabaye bongere barabe ingene yokosorwa. Cassam Uteem yarateye intege umurwi CENI ko wobandanya ivyo biganiro, mu ntumbero yo kugarukana icuka ciza hagati y’abanyeporitike.

N’aho Reta y’Uburundi itashoboye guserukirwa muri ivyo birori, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yasiguye ko ata kutumvikana kuri hagati ya Reta na MENUB. Edouard NDUWIMANA, mu nama yabaye kuri uwu wa mbere hagati y’abakuru b’imigambwe naba buramatari, yamenyesheje ko hari ibitaraterwako umukono hagati y’uwo murwi na Reta, agahumururiza abanyeporitike. Kubw’umushikiranganji NDUWIMANA, nta ngorane ihari hagati ya Reta na MENUB, kuko ni Reta nyene yasavye abarorerezi boza imbere, mu matora nyezina hamwe n’inyuma y’amatora. Nk’uko abandanya abisigura, iyo hari abakozi ba ONU barungitswe mu gikorwa mu gihugu, hategerezwa kubaho amasezerano, ayo nayo akaba yatebejwe n’uturuko twahahora tw’iminsi mikuru y’ugusozera umwaka, ari naco gituma ayo masezerano ataraterwako umukono, kugira yihute kuboneka. Edouard NDUWIMANA ati : "Abaserukira Reta ntibari kujayo ayo masezerano atarabaho."

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Egide Nduwimana

Messages

  • ivyo nivyo kirazira kwihenda mu gihe bisaba umukono

  • - Naho leta y’Uburundi yatumyeko abo muri ONU ngo baz guhagarikira amatora leta yibagiye ko ONU idashobora kubemerera ubusuma bateguye kugirango bigumize kubutegetsi kandi batatowe nabarundi
    - Ahubwo ONU nukuhakanurira kuko FDD CNDD yateguye ubusuma bukabije mukwandika abazotora batabaho, hamwe nabana batarakwiza imyaka yo gutora, hamwe nabiyandikishije incuro nyinshi bomuri FDD CNDD DES FRAUDES MASSIVES DANS L’ENROLEMENT DES ELECTEURS vyateguwe nuwo mushikiranganji nyene numugambwe wiwe
    - ONU NE PEUT PAS DEPENSER DES MILLIONS DE DOLLARS POUR FAIRE UNE SIMPLE OBSERVATIONS C’EST UN NON SENS,
    - IL FAUT QUE LE MENUB AVALISER LES RESULTATS ET FAIRE LA CONSULTATIONS DES PARTIS POLITIQUES , LA SOCIETE CIVILE ET LES CONFESSIONS RELIGIEUSES SI NON LE FDD CNDD A DEJA PREPARE LA FRAUDE DES ELECTIONS COMME EN 2010
    - Iminsi yigisuma iraharuye, ubusuma bateguye abarundi baramaze kubibona

  • EDOUARD NONE AZOBA HE AZORUSHA BIZOZA MU MA 1972!!!!! YEMWE JEWE NIBAZA KO ONU ATACO IBABWIYE KUKO NTA MUGAYO NTA MATEGEKO BAKURIKIZA WOGIRA NGO SI ABANTU BABA AHA KWISI..NO MU BIKOKO HARI AMATEGEKO YEMWE...BARAVYIBUSHE GUSA NTA KINDI NUKURI

  • MUBESHA BA NDE KO TUMENYA IBIBA MURI KINO GIHUGU???PETER IKITAGIRA INYUNGU YA MANDAT YIWE Y UBUSUMA NTUMUBAZE !!!!REKA BASHA MBE KO MBONA MWIGIZE ABICANYI IBISUMA MUSHAKA KUBICA NABO???EREGA NTACO MUTINYA TURABIZI?????

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.