Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana aragabisha abashira poritike mw’itangwa ry’indangamuntu
Edouard Nduwimana aragabisha abashira poritike mw’itangwa ry’indangamuntu
lundi 8 Kigarama 2014
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aragabisha abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, akabagiriza ko ikibazo c’itangwa ry’amakarata karangamuntu bagihinduye ica poritike.
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, yagabishije abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, akavuga ko bashira poritike mu kibazo c’itwangwa ry’amakarata karangamuntu ku banyagihugu bariko bariyandikisha kugira bazoshobore kwitaba amatora yimirije mu mwaka w’2015. Muri ico kiganiro, Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aremera ko hari utunenge twibonekeza mw’itangwa ry’amakarata karangamuntu, ariko akavuga ko umurwi CENI wonyene ariwo ufise uburenganzira bw’ukuvuga urugero bw’utwo tunenge, hama uwo murwi nyene ugafata ingingo. Kubwa Edouard Nduwimana, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bagize ico kibazo ica poritike ku nyungu zabo, akavuga mbere ko hari abarementanya bakavuga indangamuntu zafashwe aha na hariya, kandi atarivyo. Edouard Nduwimana avuga ko abo bantu bamaze guhinyuka.
- Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Uwo mushikiranganji agabishije abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu gihe mu mihingo itandukanye hadasiba kuvugwa amakarata karangamuntu afatwa ariko atangwa muri magendu, mu kinyegero, ayandi agafatwa yahawe abadakwije imyaka, canke abanyamahanga. Akarorero ha hafi ni amakarata 80 yafatanwe abantu babiri ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ku Musaga, ayo makarata akaba yari yaje ava muri komine Kinindo na Rohero.
Egide Nduwimana
Messages
8 Kigarama 2014, 20:11, par Christopher
Ugara ayo menyo ntawukeneye Ku kumva uvuga ayamuhe. We are sick and tired of listening to your rubbish.
8 Kigarama 2014, 22:37, par So
Chrstopher, iciyumviro cawe ndagisomye ndabuzemwo ijamboryagishingantahe ! Ngomenyo! None kwamenyo arigice Imana yaremye ushatsekuvugako arikosha kub’Imana yararemye amenyo? Nayokuburwayi nuburuge uracabugize mbere mumisi bizovamuburuhe bije mumvune.
9 Kigarama 2014, 04:59, par samuel
Christopher,you sound like maggot in the drain.shut up chris or ur mouth will be filled with ants.we are watching u closely.leave the minister alone and do his job.am warning u
9 Kigarama 2014, 07:35, par uncle jj
wigra umunyabweng m uri gugu.nnurahndura icera icirabura?kitabay ikibazo ca politik coba ikihe?
9 Kigarama 2014, 20:49, par Thérence
nitube dutahura igikorwa umuntu umwumwe wese ajejwe!non umukuru wa ceni ajejwe kuraba utunenge tur mw’itangwa rya karangamuntu?ash nimba atari ubwenge buke ako si akazi kiwe!!!!!
9 Kigarama 2014, 20:58, par Birasesemye
Ariko murabona abantu binyegeza inyuma yutuzina gwa neck name bakabura icobavuga kumushikiranganji wigihugu bakavugango nakureho amenyo ngokuko bazi ataza ngaha kubasubiza bibaza Ko twebwe abereye umushikiranganji wigihugucacu dushobora kwihanganira amashano yabaraho tuzokomeza kubiyamiriza vyasebikunze, nayomwihenze mukabona kogutukana ataco bizobashikanako mukihenda mugakkrahasi ngomugire uwomuteribuye tuzobereka Ko natwe twariturindiriye uwudusomborotsagusa tubacakire tubegeranirize ahantuhamwe kubera twebwe kwica ntivyemewe kiretse ari by accident.
9 Kigarama 2014, 23:14, par joshua
emwe barundi ubu mwize icongereza koko mwakimenye!!!!!nico muvuga mugutukana aho kuyaga muhuza.kundane!!!