IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana asaba abarundi kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu ari (...)

Edouard Nduwimana asaba abarundi kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu ari benshi

lundi 20 Mukakaro 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana atera akamo abarundi kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu gusumvya uko bitavye amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka.

Edouard Nduwimana ashimira abitavye amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine kuko babungabunze amahoro n’umutekano.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana amenyesha ko ingingo zose zikenewe zafashwe kugira umutekano uzobe wubahirijwe ku biro vyose vy’itora mu gihugu cose.

Edouard Nduwimana arangiza ashimira imigambwe yose yitavye amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yo kuwa 29 Ruheshi 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.