Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana: Imyiyerekano nihagarare hatangure ibiganiro
Edouard Nduwimana: Imyiyerekano nihagarare hatangure ibiganiro
lundi 4 Rusama 2015
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana ahamagarira abari mu mabarabara guhagarika imyiyerekano, kugira hatangure ibiganiro hagati yabo na Reta y’Uburundi.

Inyuma y’amasaha 48 y’akaruhuko ndetse no gushobora gufubana iteka abasize ubuzima mu myiyerekano, abateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza basubiye kwihereza amabarabara mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Rusama 2015.
Naho biri uko, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana arahamagarira abari mu myiyerekano kuyihagarika, kugira hatangure ibiganiro. Nk’uko yabimenyesheje, ibiganiro bikaba bitegekanijwe k’umunsi wa kabiri igenekerezo rya 5 Rusama, bikaba bitumiwemwo abaserukira imigambwe yemewe n’amategeko, abazokwitoza nk’abigenga, abaserukira amadini, abaserukira ibinyamakuru ndetse n’abaserukira Reta.
Edouard Nduwimana aramenyesha ko muri ico kiganiro, bazorabira hamwe uko amatora yotegurwa mu mahoro n’umutekano, kugira n’abarundi bashobore gusubiza umutima mu nda.

N’aho uwo mushikiranganji asaba ibiganiro, abateguye imyiyerekano bo bavuga ko ivyo biganiro bidakenewe kuko, amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro bitomye neza. Leonce Ngendakumana arongoye urunani rutavuga rumwe na CNDD FDD ari mu batunganije iyo myiyerekano, akaba yamenyesheje ko urufunguruzo rw’amatora meza, n’uguhagarika imyiyerekano, rufise Petero Nkurunziza. Uwo arongoye ADC Ikibiri ati :’’ Petero Nkurunziza agahagarika kwitoza ubwa gatatu, duca tuva mu mabarabara’’.
Alida S.
Messages
4 Rusama 2015, 12:19, par miburo
ntampamvu nimwe yibiganiro kuko amasezerano y i arusha nibwirizwa shingiro biratomoye Nkurunziza nareke kwitoza kuko ibiringo vyiwe vyarahenze ikiriko nihabe ibiganiro hagati muri cndd fdd batore uzoserukira umugambwe mumatora umukuru wigihugu.twese abarundi turi inyuma ya Gaciyubwenge na Prime
4 Rusama 2015, 13:44, par kanyankore
Mubahate umuriro izo mbwa ngo ni cndd bangare,batorongere babure amajyo baragatsindwa n’Imana y’i Rwanda
4 Rusama 2015, 14:30, par Iyumenya
Aba DD murinkehabwenge,ibiganiro musaba nivyiki ko amategeko atomoye usomye neza ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha none ngo mugomba ibiganiro.Edouard Nduwimana sha uri sugabo koko.
4 Rusama 2015, 15:52, par G.H.
@Miburo, ivyo uvuze ni ukuri kabisa. Nkurunziza navavanure na Cndd-Fdd abarekere uburenganzira bwabo bwo kwitoramwo no gutanga umu candidat bonyene bipfuza et non impose par les gros poissons du Parti, ataruko imyiyerekano irabandanya...
4 Rusama 2015, 16:06, par Jean Paul
Leonce turazi kuromvugakuri murarek bamwe babandanye imyoyerekano namwe mugende mwumvirize, ivyo bababesha twedushaka mahoro nugutwagwa neza ntitubabaja babandi nimukomere turinyuma namasemgesho bizogenda neza yesu numwami imyaka yose ntawuhora kumgoma atar, imana gusa niyisubireko mushiranganji muhanure wehongirango yokumvira mureke kudufindanirako. philipo nawe mumwize kuvuga neza kukwicudashaka ko bakugirira ntucipfurizabandi na kararashaje.
4 Rusama 2015, 16:26, par minani
nimugane inzira y’ibiganiro kuko amakungu nivyo abasaba si non aba DD baraba bariko barabarusha diplomacie international,kuko n’inrwano zose zikomeye zaranze kahise kahano kw’isi zahagaritswe n’ibiganiro.
4 Rusama 2015, 16:34, par eric
ndanezerewe cane ubwo reta yemeye ibiganiro ndafise umwisero ko hari ikizavamo kiza kubarundi bose. ibiganiro ni ok.
4 Rusama 2015, 19:13, par nzeyimana
Ndanezerewa nuko hoba hagira hatangure ibiganiro hagati yareta nabateguye imyiyerekano twizereko hazovamwo ikintu gitomoye
4 Rusama 2015, 20:43, par Jenjeka
Ico kiganiro twovuga ko ari diversion. Ntakizovamwo, turazi ingene uwo mushikirangaji Edouard yasambuye imigambwe yose itavuga rumwe nabo. Kwanza nibatangurire iwabo muri Cndd-Fdd, tuzoheza tumenye natwe ingene tuvyifatamwo. Abarundi barayamaze ngo Agatoki kamenyereye gukomba kama gahese. Nahebe!
4 Rusama 2015, 20:51, par Desire
Vyoba Vyiza Atbari Mumyiyerekano Bayihagari Babanze Baje Mmivyo Biganiro Aho Bukera Koko Kubana Twumvikana Iyo Niyo Nzira Irashe Twese Nitwaba Abagabo Igihugu C,UBURUNDI Kizoguma Mukajagari Ok
4 Rusama 2015, 21:08, par Sindimwo
Ibiganirwo ni bibe hagati ya CNDD FDD bareke gukwirikira nk’ibijuju shebuja wabo. Mbega none barakenyeye bigure umu president biboneka neza ko ataciyumvira neza? Nibarabe rapport medical yiwe basanga atashoboye kugira decision itomoye. CNDD FDD niyisubireko ive mu buja bwa Petero. Aba CNDD sitwese tumushigikiye gusa bamwe baratinya iyo uwurwaye mu mutwe afise ubushobozi burengeye.
4 Rusama 2015, 21:41, par vava
ariko abarundi turagoye nibitbe bumva icibabwira ESE haruwanka icatumvise
4 Rusama 2015, 21:58, par karabaye
Ibiganiro vyiki?ubu murakenyeye mwisburireko nkimpene hanyuma ngo ibiganiro?ntibikenewr ahubwo later nimumubwire yisubireko ago abereye ikijuju ntiyabonyeko mumutaye murudubi land I mutazomuherrkeza irahe mwese.kimwe harabo bazojanayo.
4 Rusama 2015, 22:06, par BWARIKINDI
JEWE SIMBONA KWIYOMYIYEREKANO IVA KUKIRINGO CA3 AHUBWO HARI ICINYEGEJE INYUMA YIVYO, MBONAKO HARIMWO. KWANKA UMUGAMBWE CNDD-FDD. URUNUKA. MUGABO IYO NZIRA BAFASHE SIYO BATARAVYE NEZA RUDAHITANYE UMWISHUZA RUZOHITANA UWISHURA,.
4 Rusama 2015, 22:13, par Hamisi Boase
Nduwimana ninde yamutumye amaso yibikere ntabuza abavoma abo bagira ivyiyerekano bareke batakaze umwanya ntavya kigobe nakajaga dukeneye.
4 Rusama 2015, 23:16, par Adolf
Vyababuriye babuze Ayo bacira nayo bamira .ivyipfuzo vy,abanyagihugu nivyo bizokwama bitsinda.ibiganiro n,ivya cnnd-fdd amasezerano aratomoye.nkurunziza natubise .siwe wenyene n,uwuzomusubirira amenye ko amasezerano ya Arusha atomoye neza.
5 Rusama 2015, 00:40, par nzomukunda Eric
Kabisa Mutama leonce ngendakumana yarivumereye kweri. Urufunguruzo rw’amatora meza ni petero nkurunziza arufise.akaramuka ashinguye akarenge mu matora yokwitoreza ikiringo ca gatatu nukuri amatora azogenda neza.knd n’abenegihugu baca Bava mu mabarabara nkuko nyakubahwa leonce abivuze.
5 Rusama 2015, 18:41, par dodo
nihamwe umwana yanka ikimanyu agatahira intete nayahandi yakwijije nawenyene yarivugiye ko uwuriko arwana nabanyagihugu aba arwanya imana none yibaza ko azohava ayinesha?emwe akataretse kaba gasema
5 Rusama 2015, 20:25, par Ezechiel
Umuti nukuja mumatora niyoyoba icabona kuko ibwirizwa shingiro abaryanditse bashizemwo ingingo zivuguruzanya (nibabimarire mukazu kitora)naho kugumura abantu udashobora kubakontorora ngo umenye uko bakora sivyiza kuko nkubu bamwe mukuja mumyiyerekano babanza kunywa ibiyayura mutwe imogi nibindi nkubu harabantu bagiye kwicwa ninzara hama ukuva ngo nuguharanira agateka kabo ariko bamenye ko ivyo atacubahiro bibaha kumvaharabantu bapfa bishwe namasasu nizara nibindi ababikora bamenyeko abantu arab’Imana ataribo babaremye Bamenyeko Izobishuza
7 Rusama 2015, 10:34, par martijn
igihugunica barundi kandinibobamushijeho kandininabobamwanse ugwangwanira imbugita itarirwawe ikaguci;ntoke.
7 Rusama 2015, 22:06
vyukuri uwomugabo niwe afise urupfunguruzo
8 Rusama 2015, 11:46, par CLOVIS
Ab Bagesera Bo Mumyiyerekano;ntiboyihagarika,hanyum Amatora,akazirobanurir?Batinyik,ko Bishing Guhend Ab Banyagihugu Bato Bato?
2 Myandagaro 2015, 10:42, par CRAUDE
Mukamenge Adorfe Ngo Yapfuye Nivyo?