IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana yasibije urugendo rw’amahoro rwari rwateguwe

Edouard Nduwimana yasibije urugendo rw’amahoro rwari rwateguwe

vendredi 20 Ruheshi 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yabujije urugendo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yari yateguye kuri uwu wa gatanu, mu gusaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH amaze ukwezi kurenga mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Mw’ikete yarungikiye ayo mashirahamwe, Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yamenyesheje ko ayo mashirahamwe yorindira, kuko atotanga uruhusha rw’urugendo rwo gusabira kurekurwa Petero Karaveri Mbonimpa, kandi dosiye yiwe yaramaze gushika mu butungane. Edouard Nduwimana ahubwo akabona ko ayo mashirahamwe asanzwe yama mu myiyerekano, ivyo akabivuga yisunze isekeza "Vendredi vert" ryatangujwe n’ayo mashirahamwe, aho abantu bose bashigikiye ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa n’amatohoza kuvyo yavuze agakorwa, bambara impuzu z’urwatsi rutoto ku minsi yose ya gatanu. Inyuma y’aho arungikiwe urwo rwandiko rwo kumenyeshwa urugendo rwari rwateguwe n’ayo mashirahamwe, Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasavye mbere abajejwe intwaro kutazosubira kwakira mwene izo nzandiko zisaba imyiyerekano, canke ingendo z’amahoro.

JPEG - 28.7 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike babona ko umushikiranganji Edouard Nduwimana yarengeje urugero, kuko ashaka kwimana uburenganzira abanyagihugu barekurirwa n’ibwirizwa shingiro. Kubwa Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, Edouard Nduwimana siwe avuga ivyo abantu bogirako imyiyerekano n’ivyo batoyigirako. Ibwirizwa shingiro niryo ritanga uburenganzira bwo kugaragaza umunezero canke umubabaro biciye mu myiyerekano canke ingendo zo mu mahoro, ababishaka bakabimenyesha gusa kugira bacungererwe umutekano. Vital Nshimirimana arongoye FORSC agatangazwa n’ukubona umukuru w’igisagara Saidi Juma, n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bompi bankira ayo mashirahamwe gukora urugendo rwo gusaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa. Muri ayo mashirahamwe bakavuga ko bagiye kuzokwitwarira abo bategetsi bashaka guhonyanga uburenganzira abanyagihugu bahabwa n’ibwirizwa shingiro.

JPEG - 33.3 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Tubibutse ko urwo rugendo umushikiranganji Edouard Nduwimana yasibije rwari rutegekanijwe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2014. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yashaka gusaba irekurwa ry’umukuru wa APRODH amaze iminsi 35 mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kuva ku genekerezo rya 16 Rusama 2014. Petero Karaveri Mbonimpa yafashwe kw’itegeko rya Salvator Ndayiziga batazira Nyamizi, icariho c’umushikizamanza wa Repuburika i Bujumbura. Petero Karaveri Mbonimpa yagirizwa icaha c’uguhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu. Mbonimpa Petero Karaveri yagirijwe ico caha inyuma y’aho avugiye amakuru ajanye n’itangwa ry’ibirwanisho mu Burundi, hamwe n’urwaruka rw’abarundi rujanwa mu myimenyerezo ya gisirikare i Kiliba Ondes, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Bitegekanijwe ko mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahava agendera Petero Karaveri Mbonimpa, kw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nduwinda aho ivyo uriko urakora uriteguye kuzovyemenga?
    mbega n’amashure wize ubona ko ubuzima buherera muri DD
    none inyuma y’ubushikira ngaji uzoca uja he?

  • BIRABAJE KUBONA NDUWIMANA, VYITWA KO YIZE AMATEGEKO AKAYANOSORA HANYUMA AKAYARENGAKO, AGASHIMA KUBA NSUMIRINDA, KIMWE GUSA ARAZA ARIBUKA ISHIMWE NYAKWIGENDERA SIMON NYANDWI YAHAWE NABA DD. HANYUMA SOCIETE CIVILE COURRAGES KANATSINDA NTAHO MWAROYE KUKO EDOUARD NA SAIDI BAVA KUMUGABO UMWE BITA DD. MURADUSUHURIZA UWO MUTAMA WA BARUNDI MBONIMPA UTI IMANA IRIKUMWE NAWE.

  • Edouard uri umugabo nturi akagabo,ahubwo uwo Vital Nshimirimana Natabwe muri yompi kuko ariko agumura abantu!wewe uvuga ngo Edouard azojahe mbe wibazako DD ari abana?reka sha iryo terabwoba turarimenyereye,Edouard you are our hero.keep it up big man

  • None bari bazi ko yobemerera kuja muri ako kajagari katagira izina? Aho hoho uwufise uwiwe wese apfunzwe yoja mw’ibarabara kwanza Karaveri arasanzwe nkatwe nacigwe urubanza nk’abandi ntaco asumbije abandi

  • Ntagitangaza kibayemwo,kuko nta Nduwimana nta Maire bose ni bamwe,bose bakorera ba Generaux.

  • En fait bavyitwa kuribwa n’inzoka ukitwara ku mfyisi. Aho mwari mwiteze ijambo riva muri uyo mugabo Nduwimana. Ni nkabo mpora numva batabaza PITA. Bose ni kimwe.

  • BAREKE NABO BAZOCA BABURA UWUBAVUGIRA NI DD YATEMBA..EDOUARD KO ATARUNGIKA WA MUGORE NA BWA BWANA BWIWE BWINSHI!!!!NONE ABAMUTAKA NUKO BATAMUZI URAMUBAZA ABANYA KIRUNDO..

  • BAREKE NABO BAZOCA BABURA UWUBAVUGIRA NI DD YATEMBA..EDOUARD KO ATARUNGIKA WA MUGORE NA BWA BWANA BWIWE BWINSHI!!!!NONE ABAMUTAKA NUKO BATAMUZI URAMUBAZA ABANYA KIRUNDO..

  • Yaba vital canke pacifique,na Rufyiri,nuyo Mbonima,abo bose umenga barababwa kuminwa yabo,bamaze imisi 2 badatyoje L.Etat yitorewe nabanyagihugu ntamahoro bunva mumitima yabo,indimi zabo zicira ubumara bukaze.haraho bibaza canke biyunvira kwamashira hamwe bita ngo arigenga kwaca aba L.Etat muyindi,kugira zibangabanganwe mugihugu kandi ataho ryakabaye.

  • Abarundi dukwiye kumenya no gutegera kudafata minenerwe ikintu cose kiza gihungabany’umutekano w’igihugu. Iyo myiyerekano ya minsi yose kandi n’abantu bamwe, irateye imyo. Min. Edouard Nduwimana na maire Saidi, barakabona biyankiye. Baraja i Bulaya data barabe ko ivyo bigira mu Burundi bashobora kubigira yo bitwaje democratie canke Ibwirizwa Nshingiro. "Akataretse kaba gasema", ahubwo vuba bagiye gutamba birorera. Ego, kuvug’ukuri ni vyiza ariko guswaganya no gushikuza ku nkuru ziturira no kugumura benegihugu, bikab’ibindi. Tubaye turashira ku ruhande ivyatumye Pierre Claver Mbonimpa apfungwa, cette perseverance par ex. d’inciter la population d’apposer leurs signatures sur cette fameuse petition lancee par ces soi-disant organisations/ associations ou societes civiles, Mme Kazoviyo Gertrude, Vital N. et consort, auriez-vous evalue l’empleur ou consequences y’iyo nyifato n’inkoro yanyu? Ahandi Gertrude ngo mu Burundi nta muntu n’umwe angana na Pierre Claver Mbonimpa, ahubwo ari mu bantu rares dans le monde pour defendre les droits humains. Eh ben, atari ikindi kindi canke agahemo, numva abo bantu bariko basabira Pierre Claver Mbonimpa Prix Nobel. Umuntu apfunzwe na dossier yiwe itarahera hama umutegetsi runaka akarekurir’abanyagihugu mw’ibarabara, nibaza ko aba yihenze cane. Akaba ari na vyo vyakwegeye Busokoza Bernard. Yaco rero musukana. Apres tout, ce n’est pas mal de projeter l’avenir a ce Prix Nobel dans ce sens ou abantu batari bake usanga basabira ku muvyimba. Or Prix Nobel signifie des millions de dollars=milliards et milliards de FBU. "Ikibuze inkware kivumbukana igihuna"-ko 2015 isa n’iyiriko ica mu myanya y’intoke abo bashingantahe n’abakenyezi, P.C.Mbonimpa reste presque leur dernier recours/INKA IKAMWA.

  • NIMBA GOUVERNANCE INFERNALE DD IKORA TUTAYIBONA KUMWE MOTIF NGO JEWE NINUMIRE KUKO DD NIYO INGABURIRA TUGOWE TUKIRI KO ,,ABO BANDIKA KI DD BARAMENYA KO TURI MU BURUNDI BUMWE BUTWAWE NABI KANDI TWESE TUZOSHIKIRWA NA CORRUPTION ,MANQUE DE VISION ET D HOMMES ,INJUSTICE NA MA GUERRES ATAVANAKO ,,YEMWE JEWE MBONA BIKITUGOYE,,LE DROIT DE MANIFESTER NI UNIVERSEL ,,,

  • NIMBA GOUVERNANCE INFERNALE DD IKORA TUTAYIBONA KUMWE MOTIF NGO JEWE NINUMIRE KUKO DD NIYO INGABURIRA TUGOWE TUKIRI KO ,,ABO BANDIKA KI DD BARAMENYA KO TURI MU BURUNDI BUMWE BUTWAWE NABI KANDI TWESE TUZOSHIKIRWA NA CORRUPTION ,MANQUE DE VISION ET D HOMMES ,INJUSTICE NA MA GUERRES ATAVANAKO ,,YEMWE JEWE MBONA BIKITUGOYE,,LE DROIT DE MANIFESTER NI UNIVERSEL ,,,

  • Je murantangaza.umuntu atera igikumu kubintu bukeye akabihakana niwe mwari mwizeye ko abatunganiriza.erega siwe wewe ashira mungiro.abagiriza bamwe muri societe civile nuburenganzira bwanyu ariko cvr itubikiye vyinshi

  • nkurunziza pierre buca yitoza ko akora nabi baze bareke kurira ngo nkurunziza agiye kwitoza .. bazokorane bamutsinde vyoroshe ko itwaro yiwe itwaranabi .. kuki bumva ngo azitoza amaborogo akabarenga? 2015 itubikiye vyishi hari abazishira mukagozi bamaze guturubura ,,,,

  • IGIHUGU CARARONSE ABATEGETSI BIRYAMUNYU, NDARYOHEWE NINYISHU EDUARD YATANZE KUMYIYEREKANO. AHUBWO IZO SOSIYETE POLITIKE SIVILE NIBABANDANYE BAVUZA AMAHORI BURIGIHE, BONGERE BAME MURI ZAMPUZU BAMBIKA MBONIMPA CANKE BIJANE BAMUSANGEYO NAWE MURI ENFIRIMERI NTIBAZOBURA AHABAKWIRA!!!!!!!!!!!! GUTRYO BAZOBA BIFATANIJE NAWE. MWARAMUHENZE MWIBAZA NGWAZOROHERWA????????? NGIRA MURABONYE INGUVU ZUBUTUNGANE INGENE ZINGANA.

  • mbega vital yamasinyatire agereye hehe????? komutayashira kumugaragaro ngo abanyagihugu tuyabone????????? twifuza kumenya abomwaronse babashigikiye mugusambura igihugu!!!!!!!!!!!! jewe nababwiye ko niburiburi muze muronke ababasinyira abarundi 2.500.000 abo nimwabaronka urumva ko muzoba mushobora kurongora igihugu!!!!!!!!!! pacific umukuru wigihugu, vital umushikiranganji wubutungane, mbonimpa claver umushikiriza manza mukuru wa repubulia, gabrielle rufyiri icegera cumukuru wigihugu ajejwe ivyo ubutunzi, muhozi umushikiranganji wo kumenyesha amakuru;

  • GUCAFUZA IMBONERAKURE NICO GIKORESHO ABARWANYA LETA BATOYE KUGIRANGO BARABE KO BOTSINDA AMATORA TWIMIRIJE KUKO BABONA ATA MIGAMBI BORONKA BASIGURIRA ABANYAGIHUGU BAKABONA NEZA KO ATACO BAZOHANOBA ARIKO IKIBIRI NGIRANGO NTIKIBONA KO IBINYOMA NIBIHUHA GIKWIRAGIZA BIZOTUMA HABAHO UMURYANO MU GIHUGU?

  • MANUEL NA AMERKE NIFUZA KUBABONA IMBONERAKURE ZASUBIRANYEMWO KUKO BITEBE BITEBUKE BAZOSUBIRANA MWO ,,SINGIZIRYA INTERAHAMWE !!!MUZOABA .KANDI NAMWE UMUSI MWABONYE KO KUNIGANWA IJAMBO ARI BIBI MUZIYICUZA NDAHA DUSABE KURAMBA ...IVYA DD NTIVYERA NAMWE MURABIZI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.