IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ego Hotel igiye gufasha abadandaza bo mw’isoko nkuru ya Bujumbura

Ego Hotel igiye gufasha abadandaza bo mw’isoko nkuru ya Bujumbura

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Nk’uko umuyobozi mukuru wa Ego Hotel Ali Tuna yabitumenyesheje ngo igiteramo batunganije ku munsi mukuru w’abakundana kizovamwo uburyo bwo gufasha abadandaza bahombeye mw’isoko nkuru ya Bujumbura .

Ali Tuna akaba yatumenyesheje ko mu mafaranga azova mu giteramo kizoremeshwa n’umuririmvyi Kidumu hazovako igice c‘amafaranga azofasha abadandaza bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ariko ayo mafaranga ngo azoca mu mabanki mato mato ayo bita( microfinances) mu rurimi rw’igifaransa.

PNG - 189.1 ko

Ivyo rero ngo bazobikora mu ntumbero yo kwifatanya n’abandi barundi bose mu gufasha abo badandaza kugirango ubutunzi bw’igihugu busubire kuzamuka kuko isoko nkuru ya Bujumbura yatumye haba uruhombo runini ku gihugu.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.