IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FOCODE yasavye ko hotanguzwa umugambi wo kwigisha imigambi ya Ndadaye (...)

FOCODE yasavye ko hotanguzwa umugambi wo kwigisha imigambi ya Ndadaye Melchior

lundi 20 Gitugutu 2014

Mu gihe kuri uwu wa kabiri Uburundi buzokwibuka imyaka 21 iheze Ndadaye Melchior, umukuru w’igihugu wa mbere yari yatowe n’abanyagihugu agandaguwe, mw’ishirahamwe FOCODE basaba ko hoshirwaho ikigega kidasanzwe kijejwe kwigisha imigabo n’imigambi ya Melchior Ndadaye. FOCODE iranegura kandi intwaro ya gisirikare icibonekeza mu Burundi kandi iri muvyo Ndadaye Melchior yarwanya.

N’aho yatewe iteka ryo gushirwa mu ncungu z’Uburundi, abatari bake, cane abavutse inyuma y’urupfu rwiwe ntibazi Ndadaye Melchior, abamuzi nabo ugasanga bafise ishusho mbi yiwe bahawe n’abari abansi biwe, ivyiyumviro yari afise ntibimenyekane kuko bitigeze bitsimbatazwa. Mw’ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) basaba ko hoshirwaho ikigega kidasanzwe kijejwe kwigisha imigabo n’imigambi ya Ndadaye Melchior.

JPEG - 76.7 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa mbere, Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE yibukije ko muvyo Melchior Ndadaye yarwanya mu ngendo zitubahiriza intwaro rusangi harimwo ubutegetsi bwa gisirikare. Pacifique Nininahazwe amenyesha ko bitangaje kubona n’ubutegetsi buhari ubu bumera nk’ubwa gisirikare, agatanga akarorero k’umukuru w’igihugu agena intwazangabo nyinshi zimukikuje mu bahanuzi bishikira biwe, gushika naho n’umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo bisanzwe vy’abanyagihugu (Chef de Cabinet civil) mu biro vy’umukuru w’igihugu aba ari intwazangabo yo kw’ipete rya Général. Umukuru w’ishirahamwe FOCODE, Pacifique Nininahazwe asaba abatwara ko bokwitondera ico kibazo, kuko ubutegetsi bw’intwaro rusangi butandukanye n’ubwa gisirikare, aho amategeko nka yose atangwa n’abasirikare b’intwazangabo, abandi bagashira mu ngiro gusa.

Mu rugamba rwa poritike yari yatanguje, Ndadaye Melchior yamye afatwa nk’umwansi w’igihugu gushika mu 1993 atsinze amatora naho bitamworoheye. Pacifique Nininahazwe ahanura abatavuga rumwe n’ubutegetsi biteguriye guhiganwa mu matora yo mu 2015 ko bokwitunganya neza, bakarengera urubaga rwa poritike rutari rwiza mu bijanye n’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro n’amanama. Pacifique Nininahazwe, umukuru wa FOCODE ahamagarira abatwara kwubahiriza uburenganzira bw’abatavuga rumwe nabo, kugira Uburundi ntibuzosubire kurwa mu ndyane zari zatumwe n’ingaruka z’uko na Ndadaye Melchior atigeze yumvirizwa, kandi yari yagumye abisaba.
Mw’ishirahamwe FOCODE basavye abazoshira ingori z’amashurwe ku mva ya Ndadaye Melchior kuri uwu wa kabiri ko bokwibaza bati : " Jewe namariye iki intwaro rusangi mu Burundi? "


Egide Nduwimana

Messages

  • NDADAYE MELCHIOR yari umuntu mwiza cyane.Niganye nawe muri Kaminuza I Butare. Yari afite ibitekerezo byiza cyane. Ikibabaje nuko KAGAME yamugandaguye,none uyu KAGAME w’umwicanyi akaba ashaka kwica NKURUNZIZA. Ariko Kagame amenye ko ABARUNDI bose bazamwivuna naguma kuzana indayi na M23 ngo baze gutera uBURUNDI

  • Kagame niwe wishe NDADAYE. BARUNDI mwitondere uyu mwicanyi wamaze abahutu mu Rwanda. Dore ubu mu Rwanda nta muntu uvuga

  • Pacifique, izoryane nkunzekumva uririmba ndashaka kukwibutsa ko zagiyekwunyurwa nokwica umukuruwigihugu nokugarariza inzegozarizitorewe nabanyagihugu, ivyonavyo vyokugarariza inzegozitorewe nabanyagihugu nivyowewe bikuranga Imana yomwijuru niyocabona.

  • igitangaje nukohabuze retanimwe yoshingisha urubanza kugira abamwishe bakubitwe intahe mugahanga

  • hahahahha les dents sont les pierres canke MENYO NI AMABUYE hewe ngo NDADAYE MELCHIOR niyigishwe mu burundi?????? Jamais uwo mu terroriste niyiruhukire neza kuko be na habyalimana bazabazwa amaraso y’abatutsi bo muri great lakes region

  • Ariko nkamwe muvuga ngo HE Kagame niwe yishe President Ndadaye, ngo ashaka no kwica President Nkurunziza aho haraho mutandukaniye na ya RADIO rutwitsi RTLM yo mu Rwanda??? Nimba musobanukiwe n’Uburundi muzi uko bwari butwawe mwibazako ko bari bakeneye KAGAME kugira ngo Ndadaye yicwe?? haba namba!!! abafaransa barayamaze ngo:’’ LES CHIENS ABOIENT ET LA CARAVANE PASSE."

  • Pacifique ivyo yama ashikiriza turabimenyereye,kandi turamaze kumutahura neza caaane,ntiyibaze rero ko abarundi bubu arinka bamwe bomwiriya myaka mibi atarikwiwe nokwibukwa,barazi gusobanura icatsi n’ururo.kandi nanje ko pacifique wama uhanura abandi ivyo wibaza kwari vyiza,nanje ndaguhanuye kuzorengera ivyisi canke ivyinyungu zawe,uzokwifadu nabo bandi wavuze uzokwitaze kugira bikundi ugatogwa uzohindure izontwaro wita ngo nizagisirikare.

  • NTA SONI WOTUBWIRA INGENE UMUNTU YISHWE MURI 1993 AFITANIYE ISANO NA GOUVERNEMENT KAGAME BA BUBESHA IBIFATIKA ..USHATSE KUVYGA GA MUTONI NA KAYIBANDA KO MWEMEZA KO KUKO MWANKA KAGAME BISIGURA KO ACA YICA ABANTU BOSE MUBONA DUKUNZE NGO TUMUBAZE???NTA SONI IYO MUVUGA BASI NTARYAMIRA ,,CANKE MWITIRANYA NDADAYE NA NTARYAMIRA.???PFA MWAMBAYE

  • Wewe wiyise Kayibanda (izina ry’umujenosideri wamaze abatutsi mu rwanda muri 1959 akaba ariwe ntandaro y’ibibazo vy’urwanda uyu munsi) ico gihe Kagame wavutse 1956 yari afise 3 ans muri 1959. Ushatse kuvuga ko yica abahutu, urantwenza gahewe. Turabizi neza ko abahutu bo muri Sud (abanyendunga) n’abahutu bo muri Nord kwa Havyarimana (abakiga) batigeze bumvikana. Muri genocide yo muri 1994 yarifise umugambi wo guhonya abatutsi kugeza nubwo bica plus de 95 % y’ abatutsi baba mu Rwanda yatangijwe na abakiga ba Havyarimana pour aveugler l’ooposition y’abahutu bo muri sud. Politique qui a echoue, le regime Havyarimana a tue presque tous les opposants hutu du sud en 1994, le seul rescape Twagiramungu niwe warokotse akijijwe na Kagame. abahutu benshi bo muri sud banse kwica abatutsi, uzi uwasimbuye.....les refugies hutu Burundais du Rwanda birazwi ko ari bo bishe abatutsi bo muri sud. Ko barazwi abenshi abaribo baridengemvya mu Burundi.......

  • PACIFIQUE YAVUGA MURUNDI NAH ARUMUTUTSI NIMBA ATARURUYERI N’UGWENGE KUGIRA BAMWEMERE.KIMWE NDADAYE YARUMUGABO W’ABAGABO NIYIRUHUKIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.