Accueil > Amakuru > u Burundi > Franco Coppola yarangije ikiringo c’amabanga yiwe m’Uburundi
Franco Coppola yarangije ikiringo c’amabanga yiwe m’Uburundi
mercredi 5 Ntwarante 2014
Intumwa ya Papa mu Burundi, Franco Coppola yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri, aho yari agiye ku musezera, kuko agiye gukorera mu kindi gihugu.
Intumbero y’urwo rugendo rwabaye kuri uyu wa kabiri wa 4 Ntwarante, Gerevazi Rufyikiri yamenyesheje ko iyo ntumwa ya papa mu Burundi yarije gusezera ku kiringo c’amabanga yiwe kirangiye hano mu Burundi, akaba agiye kubandaniriza kurangura amabanga yiwe, mu gihugu ca Centrafrika.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yaboneyeho akaryo ko gushima imigenderanire iri hagati ya Reta y’Uburundi na Ekereziya Katorika. Ivyo navyo bikaba vyaranzwe n’ibikorwa vyiza vyakozwe, yaba ivy’imibano na cane cane intererano mu ndero y’urwaruka, mu gutanga inyigisho zubaka.
Mw’ijambo ryo gushimira iyo ntumwa ya papa m’Uburundi, Franco Coppola mu gihe bariko barivunira umusase hamwe, umushikiranganji wo hagati mu gihugu, Eduard Nduwimana yamenyesheje ko ashimye ibikorwa vyose vyaranguwe n’ubuserukizi bw’intumwa ya Papa mu Burundi na cane cane mu gufasha gutsimbataza imigenderanire hagati ya Reta y’Uburundi n’ikirimba ca Papa.
Mwomenya ko Franco Coppola yaramaze imyaka ine arangura amabanga yiwe mu Burundi akaba agiye kuyabandaniriza mu gihugu ca Centrafrika.
Mariella Bukuru