IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel Ntisezerana ahamagarira abanyarutana kubumbatira amahoro

Gabriel Ntisezerana ahamagarira abanyarutana kubumbatira amahoro

mardi 10 Kigarama 2013

Inama nkenguzamateka y’Uburundi ifatanije n’isirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’iterambere PNUD, yarakoranije inama hagati y’abakenguzamateka n’abatowe mu ntara ya Rutana, aho bariko baravugana ku bijanye n’intwaro ibereye, umutekano, gutsimbataza amahoro n’iterambere rirarama.

Iyo nama yabereye mu ntara ya Rutana ihuriyemwo batowe muri iyo ntara, abagize inama mpanuzwajambo z’amakomine ya Rutana, abarongoye amashengero, abari mu mashirahamwe ataho yegemiye mu vya poritike n’abajejwe umutekano. Abari muri iyo nama bakaba bavuganye ahanini uruhara rw’abatowe mu gushigikira intwaro ibereye mu gihugu no mu kurwanya igiturire, hamwe ndetse no mu gukingira ibidukikije.

Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’iyo nama, umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yamenyesheje ko amahoro n’umutekano ariyo nkingi y’iterambere rirama. Abandanya avuga ko arico gituma inama nkenguzamateka yafatiye ku mutekano inkingi y’iterambere na cane cane mu gihe twegereje amatora yo mu mwaka w’2015. Ntisezerana rero akaba yahamagariye abatowe bose gukangurira abanyagihugu barongoye, kwitaho ibikorwa vy’iterambere, indero y’abana babo, kwubaka ibirwati n’ugutunga agakarata ko kwa muganga CAM.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu nawe yari muri ivyo bikorwa, akaba yavuze ko iyo nama ije mu gihe ubushikiranganji arongoye bwari bumaze gushika ku bitari bike, na cane cane guha ububasha amakomine yo kwitunganiriza yo nyene intwaro n’ubutunzi. Nduwimana akavuga ko amakomine yo muri iyo ntara ya Rutana ari aya nyuma ugereranije n’ayandi makomine ku buryo yitunganya. Ikindi Edouard Nduwimana, avuga ko abanyagihugu bakwiye kwitaba kandi umugambi wo kwiyandikisha kugira baze baronswe za karangamuntu nshasha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.