IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel Rufyiri ategekanya urundi rugendo rwa wenyene

Gabriel Rufyiri ategekanya urundi rugendo rwa wenyene

mercredi 17 Nyakanga 2014

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko bagiye kutazosubira kwandika amakete yo kumenyesha kuko ari uguta umwanya. Bagiye gukoresha uburenganzira bahabwa n’amategeko, n’ubwo ingaruka zishobora kuba mbi.

Inyuma y’aho ishirahamwe arongoye ryankiwe akatari gake gukoresha amanama canke imyiyerekano, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yafashe ingingo yo gukora urugendo rwa wenyene mu ntango y’indwi iza, yongere anisonzeshe atarinze kwandika amakete kuko kubwiwe yasanze ari uguta umwanya.
N’ubwo ingaruka zishobora kuba mbi nk’uko abishikiriza mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 17 Nyakanga, Gabriel Rufyiri avuga ko batagiye kwemera ko Reta ibandanya yima abanyagihugu uburenganzira bwabo bahabwa n’amategeko.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Gabriel Rufyiri aragaruka ku nama igiporisi cabujije kuwa 11 Nyakanga muri Ego Hotel, mu gihe bagomba kuganira ku bintu nkoramutima bihanze abarundi nk’ubukene bw’amakara hamwe n’umuyagankuba hamwe n’urugendo n’ukwisonzesha yari yateguye kuri uno wa kabiri kuwa 16 Nyakanga, ariko igiporisi kikaba cazindutse cugarije inyubakwa asanzwe akoreramwo.

Gabriel Rufyiri anegura inyifato y’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, kuko iminsi yose ategura izo nama ntibamuhe inyishu imbere y’amasaha 48, nk’uko amategeko abivuga, ahubwo bakihutira kurungika igiporisi kubuza ayo manama canke iyo myiyerekano umunsi wamaze gushika, kandi aba yabimenyesheje kare nk’uko itegeko nimero 1/28 ryo kuwa 5 Nyakanga 2013 ribivuga. Ndetse mu gihe cose babuza izo nama, nta nsiguro zitomoye ubwo buyobozi bwerekana.

Tubamenyeshe ko rigize incuro umunani kuva mu mwaka w’2012 muri OLUCOME bankirwa gukora iyo myiyerekano canke amanama. Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME asaba Reta kurekera abanyagihugu uburenganzira bahabwa n’amategeko.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.