Gabriel RUFYIRI yashikirije ivyokorwa ku bibazo biri mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 13 Munyonyo 2015 saa 09:22
Yasomwe : 77157
0 0

Mu mubonano umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yagiranye na Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri uwu wa kane, baganiriye ingene amashirahamwe adaharinira ivyicaro vya poritike yofasha kugira igihugu gitere imbere, n’umutekano usasagare mu Burundi.
Muvyo baganiriye muri uwo mubonano, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko Uburundi bukeneye inguvu z’abantu benshi, harimwo n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, aca asaba (...)

Mu mubonano umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yagiranye na Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri uwu wa kane, baganiriye ingene amashirahamwe adaharinira ivyicaro vya poritike yofasha kugira igihugu gitere imbere, n’umutekano usasagare mu Burundi.

Muvyo baganiriye muri uwo mubonano, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko Uburundi bukeneye inguvu z’abantu benshi, harimwo n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, aca asaba mbere ko ayo mashirahamwe yoterera ivyiyumviro mu biganiro vyimirije. Gaston SINDIMWO yamenyesheje kandi ko muri ivyo biganiro hazoba harimwo ibijanye n’ubutunzi, imibano hamwe na poritike, akavuga ko n’umuhuza yamaze kwumvikanwako, kandi ko n’ivyo bazokora vyose bizoba vyumvikanyweko n’umuhuza.

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME nawe yarashikirije uko abona ingene ibiganiro vyoba bimeze, akaba yavuze ko yipfuza ko ibiganiro vyohuza abantu vyitwa ko bafise ivyo badahurizako, abafise ivyiyumviro bidahura.
Gabriel RUFYIRI yabwiye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ko ibiganiro vyo mu Burundi ari vyiza, ariko yibutsa ko abantu batari bake mu Burundi no mu makungu babona ko umenga ni Reta yoba igomba kwiganiriza mu gihe vyobera mu Burundi.

Umutekano wagarutsweko

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME yarashikirije ikibazo c’umutekano ubandanya guhungabana, bigatuma abantu bo mu gisagara ca Bujumbura bagira ubwoba kubera abantu babandanya kwicwa. RUFYIRI ati : "Nta terambere rishoboka ata mutekano."
Kubwa Gabriel RUFYIRI, ibibazo vyose bijanye n’umutekano muke hamwe n’ibiriko biraba vyose bizobazwa Reta, agasaba Reta ko yogarukana umutekano mu Burundi, ariko kandi ikubahiriza agateka ka zina muntu.

Reta y’Uburundi yasabwe ko abatwaye amatunga ya Reta boyasubiza, n’icuka ciza kikagaruka hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo, ntibasubire gufatwa nk’abansi b’igihugu. Icipfuzo c’umukuru wa OLUCOME akaba ari uko kutavuga rumwe na Reta bitoca bisigura kuba umwansi.

Ku bijanye n’ikibazo c’ububiko bw’amafaranga ya Maragarita Barankitse n’ikigo Shalom vyahagaritswe, Gabriel Rufyiri yamenyesheje ko iyo ngingo ari nk’ukwihora, agasaba ko ubwo bubiko bwokwugururwa atakibanje gusabwa. Umukuru wa OLUCOME ariyamiriza kandi imvugo zimaze iminsi zikoreshwa, zimeze nk’iz’ukubiba urwanko, agasaba ko abantu bose bokwumvikana.


Kumenyekanisha

1
THE BLACK 17-11-2015 à 22:29

UBURUNDI TURAKWIYE KUMENYA YUKO ARI UBWACU TWIRINDE GUSANZAZA UBUTUNZI BWIGIHUGU CACU KOKO ABO KUBU SAHURA BAMEREREJE REMEMBER LIBIA NUBU BARACIRUKA BITWA NGO BARAFASHIJWE NAMAKUNGU(nirwo rudandazwa bafise rukomeye .

2
Kweri 15-11-2015 à 18:21

Bacemwo, Wavuzenabi, Iyomvugosiyo, Uruciraumukaterugahitanivoka Farikoniwewenisawa , Apanicogifu, Ngonibacemwo, Nahoyofantiwomugrya, Kandintiwotoranaiwe, Nuwomuhoraiciyumviroyatanze, Arakavumwanimanayamuremye Kukoyahanuyeneza, Izonyungumwisinga, Nizozisubizaigihuguinyuma Nigusengacane, Abantubarononekayemumitwekweri!!!!

3
wema 15-11-2015 à 18:09

IMVUGAKURI IRAGAYITSEMUBURUNDI mbewewewiyitagakomeye, umuntuyatanzeiciyumvirociza, nkarufiri, yaciyabakagabo? murabenezaizomvugo, ibihebihibindi !!!! kraziragutukana tereraicifuzocubakaigihugu manatabaraigihugukweri, wenawewifuzakwica, umenyenawekuzofa nibuyerirafiseikirimena mbeganiwewamuremye? urucirumukaterugahitanivoka nabafuyeturacabaririra imanaizomukurinde? urikaini, ntacouzovamwo nahomwomwicantimwomugya ikibigusanicokibuzuyemwo!!!!!!nihataripe

4
Kurusumu 15-11-2015 à 09:51

Mbega ivyo biganiro mw’ihutira kuvuga, mwibaza ko vyotorera inyishu y’ikibazo, siyo inyishu y’ikibazo c’iburundi. n’uko ubutugane butigeze bukora mu Burundi ninaco gituma Uburundi bugeze ngaha. Ntankuntu umuntu ashobora gusigura kubera iki les génécidaires ba les années 1965, 1969, 1972, 1988, 1991, 1993 bacidegevya abo génécidaires ntibigeze bitaba ubutugana ngo bacirwe urubanza hama mukibaza yuko uburundi bwogira intambwe gute?

5
bacemwo 14-11-2015 à 08:25

Mbega ako kagabo ngo nirufyiri kinyegeje hehe? uzikuntu twakarondeye tukakabura mugabo ntaco burya ntiharagera nabikomagu yarakosowe kandi yarumusoda ndetse iyo mujeri idakwiye numutamiro

6
Emmanuel 14-11-2015 à 08:03

Ingorane iri mu Burundi ni ukutagira indero.wise abandi imikoma nawe woca witwa iki?

7
Falcon 14-11-2015 à 06:19

Babwire mutama Rufyikiri iyo mikoma y’intumva ya dd.

8
TURARUSHE 13-11-2015 à 22:12

ICOGIRA IKIMAZI NUKWIHUTA KWIBIGANIRO TURARUSHE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha