IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gambia : Yemeje ko mu kiringo ca gatanu ubutegetsi bwiwe bushigikiwe (...)

Gambia : Yemeje ko mu kiringo ca gatanu ubutegetsi bwiwe bushigikiwe n’Imana

lundi 29 Ruhuhuma 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Gambia, Yahya Jammeh, asanzwe amaze imyaka 22 ku butegetsi, agiye kwiyamamaza mu kiringo ca gatanu.
Yahya Jammeh yamenyesheje ko abarwanya ubutegetsi bwiwe vyabananiye, kuko bushigikiwe n’Imana.

Mw’ikoraniro ryabaye, umugambwe Alliance for Patriotic Reorientation and Construction watanze izina rya Yahya Jammeh, asanzwe ariwe aramutswa igihugu ca Gambia kuva mu mwaka w’1994, kugira abe ariwe azoserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu.

Jammeh yagiye ku butegetsi mu 1994, inyuma yo guhirika ubutegetsi bwariho, akaba amaze gutwara ibiringo bine vyose yikurikiranya. Mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 1 Kigarama 2016 akaba ariwe azoserukira umugambwe Alliance for Patriotic Reorientation and Construction.

JPEG - 82.9 ko
Umukuru w’igihugu wa Gambia, Yahya Jammeh

Inyuma y’ugushirwa imbere n’umugambwe wiwe, umukuru w’igihugu Jammeh yamenyesheje ko atazokwumvikana n’umukuru w’igihugu n’umwe wo mu bihugu vya Buraya canke uwundi uwariwe wese azoza kumubwira ko yoshiraho igitigiri ntarengwa c’ibiringo vy’ugutwara.

Umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yamenyesheje ko abarwanya ubutegetsi bwiwe vyabananiye kuko bushigikiwe n’Imana.

Ubutegetsi bwa Yahya Jammeh bwagirizwa n’adaharanira agateka ka zina muntu ko bwica (ubwicanyi ndengerabutungane), hamwe n’ukubangamira ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru.

Tubamenyeshe ko igihugu ca Gambia kiri muvyashigikiye Uburundi mu kwiyamiriza irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi.
Mu nama ya 26 y’Abakuru b’ibihugu bagize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie yamenyesheje itangazamakuru ko igihugu ciwe kiri mu bidashigikiye ko izo nteko zorungikwa mu Burundi.

Yagize ati : « Uburundi sibwo bwonyene budashigikiye ko izo nteko zorungikwa. Ingingo nk’iyo Uburundi budashigikiye ntishobora gufatwa, kuko ari igihugu cikukiye. »


IGIHE

Messages

  • Hama ugaca usanga nkabo ngonibobarungitswe muburundi guhanura nkurunziza canke Ngo nibobagiye guhuza abarundi muga ndaguye ndagarutse bobo bafise amategeko yabo natwa tukagira ayacu yingene igihugu kigomba kurongorwa Ayo nayo namasezerano yarusha twebwe ivyabo ntivyodusamaza kuko twarishiriye amategeko agenga igihugu cacu ayonayo akaba yubakiye kumasezerano yarusha ninaco gituma namuseveni bitazomugora kutwumvikanisha kuko ijambo nirimwe nigenda mwubahirize ivyo mwasezeranye kanatsi Ngo wiga ingendo yuwundi ikakuvuna kandi akagomba kiganye inzovu kunya kanya amara

  • Ahaaa Nihatari! Burundi; Rwanda; Ouganda; Gambie Zimbabwe Bose Ngo Bitorewe N’imana Nimuvyemere Nuko Biri. Ariko Imana#imana!

  • Komera Mutama Yahya Jammeh. Ni wirambire mutama.

  • Africa niguma gutwarwa n’abategetsi bameze nkuyu uya ntizopfa iteye imbere.

  • Abazungu ntakigenda ariko ubu bugabo bwo muri africa kubera iki bwigira ndanse?kubera iki batokubita iyi mihimbiri ngo naba president?africa yose izoba uku,mugabo mu burundi nkurumbi adatanze imihoho intambara izohagarikwa n’IMANA yo mwijuru.

  • Niwitwarire Hatwara Abanyagihugu Ntihatwara Ibiringo Bagushimye Komera,nankurunziza turacamukunda Tuzomwongera

  • Africa waragowe nukuru, urabona ury muhimbiri ibyo aravuga. Dore impanvu basuzugura Africa, nukubera abantu nkuriya ngo ni umukuru wigihugu , afise amajambo y’uburofa.

  • Uwo numugabo ureka kuvuga ukuri abandi bakagukutanga

  • Abobagabo barantangaza rwi Mana rwi Mana! mbegiyo Mana barayizi ? ntawuzi Mana yi ca mwenese. uwomugabo nawe wa Gambia, umunyeporitike aze aracakakaza uwomusi arara amurengeje mwintambi, canke abamenyesha makuru bahirahiriye bakavuga ibitagenda neza barara bayabonye, umuntu nkuwo ninde azohaguruka rwavyure agatwe?,iyo myaka atwaye iheze niko nipfuvyi nabafakazi buzuye mugihugu ciwe. kanduwo ntacoyohanuye Nkurunziza, muzorabenamwe nta musuma ahanura uwundi rwareke kwiba, ahokumuhanura, amwereka ubundi buryo nubuhinga bwogushora kwiba ibirenze.nimwitegereze namwe mumaso hiwe abantu yarabamaze nukuri.

  • ok ,har uwutwa TRUMP arimwo ariyamamza mur Amerika,ng aba AUTOCRATES ,DICTATEURS ,ibibanza vyabo ni prison,TUBITEGE AMASO

  • imana nimana ark uvuga neza mutama twarikukiye sinzi uko batugobera kuvyo twiyankiye

  • Africa Nta République Zisigaye Atari Tanzanie Yonyene.Ubu Ibisigaye Ni Royaume

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.