IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaston SINDIMWO yashikirije ivyaranguwe n’ubushikiranganji umunani (...)

Gaston SINDIMWO yashikirije ivyaranguwe n’ubushikiranganji umunani arongoye

mercredi 10 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka kuri uwu wa gatatu, mu nama y’amakoraniro mu Kigobe, ivyaranguwe mu kiringo c’amezi atandatu n’ubushikiranganji umunani arongoye, mu bushikiranganji 12 bugize Reta y’Uburundi.

Ubwo bushikiranganji butwarwa mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu uko ari umunani ni ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubushikiranganji bw’umutekano, ubushikiranganji bw’intwaro ibereye, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko bakomeje amakomite y’umutekano, hamwe n’inyigisho z’ugukundisha igihugu. Ubwo bushikiranganji bwashizeho kandi udutabu tw’ingo dufasha kugenzura uruja n’uruza rw’abantu mu gihugu cose, hamwe n’ibikorwa vy’ukurwanya inzoga zitemewe n’amategeko vyakomejwe muri ubwo bushikiranganji.

Mu bushikiranganji bw’ubutungane, Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko abanyororo bagera ku 2000 barekuwe ku ngingo y’umukuru w’igihugu ibaha ikigongwe, hamwe n’imanza 11.280 zaciwe.

JPEG - 50.1 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Mu bushikiranganji bw’umutekano, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko imirwi irwana yahungabanya umutekano mu Mugamba yatujijwe, amenyesha kandi ko abarwanyi 35 bishikanye mu giporisi, imirwi y’abarwanyi igera ku 418 irateshwa n’igiporisi, abagera ku 2176 barafatwa, nayo amadosiye 16051 arakorwa.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko inyigisho (Causerie morale) zigiye kurwizwa mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi kugira ntihagire abasirikare bazosubira gucutsa agatima k’ugushaka gutembagaza ubutegetsi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.