IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gélase NDABIRABE : "Nk’abantu nka barya bari kwicwa"

Gélase NDABIRABE : "Nk’abantu nka barya bari kwicwa"

jeudi 9 Ndamukiza 2015, par Egide N

Onésime NDUWIMANA, umwe mu Bagumyabanga ba CNDD FDD bandikiye umukuru w’igihugu bamuhanura kutazosubira kwitoza, amenyesha ko uwuzoserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu, ategerezwa gutorwa n’abanyamugambwe. Ku ruhande rwa CNDD FDD bavuga ko abandikiye umukuru w’igihugu bakoze ibidakorwa, ahubwo ko iyo umugambwe uba ukiri mw’ishamba, baca babica.

Mu gihe havugwa amakuru y’amanama ategurwa y’ukugandagura bamwe mu Bagumyabanga ba CNDD FDD badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, Onésime NDUWIMANA yahoze ari umuvugizi w’uwo mugambwe aranegura kubona hari abantu bahabwa ibirwanisho vy’ukuzimanganya Abagumyabanga bashikiriza ibitagenda neza mu mugambwe, ivyo bikabinegura kuko ataho bihuriye n’akarangamutima k’umugambwe CNDD FDD.
Kuva aho berekaniye aho bahagaze, igiporisi caciye gifata ingingo y’ukubaka ababacungerera umutekano, Onésime NDUWIMANA akamenyesha ko biteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, kuko ritomora ko abo mu nzego z’umutekano bakorera abanyagihugu bose, bakigiza inyuma ibijanye n’imigambwe, ntibivange mu migambwe naho woba uwuri ku butegetsi.

JPEG - 22.6 ko
Onesime NDUWIMANA, yahoze ari umuvugizi wa CNDD FDD

Onésime NDUWIMANA avuga ko bagihagaze kukumenyesha ko Abagumyabanga ba CNDD FDD aribo bonyene bategerezwa kwitorera umukandida yitorewe n’abanyamugambwe, bakaraba ko batoye umukandida adatuma abantu basubiranamwo. Onésime NDUWIMANA yemeza ko uwo mukandida ashobora kuboneka, akaza ahumuriza abarundi bose, ntibaje mw’ibarabara, ntibasubiranemwo, ntihagire ibihano bifatirwa Uburundi, hakaboneka kandi umukandida ashobora guhumuriza abasanzwe barongoye igihugu, umukandida abona kure, kandi ashobora gutuma Uburundi bwogorora bugashika ku nzira y’iterambere.

Bari bakwiye kwicwa

Naho abo Bagumyabanga ba CNDD FDD babandanya kumenyesha ko barenganijwe mu gufatirwa ibihano mu mugambwe CNDD FDD, umuvugizi w’uwo mugambwe amenyesha ahubwo ko babaciriye inkoni ngufi, kuko ubundi bari kwicwa.
Daniel Gélase NDABIRABE umuvugizi wa CNDD FDD amenyesha ko abo bateye umukono kuri urwo rwandiko rusaba umukuru w’igihugu kutazosubira kwitoza ubugira gatatu bari kwicwa iyo umugambwe uba ukiri mw’ishamba.
"Mu mugambwe CNDD FDD ahubwo ibintu twaravyoroheje. Kera tukiri mw’ishamba, nk’abantu nka barya bari kwicwa, ntibari kubandanya bakora ivyo bishakiye. Ariko kubera twinjiye muri demokarasi, ubu ni ibindi bintu, abantu turabembereza, tukambereza, akaba ari nayo mpamvu bamwe birukanwe. Mu karanga mutima k’umugambwe CNDD FDD kirazira kikaziririzwa ko umuntu ashobora kwishira mu kibanza c’umuntu ashaka kurwanya umugambwe CNDD FDD. Mu mugambwe CNDD FDD kirazira gucamwo ibice, kirazira kwitwaza imvo iyariyo yose kugira ucemwo imice Abagumyabanga. Kirazira kikaziririzwa kwitwaza ububasha wewe ufise kugira uze gusinyisha abo utwara kandi wabihawe n’Abagumyabanga. Kirazira kutubahiriza inzego, ukazihonyanga, ukazirengera kugira ukunde wewe ushike kuvyo ushaka. Kirazira kikaziririzwa kugurisha umugambwe, kuja gukorana n’abandi bantu kugira inyungu z’umugambwe zihonyangwe."

JPEG - 47.5 ko
Daniel Gélase NDABIRABE, umuvugizi wa CNDD FDD

Kubwa Daniel Gélase NDABIRABE, umuvugizi wa CNDD FDD, ikibazo gihari si ic’ibiringo vy’umukuru w’igihugu, akagiriza ahubwo abandikiye umukuru w’igihugu, ko bashaka kuzana Reta mfatakibanza, akibutsa ko bakija mw’ishamba batari bagiye gukina, kuko bashaka umuzo wa demokarasi. Daniel Gélase NDABIRABE asigura iyo demokarasi avuga muri CNDD FDD barondeye, "nk’uburyo bw’ugutegeka bukomeye cane."


Egide Nduwimana

Messages

  • none onesim abonyubunyeneko bakeneye uwubazanira iterambere mugihugu ahoyari muriyoreta imuaka cumiyose nyavyoyabona abibonyaruko bamwirukanye muriyoreta yemwe nukudendemba nibindi azobivuga kuko hativyishi atakironka yahorarinkuko ashatse nkabagore ba socabu bose yatoruwashaka ntiyajaruguru adatwaye iyinintuntu afise ahubwo nabibazwe acibwurubanza yarakoresheje iklgikebye afise mugufata kunguvu abagore nabakobwa

  • none onesim abonyubunyeneko bakeneye uwubazanira iterambere mugihugu ahoyari muriyoreta imuaka cumiyose nyavyoyabona abibonyaruko bamwirukanye muriyoreta yemwe nukudendemba nibindi azobivuga kuko hativyishi atakironka yahorarinkuko ashatse nkabagore ba socabu bose yatoruwashaka ntiyajaruguru adatwaye iyinintuntu afise ahubwo nabibazwe acibwurubanza yarakoresheje iklgikebye afise mugufata kunguvu abagore nabakobwa

  • Uwo muvugizi wa CNDD FDD uti izo mvugo ntizikibaho kandi uriko uramena ibanga kutubwira ingene mwabikora mwishamba kandi numva uvuga nkuwukiri mwishamba nyene banza wegere Onesme nduwimana aguhe training umenye kuvuga apana kuvuga nkuwuri mukabare yaborewe aho urazi ko uri mukibanza gikomeye menya kuvuga rero

  • WEWE URIGIKI MU BURUNDI BWIRIRA PETER UTI NTIWASUMBA:MICOMBERO;BAGAZA;BUYOYA;NDADAYE URI PRESIDENT MUTO CANE MURI POLITIQUE YU BURUNDI TAHA IWANYU URERE ABANA BAWE NUMURYANGO WAWE NIMBA UWUKUNDA•NIMWUMVE BENE DADA MURAKOZE

  • Ivyo vyokuvuga ko umuntu yicwa nibiki. Gufata ivyo mwakoz mwishamba nivyo mushaka kudutwaza. Iyo democratie yukwica izober mungo zanyu iherereyo murabikwege muzobibona

  • ndatangara iyo mbona umuvugizi wumugambwe avuga atiyumviriye uburemere bwimvugo ariko arakoresha nibaza ko abo avugira bakwiye gusuzuma urupfasoni ruri mumvugo yumuvugizi wabo none avuze kurya wumva ataba yemanze ko ibivurwa kumutekano wa bamwe kwarivyukuri nomusaba ko yokwibuka umunezero Muhuza yazanye mumuhari aho atorewe kuko ariho yaca akura ivyo col jerasi daniel avuga kubwiwe yita ko vyari iteka kumuhari

  • Ivyo vyokuvuga ko umuntu yicwa nibiki. Gufata ivyo mwakoz mwishamba nivyo mushaka kudutwaza. Iyo democratie yukwica izober mungo zanyu iherereyo murabikwege muzobibona

  • hariho bamwe womengo urugamba barurwanye bonyene kubera ibibanza barimwo ubu nicogituma mukuvuga batiyumvira nivyo bariko baravuga nyabahwa daniel kuba ugendera muri jup aba demobirize bagutanze no kwinjira ataco uriko urabafasha bamwe mengo baranayinze kubera muvuga urukundo kumunwa gusa ariko rutari mubikorwa noneho ugaca ufata ko abandi batiyumvira nkawe ari ivyitso birababaje nimureke kwipfuka bukeye aba demobirize ntaco mwabamariye ariko mubons nkuwu yarigushobora kuvugira umukuru wigihugu imyaka umunani leonidas yaramaze iyaba bataduhenda bakaduha gutora urutonde rwugaye uwu ntunubuhanuzibwa commune yorose nimwukubite agashi muvyo muvuga uvugira umugambwe uri kubutegetsi ntaco uvuga nkuwahahamutse bawiyemera utuze urigira kuri Rajabu nubu aratuje kugusumvya.

  • We edy,ubwo ntaco ugwaye? Warabony onesime kuri barya bapfasoni abafata kunguvu? Konzi afis umukenyezi abo bagore uvuga yabaronderamwo iki?

  • WEWE BIZI NA BENIGNE MURI IBIJUJU KANDI NTAKIGENDA....WEWE URASHOBORA KUVUGA GUTYO WAREREWEWE HEHE...,?URATEYE ISONI KWELI KANDI NAGOMBA KUKUMENYESHA KO NKUZI.

    PETER SIWE MURUNDI....NIMWEBWE INJAVYI MWONONA KUKO TURABAZI ARIKO NTANTAMBARA ISHOBORA KUBA KUKO ABARUNDI ET SURTOUT ABA DD BARI DETERMINE KO ATANTAMBARA IZOSUBIRA KUBA.
    KIGEME NA BENIGNE MURI ABANYAMACAKUBIRI KANDI NTAHO AZOBASHIKANA NDABARAHIYE NUKURI.
    UMUVUGIZI AVUGA NEZA KANDI PETER NI OK URARABA AHO AGIYE INGENE ABANYAGIHUGU BAMWAKIRA SHA.NDAKURAHIYE AHUBWO NIWISHINGA UVUGA GUCO UZOGWARA GANGARA AHHHAHAHAHHHAHAHA!

  • MBE RWASA KO ATAKIVUGA UBU NGO ASIGAYE ARI UMU DD ARIKO POLITIKE IRATWENGEJE KWELI

  • RABA POLITIQUE INGENE ARIMBI....NKUBU ONESIME YAGIYE KWINYEGEZA I GITEGA MU RUPANGU RURAHO NO GUSOHOKA NTASOHOKA KANDI ATABARIKO BARAMURONDERA...KUBERA KO YABONYE KO YATAYE AKARANGAMUTIMA.
    NKUBU YAHORA AGENDA MURI JUPE....ARIKO UBU YADUZE MURI KAGONGO!!!!

  • jewe nama mvuga abo ba civil,nibakore akazi babahaye bareke abarugwanye bafate ingingo zihambaye,mbe abo ba onésime bari i bulaya ivyo bavuga ni ibiki,iryo terambere ni bwoko ki,si ukureka amaboko mu bazungu nkuko twabisanze abatutsi babikora,ni industries bashaka kutwubakira,izo ncabwenge muvuga ni za nde,hari uwatoye formule qui va révolutionner notre vie?Nibagende hiyo,abo bashaka kudusubiza mu myonga ariko ntayo bazi nico gituma batura imibe bivugira ivyo bishakiye,mbega nka onésime abona yashoboye kwishikira kwa perezida no kwa dolofu akibaza ngo barangana,abo bagabo bose bavugirizwako induru twebwe tuzi akamaro kabo,nta diplome nimwe iza ibaturutira,mbega arazi mu kamenge dolofu atugwako,aducira inzira tukaronka ingene duhunga nawe akaza mu nyuma n’abandi basore?ico gihe onésime n’abandi bari he?Mwahimvye basha,ariko muze mumenya ibibanza vyanyu ntimuri capables kudutwara,moindre geste muba mugiye kwurira indege,none mutegetse niko mwobigenza mwoca mugita!Erega ico gipolisi mwagihawe n’umugambwe kubera amabanga mwari mujejwe,ubu ntimukiri mu mugambwe ,mubashaka bironderere ku gatwe kanyu,il fallait y penser avant!kuja kuvuza amaruru ku ma médias ya opposition !ni ukudandaza abagenzi nkuko gélase yabivuze,ntakugumura abandi bagumyabanga ngo kabe akajagali kubera mushaka gutegeka!,kandi ntibashobara kubagumiza mu mugamwe no mabanga mujejwe ngo bibahe inguvu n’uburyo bwo kuwusambura muri indani,ko mwumva mufise raison genda mubikorere inyuma yawo avec vos propres moyens,bande de cons mushaka kudusubiza mu marushwa ntimunabibone kubera ubujuju no gushurashura muri izo mpenekazi z’abatutsikazi!!bari babahaye none mwararenzwe!

  • Ndarengewe pe! mbega karashizingani ngw’igihugu kibure abarongozi/abatware babushitse? ivyuwo muvugizi wa cndd-fdd yavuze vyokwica abadashigikiye ikiringo ca gatatu iyaba bakiri mwishamba,nukuri birateye isoni.nosaba umukuru w’igihugu kumubogoza murayo mabanga.nta mutware AROFOMBOKA. Bible ivuga ngo: hakuvuga amajambo yubupfu wofuma winumira ngo kuko iyumuntu ataravuga,ntawumenyako ari ikijuju.iyindi verset ivuga ngo; c’est de l’abondance du Coeur que la bouche parle. urya muntu (sinumugabo) yuzuye ubwicanyi mumutima,nigitutsi kumugambwe avugira no kugihugu c’Uburundi.

  • Nabonye bamwe bandika bashikira umuvugizi abandi banegura ivyo yavuze ariko nagize ikibazo kuri bamwe twama tumva canke tubona batawe munzuzi kuri ntwaro yaba dd.dushimire Gelase NDABIRABE ko yaseruye ataho ahengamiye ko atademocratie ahari muburundi bishwe rero kubera ata democratie hanyuma uyu NDUWIMANA ko avuga ngo ngo benigne aramuzi none karashize ingani tureke kuvuga ukuri ngo muratwica ?tsindwa mute ukuri kuzotsinda kandi ubwicanyi ntaho buzobashikana niwashaka urambanza naje ndakubwira ahandi nimba naje utanzi kura ubwicanyi mumitwe yamwe mwabayobemwe

  • birababaje ko umuvugizi wumugambwe acira urubanza abandi mbe kugira bashireho inzego z umuhari ukirwana ko nyangoma atabaciye imitwe JEAN BOSCO kwatabishe icatumye bahindura inzego nuko babona avó bararongozi batagishobora kurongora umuhari baca vagíramos abandi nubu niko bigenda iyo utaye intumbero nagira mbwire ndabirabe ko yosaba ikigongwe ryamutorotse

  • ivya bahutu biragoye ni murindire mu maze gucanamo Kagame ace abahitana mwese ari nkurunziza, Rwasa,Minani,adolphe,ndakugarikan,bunyoni,bavuginyumvira,leonce mwese muzokubitwa abana baba tutsi bagiye kucifatira mugiye kwangara mwa bahutu mwe kubera iyo nda yanyu ndende

  • ivya bahutu biragoye ni murindire mu maze gucanamo Kagame ace abahitana mwese ari nkurunziza, Rwasa,Minani,adolphe,ndakugarikan,bunyoni,bavuginyumvira,leonce mwese muzokubitwa abana baba tutsi bagiye kucifatira mugiye kwangara mwa bahutu mwe kubera iyo nda yanyu ndende

  • Nciye mbon’igituma bamutye ng’avugire CNDD FDD muri kino gihe turimo. Birigaragaje nigituma Nduwimana O yategerezwa kuba muba mbere badashigikir’ amafuti. Ibihe byose Nduwimana yavugira CNDD warumvak’ akoresh’ ubwenge,proffesionalisme,kuv’ibyo yosubiramo eka mbere nubwitonzi. Uyu wewe aranyobeye kabisa. Mb’ afit’ imyak’ingahe, yakuriye he canke yibaza ko abar’ah’ ari ubu barihe??????? Nken’ ikirimi kirekire yatanz’umurozi gupha. And ntakibabaza nko kub’abahutu bama bagaragaza kuhubuka. Mugih’abandi bo kuvug’ar’umuziro. Abantu nkuyu nabandi nkaba Paster Hab...... Bari bakwiye kw.......Hummmm...Kubera bacafuz’isura yabahutu.

  • NONE ,KARASHIZE INGANI ABANTU BAZE BAVUGA NABI,BATERA UBWOBA ABO BADASANGIYE UBWOKO N’IVYIYUMVIRO,BAKATIRWE IGIHANO CO GUPFA KOKO? BIRABABAJE:MUNGINZI EDY NA BO BA FRERES Nduwimana,Edy n’abandi bafise imvugo NKABURAMACAKUBIRI,ni mwitonde kuko abo MUCIRA urwa PILATO muzi neza ko bafise UKURI,mushobora KUBASABA,nkabavuze bati NYAKUBAHWA MANDELA..... igihe yava mw’ibohero,canke igihe bongera kw’izina rya Petero NKURUNZIZA akajambo SON EXCELLENCE kandi yaramaze imyaka itari mike akatiwe urwo KUNYONGWA. nNone iyi sous dévéloppement iri mu mitwe y’abadutwara izuhera ryari?

  • Abantu bitwaza amoko nibaruhuke ntaho baja.gusa ni inda nini yabarenze ituma batawakuba
    pirato ni umukunzi w inda umusi yafashwe izoba Bagbo

  • Ndadamwe! Mbe nkuyu gelase ndabirabe ntanisoni yumva? Numwicanyi ruhagwa muga ndasavye yuko ayamajambo yashikirije azobikwa neza muri archive eka mbere namakungu akayumviriza kugira abo bose basinye irya pétition hamwe hazogira numwe muribo azokwicwa amakungu azoheze afatire ibihano uyumugabo yihaya ubwicanyi nkuku uye afise idéologie yubukoko akishamba kanse kumuvamwo muga arahumba buca ashengezwa imbere y’intahe mbe nkumuntu yubahuka kuvuga amabi nkaya yobindongozi yahehe atarukugandagura Abarundi gusa arangwa nubwicanyi muga Imana isumbingimba!

  • Wewe wiyita Adrian manirakiza uri igituba cumukecuru mbe uyo kagame uhararaza umwanya azogira iki erega twebwe ntituri abakongo bumva urusasi bakiruruka
    si kagame si Wewe Mwese muzofata inzira imwe

  • desy ndagushigikiye sha ani bamuureke umuvugizi wacu twe abadd twiyemera erega yavuze ukuri nuko sinzi impamvu bamudugako mugabo bamwe ndabumva ko baje basimbira mu bibanza abazi ikibira barazi ingene uwamenja yamererwa none nabo barahimvye bibagira iyo bavuye ari twe abanyagihugu nti tuzemera gusubirayo sha amahoro twashaka presida adolphe nabandi barayaduhaye nibabakureko induru imana yarabasize amavuta

  • Uyu Daniel Gelase Ndabirabe ni ikitazi ntamuntu azi ubwenge kandi w’umunyapolitike ashobora kuvuga amajambo nkaya uyu n’umusazi,nawe ngo :( Naho abo Bagumyabanga ba CNDD FDD babandanya kumenyesha ko barenganijwe mu gufatirwa ibihano mu mugambwe CNDD FDD, umuvugizi w’uwo mugambwe amenyesha ahubwo ko babaciriye inkoni ngufi, kuko ubundi bari kwicwa.
    Daniel Gélase NDABIRABE umuvugizi wa CNDD FDD amenyesha ko abo bateye umukono kuri urwo rwandiko rusaba umukuru w’igihugu kutazosubira kwitoza ubugira gatatu bari kwicwa iyo umugambwe uba ukiri mw’ishamba) ikijuju nico gikolesha amajambo nkaya.

  • Hahaaaaaa lol our ati Imana yarabasize! Niwe ubizi rero uko vyagenze naya bandika bahore! Imana yarabasize mwe nabo!Iyo basigaye n’Imana yacu ya barundi ntiyari Kubasiga amaraso yabarundi! Ubivuze nkubizi kuko kumbure imama yanyu yabasigiye hamwe!

  • mwa bahutu mwe nimufatane munde mugiye gutakaza igihu kubera iyo nda yanyu ndende Gaciyubwenge ijambo yavuze ryokwaka ibigwanisho si imbonerakure gusa ni uwitwa umusirikare yaje ava mu ba dd mu giye gusanga benewanyu mu mashamba yo muri comgo ya mazu mubatse mu giye kuyasiga

  • je mbona uwo mugabo Ndabirabe Gelase wenyene ubwiwe akwiye uwumwica kandi vuba kuko nawe yamenye ibanga kuko yavugiye kumaradio ivyo twe abagumyabanga twari twarabitse kumutima muvyo twakorera mwishamba.nkubu bose baraye bamenye ukwo twari twiyubatse. oya ntibishoboka nyarutsa ningoga tumwice yaraye adutetereje.monsieur Adolphe tugutumye kumurondera hatarenze 2 jours kandi umutwereke ari umuvyimba

  • Vuganeza, uri impoli, ingrat eka warerewe mwishamba nyene. Urumva ingene utukana!!! Uraraba uhindure imvugo ubu uba mu bantu ntukiri mwishamba.

  • nateswa ate twarabahinyuye yikanze ishamba oya nabafyuyetura cabaririra nagezaho

  • Ibipfu n’ibijuju binyaruka gushavura kandi bikanka impanuro nziza, nayo incabwenge zirankwa. Imigani 14:17:" Uwunyaruka gushavura azokora ivy’ubupfu, mugabo umuntu w’ubushobozi bwo kwiyumvira arankwa." Mwarihuse gukura mu mugambwe ababahaye impanuro nziza kandi vyukuri biragaragara ko aribo ncabwenge igihugu c’Uburundi gifise. Yezu, muri Matayo 26:52b, yavuze ati:" ...abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota". Nawe Gelase, iyo nkota ushira imbere ishobora kuzohera kuri wewe!

  • EWE MANA Y’UBURUNDI, UMUBI NUMUNTU WESE ADASHAKA KUJA INAMA NABO BOSANGIYE IVYIYUMVIRO AGAHITAMWO GUKOKEZA UBWICANYI. KUMBUR NIGIKENY KIGAKORA!

  • ICIYUMVIRO JEWENIYUMVIRA NUKOTUTOKWIHUTA KUVUGA AMAJAMBONKAYUMUVUGIZIWUMUGAMBWEYAVUZENGOBAKWIYEKWICWANONE ABANTUNINYAMASWA MBEGA SAWURIKOYISHABAKRISTO BIDAMASIKO MUNYUMA NTIYAHINDUTSE IMANA IMUCIRIYINKONI YIFATANYANABOMUGUSENGA KANDIKIZIGENZA NIWAFISIJAMBO RYANYUMA NUKATOHEMUKIRA IMANA NABANTU KANDINTIYIBAGIRAMAJAMBOYAVUZARIKARAHIRA BACUMUGANINGOWIRUKANKANA IMBWA UKABUYITEYE KURINDA CANKEGUSHAVURA

  • hivi nyinyi wahutu mini kime wakumba? mume rogwa ao?Hamuoni kwamba the oposition parties are becoming strong? halafu nyinyi instead of to becoming strong mnatishiana mauaji2 tunaomba mludianeni as soon as possible before election maana mnakata tamaa wafuasi wenu,msipo Fanya hivyo kumbukeni kwamba there is an end to very thing

  • Uwo mugabo yatukishije abagabo basangiye kwica pe ! nasubire mwishamba aje kurongesha inyama omo numukungu kweli

  • @Nuwera
    Wagiye hehe?? Ko ata kajambo?? Nawe wumiwe??
    Abategetsi bararwira peee!!!!!

  • ha! Urwishe yanka ruracayirimwo imvugo nkiyi iteyisoni bigaragarako nubu kwicana ataho vyagiye nibintu bikiri mumaraso yabo ariko ingoma zose zo mwisi yacu zama zigenda zikuranwa ntawuhora kungoma

  • Ohio!!!mbegamajamba dahumuriza !!uwomugabo aciyumvira ivyobakora mwishamba niyikangurekuko aracasinziriye .gushikiriza ahuhagaze n .uburenganzira bwamuntu .mbeko ibintubucabihinduka azokifatagute imbere yabo banyakwicwa twibukumugani baciyengo (urucira mukaso rugatwaranyoko)

  • yeeh nuwera na nduwimana ko ataco muvuga mwanumye ngira ubwanwa bwafuse umunwa eka ntaco mushigikira kuko ntaco mufise umuntu wumugabo avuga ko arateye isoni niyaba afise umuvyeyi arakwiye kumuhanura hiiiiiiiiiiiiii.

  • Jewe nohanura aba n’abandi bagize ico bashikiriza ko mwotsinda ishavu mwese nk’uko bamwe babivuze ubwami buraza bukabisa ubundi. Kuva Uburundi bwikukiye gushika 1993 hari abari ku butegetsi bamaze imyaka 40 batwara. Ndadaye atowe ku bwinshi ntibamumajije kabiri yaciye yicwa. Ntaryamira arakurikira arapfa. Nyuma haza ubutegetsi bw’imfatakibanza butegura amatora hanyuma Nyinicubahiro Nkurunziza aratorwa. Mbega abo Bubahwa bishwe bagakurikirwa n’abanyagihugu isinzi bapfuye, boba bishwe na nde ko numvise muvuga abicana nk’uko umenga igihugu cacu nticasinzikajwe n’ubwicanyi ku za 65 za 72 za 88 za 91 za 93 za 95 muri kaminuza y’uburundi n’ahandi. Uwavuze ngo vyandikwe bize bigaruke umwe wese aze yishure ico yakoze, nohamagarira abanditsi ko bova hasi bakandika ukwo ubwicanyi bwagiye buragenda kuva 65 gushika uno musi kugira bose baze bakubitwe intahe mu gahanga hanyuma bahanwe Uburundi n’abarundi bamenye abahekuye abandi.

  • Agatoki kamenyereye gukorakora amaboko yabo yamenyere gukererana nubu arota kwica ..mamammama Niyifatire zirya mbonerakure bisubirire mwishamba mbona ariho hababereye bifuza noguhohosha bagenzi babo ..Twaratewe ndakeeeee

  • ewe Gélase urinimvugombi!! kanatsinda niho watekesha OMO inyama mw’ishamba
    ngira washaka kwica nyene!!

  • NUKO ABARIHO BOSE BOFATANA MUNDA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.