IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gen Godefroid Niyombare ku burongozi bwa FOREBU

Gen Godefroid Niyombare ku burongozi bwa FOREBU

vendredi 22 Nzero 2016

Umuvugizi w’umurwi wiyemeje gukura umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku butegetsi ukoresheje ibirwanisho Forces républicaines du Burundi (FOREBU),yamenyesheje ko General Godefroid Niyombare ariwe arongoye uwo murwi.

Mu butumwa bw’amajwi bwashikirijwe itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa RFI, umuvugizi wa FOREBU Edouard Nibigira yahoze mu gipolisi c’Uburundi yamenyesheje ko General Godefroid Niyombare ariwe aramutswa uburongozi bwa FOREBU.

Muri ubwo butumwa,Edouard Nibigira yamenyesheje ko abandi bari mu burongozi bwa FOREBU ari colonel Jules Ndihokubwayo,yahoze mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya akaba ari umukuru w’ingabo, icegera ciwe akaba lieutenant-colonel Edouard Nshimirimana.

Uburundi bwinjiye mu ndyane za politike kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015,umugambwe CNDD FDD umenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe azokwitoza kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu.


IGIHE

Messages

  • ABOBARWANYI BARIHEHE UBU?

  • BAZOHERA NK.IFU Y.IMIJIRA

  • emwe ntahazomenera ivyintambara abarunditwarabihaze

  • NIYOMBARE Komera turi inyuma yanyu songambere kabisa turabashigikiye ijana kwijana mudukureho ubwo bukoroni songambere tena bwana Godefroid!!!

  • None NIYOMBARI ko tutigera tumwumva, nimureke kumubesheraaaaa

  • Nyakubahwa mutama General GODEFROID NIYOMBARE komera kumuheto nkurumbi nakarwi kiwe ki mbonerakunya n’abagumyabondo tubomore,IMANA yo mwijuru niyo cabona.

  • IVYOBIGWANISHO MWAFASHE NGOMUGOMBA GUKURA NKURUNZIZA KUBUTEGETSI MUZOPFA MWANGARA NKABAGAHINI MWANANIWE KUMUKURA MUKIRI MUGIHUGU UBU MUPFUYE MWANGARA NGOMUGOMBA KUMUKURA KUBUTEGETSI? EHENDABIH ERIMPANURO KOWUNVA MURABAGABO NIMUREKE GUTAB AZAMAKUNGU TUBAVUGUTIR UMUTI NIMUREKE KWIHAGARARAKO NTANGUVU MUFISE

  • Barund nimureme izo njavyi ntaco zizokora tusozikorerako nkuko twakoreye kuri buyoya

  • Nivyiza Can Ahubwo Nibanyaruts Inzirakarengan Zirahez Ataco Zizra Murakoz

  • amahirwe yo gufata igihugu ntabwo ajya arenga rimwe,kuva coup d’etat ya kunanira buriya watakaje ikizere mubarundi isinzi. ubwoburyo bundi buzamena amaraso menshi cyane ntakizere umuntu yabuha.

  • SHA GODFROID iyo uba uwo mbwira wari kwigira kuri NYANGOMA ayo abonye.
    Abatutsi babonye abashikanye kuco bashaka -IBIGANIRO- baciye bamwiyoga asigara atangaye NAWE NIKO UZOMERA! Agapfa kaburiwe n’ impongo

  • Niyombare yapfuye kera, nyamba ari irementanya mugira,twereke nifoto yiwe nshasha canke wenyene ijambo ashikirije.

  • Dukeneye ukuri.Bamwe bavuga ngo Godefroid Niyombare yishwe umunsi 2 apres coup d etat.abandi nabo ngo niwe kizigenza muri forebu
    twemere nde duhakane nde?Dutomorere bishobotse uyo Godefroid Niyombare nimba akiriho vyukuri arongoye forebu navuge naseruka kuri TV yo hanze y uburundi niho tuzokwemera ibivugwa

  • Kuvamazekubona bananiwe nirya kudeta, bakongera bugakora ibitero bitaribike vyasimusiga harimwo kiryagitero uwo Niyombare yiyemereye coguterera icarimwe amakambi atatu yigisirikare cu Burundi ivyovyose bikaba ahubwo bikomeje kwerekana mubarundi nomumakungu ko abasirikare bu Burundi arinseruka rukamvye arintavogerwa, ivyorero vyose biratuma nemezako abobavuga kobashaka gutera igisirikare cuburundi bashaka bakirorera kuko icobazokuramwo nigitigiri cabarundi beshi bazokwica ariko ntacobizobashikanako. Burya amazekubona umuntu arwana yishakira kwereka amakungu ngoko muburundi reta yica abantu kandi ariwe abica uwo urazomuva inyuma abakoreshwa numurwanizi w’Imana nabantu.

  • Hari ijambo rikundwa kuvugra "irementanya" ... Gen yananiwe Cour d etat,ntiyasubira kuvuga ,afutwa mugisoda cigihugu ntiyavuga,afatirwa ibihano na Amerika ntiyavuga ,ahawe ubukuru bwa forebu ntiyavuga. Aravugirwa ,we ntavuga numwana avutse ararira iyo atarira AaB arwaye canke yapfuye none ibi uwovyita irementanya yoba yihenze? Uwufise inyishu anyishure......

  • Mbega Kuvuga Ngo Nijavyi Mweho Mwiyibagiye Ko Nkurunziza Abahenda Komera Mutama Turi Nyuma Yawe

  • Mbega Kuvuga Ngo Nijavyi Mweho Mwiyibagiye Ko Nkurunziza Abahenda Komera Mutama Turi Nyuma Yawe

  • Gasakire Gode ww wananiw na coup-d’etat woshobora kurwana gute?Ahubwo genda murwanda urye ibiharage bitekany nibigori baguh nihema namasahani yibati hamw nibutura.Ntaco muzoshikako mwa javyi.

  • WEWE WIYITA INTAGOHEKA NTABWENKE UFISE REKA KUROTA WANBWA MUJERI UWUVUGIRATAVUGA WUNVUFISUBWENGE CEREZA WANBWAWE

  • Niyombare niba koko arivyo ari muki robele, nabanze arabe mubantu bapangana vyose niba atamuntu atera umwaku barikumwe. si non ni mawonyesho gusa inyuma ye hari abandi bantu bakoresha izina rye kugira bishikire kunyungu zabo.

  • NIYOMBARE urumushngntah kok turakwizigy

  • abantu muta umwanya mutukana ntakindi mugira mukora, mbe urupfasoni mwarushize? tanga ivyiyumviro vyanyu mureke gusimbaniranako, abantu ntidushobora kugira ivyiyumviro bisa, mugenzawe avuze uku ntibimuhore, kuko niko aba abibona!

  • hariho abantubantangaza baracafiseicizere kumuntu yapfuye kera

  • Kuraje !!!Niyombare Natwe Turikumwe Namw

  • none ubona ubu nkurunziza ko yoduha amahoro nukuri kunana kwiwe kuzotuma maprobu nanje ndayishigikiye kuza mu burundi

  • Tuzobamesa Mwanjavy Mwe Turahongor Teshwa Ut .

  • Abarundi b"umutima tubari inyuma ahubwo natwe twokwinjira gute murico gisirikare ca forebu,ntabesho nokwemera gupfira igihugu canke nkaba umwihevyi hako nobona nkurumbi amara iyimanda yihagiye

  • UMUPFU NTIYINUKIRA! Niyombare yaraheze, ni faible cyanee, numushusha mutwe gusa, ameze nkikivume citwa ndikumana juma yatanze amakuru yibinyoma kurupfu rwa jean de dieu kabura kubwinyungu ziwe, nabanyepolitike bomuri opposition bamuhenda. Igitanganje nukabamenyesha makuru baradio inzamba, nabandi batangamakuru yububeshi. Juma yarikenya aterefona BOB RUGURIKA arimurwanda, maze bob rugurika atabwenge nabuke asizemwo acakwiragiza amakuru yububeshi. Nivyiza kurondera inyungu ariko udacishije agatwe intungane ataruhare Naruto rwagize mubwicanyi. Muzotoheza neza, abagirizwa ntahobigize baba imbonerakure, imbonerakure zikenya zirazwi neza.
    Zamushika ahabereyibintu motohoza inkuru neza. Naho juma nimbariwe mwagije umunyamakuru azobata mukaga, kuko urestse ububeshi. Kwiba, hamwe nubwicanyi yagiyakora mubuzima bwiwe, nikijuju cambere. Yivugirako akorana na Gen. NZABAMPEMA, akamerako mukazikiwe kigisoda amaze kwica bantu badaharurika kandabahoye ubusa. Ayonamaraso yabo yishe arikwaramusaza. JUMA NIKIVUME

  • Uwomugabo Niyomb are Gaudefroi Agomba Nimba Yagiye Ahabona Nanyaruke Ubutungane Bumufatire Ingingo Zafatiwe Abobarikumwe Canke Naho Agwane Turamwiteze Ntamwana Arimunda Azovayo.Vyamunaniye Arimugihugu Kandi Ama Camp Yarimwo Ibigwanisho,yarayajejwe,ubuniho Azobishobora?Kwari Umugabo Koyahenze Ugwaruka Agacatungwa Nayoyameze!Nimbwa Pe!!!

  • ABARUNDI TWARI DUKWIYE KUNGUCUMWE HAKU TUGUMA DUTERANA MAJAMBO TWERIBIGANIRO NTAWUTAZI HINTAMBARA YATUGEJEJE.

  • Nimuhumure Imana irikumwe namwe muzoshika!! Ukuri kurateba mugabo kuratsinda. Nukuri Uburundi buracafise abahizi!!!

  • WEWE WIYITA EMANWEL NIMBA WABABAJWE NIVYIYUNVIRO NATANZE WARIKWANDIKA GWAWE APANA GUTUKANA ICOWOMENYA NUKO KUDAHUZ IVYIYUNVIRO NIYODEMUKLASI NABANDI BAMEZE NKAWE NIMWIHANURE MUVIBUZIMU MUJIBUNTU

  • Amahora Azoboneka Bagenzi!Mugabo Niyombare Niyaba Afise Ineza Y’abenegihugu Ntankeka Azotwara Igihugu!Nurabe Unyaruke Utabare Uburundi!

  • GODEJAHABONA, NTITWOTINYAUMUYAGA GASAYAREREKANYEIVYIWE, NANKURUNZIZAYAREREKANYEIVYIWE, NUBUAKIRIKOMUGA? INYUMAYINYUNGUHAZAKANYARIRE, VYIZANIGUSABIKANYA NABANDIBARAKENEYE, SENAREDEJAMUBURUNDIMUGANIRE MUREKEREGODEFRANIYOMBARI HABUZAJENERO HAGOYINTANGO, IMBERENIHEZA, BOSEBATANGUYUKO?

  • ivyiza n’uko bovyimvikana atamaraso arinze guseseka kuko abarundi bamwe bamwe tuzir’ubusa

  • Nakore bigaragare ntibibe umunwa gusa kuko peter ashaka umuntu bahangana kumuheto,ntabiganiro ashaka,ashaka umuheto

  • Nkurunziza ashaka yokwemera ibiganiro kuko na buyoya ntiyari yoroshe mu yaravyemey.

  • Nyakubahwa Mbona Ko Wobisa Abandi Bagatwara Amaraso Aseseka Nimenshi.Kubwawe

  • nkurunziza niyere ibiganiro hama umuteka ugaruke muburundi bunrya icambe sukumena amaraso kandi umutwe umwentiwigirinama ahubwo wigiriyogusa nareke abandi batware

  • NIYOMBARE NUMUPFU Vraiment TUZOMUHONGORANA NABIWE BOS BAYONGE NKIFU YIMIJIRA

  • None Uwo Niyombare God Froid Atavuga Kwiradio Canke Ngo Atange Ikiganiro Twumwunve Uwo Aracariho Canke Baramumesuye

  • NAKOMERE KWIBANGA NIYOMBARE IMANA IRAMUBONA

  • Godefroi niyombare ariheh?arikumwe naband?

  • None Niyombare Nabarazabu Nzabampema Nabandi Barindiriyiki Abantu Bahere Barikobakoriki Canke Ntangabo Bafise Nibihuha Ubukene Buraturembeje Ha Barozabaza Dushigaye Kumagufa Ivyabo Biragoye

  • Uwatazi Agahitiye Niwe Yokokeza Indawoyibaza Uwayirayeko Bandanya Mukokeze Mukore Igwe Mujisho Ntimubone Ngozirasinziriye Burya Zirakanuye Nzabampema Kura Abobana Mwicogihugu Batahe Twubak Igihugu Catwibarutse Uraziko Harintwari Kurugamba Zabihevye Ububemeye Kubaka Igihugu Ntarusoni Ubunaho Urondera Ibiki Ivyowimfuza Nibiki Taha Tukwakire Mugezi

  • Mureke Niyombare Awatse Azowota

  • non general niyombari arindiyiki?abantu bahone niyerekane ibikorwa

  • Niyombare Yabaye Impemukirabarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.