IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Général de Brigade Joseph Nkurunziza yahawe guserukira Uburundi muri (...)

Général de Brigade Joseph Nkurunziza yahawe guserukira Uburundi muri Somaliya

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Abakenguzamateka 37 bari bitavye ibikorwa vy’inama nkenguzamateka vyo ku munsi w’ejo kuwa kabiri baremeje bose izina rya Général de Brigade Joseph Nkurunziza ryari ryarungitswe n’umukuru w’igihugu kugira ahabwe guserukira Uburundi muri Somaliya.

Muri ivyo bikorwa vyari bihagarariwe na Gabriel Ntisezerana, umukuru w’inama nkenguzamateka, Léontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko niwe yari yaserukiye umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure yari yafatiriwe. Umushikiranganji Léontine Nzeyimana yabanje gushikiriza imyidondoro y’iyo ntwazangabo, yongera asigura ko Uburundi bwari bukeneye ubuserukizi muri ico gihugu ca Somaliya gisanzwe kirimwo abasirikare b’abarundi kuva mu mwaka w’2008.
Abakenguzamateka 37 bose bari bitavye ivyo bikorwa baremeje iryo zina rya Général de Brigade Joseph Nkurunziza ryari ryarungitswe n’umukuru w’igihugu mu nama nkenguzamateka.

Général de brigade Joseph Nkurunziza ni intwazangabo y’umuhutu yo mu gisirikare c’Uburundi. Afise imyaka 48, akaba ava mu ntara ya Kirundo. Yahora ajejwe amabanga y’ibibazo vya gisirikare (Attaché de la défense) mu buserukizi bw’Uburundi i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Yanonosoye ibijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi, akaba ari nayo mpamyabushobozi afise (Diplôme de licence en informatique).

Mu kiringo c’iminsi itandatu gusa, Général de brigade Joseph Nkurunziza abaye intwazangabo yo kw’ipete rya Général agenwe mu mabanga yo guserukira Uburundi mu makungu, inyuma ya Général Major Godefroid Niyombare yaheruka guhabwa ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Kenya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Gén NKURUNZIZA ndamwifurije kuzororanirwa mu mabanga ashinzwe. Ndamuzi ni incabwenge kandi yitonda imbere yo gufata ingingo. Niyo mpavu nemeza ko azoserukira uburundi kandi azotuma bugira iteka mu makungu naho agiye mu gihugu kikirimwo umutekano muke. Imana izomuje imbere.

  • Nanje uwo mutegetsi Joseph ndamwizeye kandi ndakeje ni ntara ya Kirundo biboneka ko iri gutera imbere

  • hahahahaha PETERO ariko aregezayo abasoda bakomakomeye, none niyaterwa azorwanirwa nabande??? Ahandi naho ndamutahura kuko hari haheze iminsi itari mike intwaramiheto z’u Burundi muri somalie zigumutse kubera ingorane zikomeye ziri mu burundi aho abatutsi bariko barakorerwa ivya mfurambi na cndd. uyo mutegetsi rero nagende arabe uko yasubiza ibintu mu buryo kuko KAVAKURE aherutse gusimbirayo kuraba uko ikibazo cifashe ariko amatwi ansumira avugako yahatswe kuraswa n’umusoda (simvuga amazina yiwe ngaha) ava i mwaro afise ipeta ryo hasi. Akari inyuma karahinda cane abasenga ntimugoheke

  • vyiza cane, Imana ize imuje imbere

  • Kuki iyo myanya bayiha abahutu gusa?

  • Kuki iyo myanya bayiha abahutu gusa?

  • Mwebwe KARIKURUBU na MASO ,mwebwe muri ibito kweri,mumenye yuko,INGUMBA ITAZI IKIBI IRIGATA ISHENYO.bandanya mukora mujisho umugabo Atari so basha.mwebwe ntaco mwubaha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.