IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Général Major Godefroid Niyombare yagenwe guserukira Uburundi muri (...)

Général Major Godefroid Niyombare yagenwe guserukira Uburundi muri Kenya

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Abakenguzamateka baremeje ku munsi w’ejo amazina abiri bari barungikiwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Désiré Njiji niwe yagenwe mu mabanga ya buramatari w’intara ya Cankuzo, Général Major Godefroid Niyombare nawe ahabwa amabanga yo guserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya.

Ayo mazina yose uko ari abiri, inyuma y’insiguro vy’imyidondora y’abo bantu zatanzwe n’abashikiranganji babiri, uw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, yaremejwe n’abakenguzamateka 34 kuri 35.

Désiré Njiji yagenwe kuba buramatari w’intara ya Cankuzo yahora akorera mu Cankuzo, mw’ishirahamwe « Food for the Hungry Burundi». yasubiriye mu kibanza c’uwahahora, Jean Berchmas Niragira yaheruka kugenwa mu mabanga yo kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka.

Izina rya kabiri ryemejwe n’abakenguzamateka ni irya Général-Major Godefroid Niyombare, yahoze arongoye ibiro bikuru vya gisirikare, ubu akaba yakora mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Yahawe amabanga yo guserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya. Asubiriye mu kibanza cahoramwo Ezéchiel Nibigira yahawe ubuyobozi bukuru bw’igisata gikurikirana ibikorerwa mu nzuzi, n’ikivuko (Directeur Général de l’Autorité Maritime, Portuaire et Ferroviaire)

JPEG - 12.9 ko
Général Major Godefroid Niyombare

Egide Nduwimana

Messages

  • Aho uwo mu general kubaye kumwikura usanga batamwiyumvamwo.

  • Hahahahaha zankinamico baramwikuye nabandi barinyuma uwoniwo mukenyuro ugezweho

  • Huuum.Ko batarungitse Bunyoni canke Ndakugarika ou Adolphe Nshimirimana?Baramwikuye nyene ntakundi.

  • ntaco ntagiye kure ubu niho azumva amerewe neza

  • Ko batamugenye mu bihugu nka USA,Canada,Australie bikomeye?None arazi ururimi rw Igishitsi?Azovuga mu Kirundi muri Kenya?
    Hanyuma Adolphe azoserukira Uburundi mu Rwanda(hoho biroroshe azokwandika amakete mu Kirundi) hanyuma Bunyoni aje za Buraya hamwe ahora aja gufatira akaruhuko ku buryo bwa Leta be n’umugore n’abana.

  • ahubwo abantu mutukana mwokwisubirako mukareka gucoza abandi;kuko namwebwe ubumenyi bwanyu ntawuzi ko arikirenga!!!!!!!

  • Reka basha kuba musakuza!

  • Aba dd ni bamwe iyo basubiranyemwo nabo bizobagora bareke..Uyo musoda se ugira ni igitangaza ntaco ashoboye nibabanze baje kwiga ...Nico gituma bakora n importe quoi nta niveau ..Ariko nuwari assistant d universite ashoboy gusa ukwiba n ukwica ,,

  • Ariko dd n,umwana yomenya amanyanga yabo erega ngo baratsinze abahutu benshi bari inyuma yabo ntaco batinya ngo nubu basigaje kuharura !!!Erega iterabwoba ku bahutu ba rukoti ryarafashe nubu batanguye kubigisha ko naho itora riba ku karata imwe vyoose tuzoba tubibona ..!!!!Utazotora NKURUNZIZA azimbe yigera ,,,Urumva ako kamaramaza Gihahe depute yatanguye mu Kirundo ,,uharira nabaze mu kirundo i Busoni Kabanga,,,

  • imana ishimwe biratanguye mur cndd fdd,adolphe ubwo arasinzira canke aramira utwo kurya?ya caisse noir ubu siko bizogenda.najane arya aramaze.president nawe ntamenyegwa.niyombare ntakabi kiwe azohindurwd n’imana ntakore nka adolphe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.