Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
General Philbert Habarugira yemeza ko hariko hategurwa irindi tembagazwa ry’ubutegetsi
Yanditswe taliki ya 26-06-2015 - isaha 10:00' na IGIHE

General de Brigade Philbert Habarugira amenyesha ko hariko hategurwa irindi tembagazwa ry’ubutegetsi rizokorwa n’abashigikiye Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

General Philbert HABARUGIRA umwe mu bagomvye gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama,akaba yahora ajejwe ivyo bita approvisionnement mu gisirikare c’Uburundi,ariko bikanka yabwiye ikinyamakuru Turiho News,ko icatumye bagomba gutembagaza ubutegetsi ari uko bagomba gukiza igihugu.

Philbert Habarugira avuga ko kuba itembagazwa ry’ubutegetsi ritashobotse ari uko bamwe mu bategetsi mu gisirikare bari kumwe babatye mu rudubi,babahemukiye bongera barabazunguruka.Muri abo harimwo abatwara igisirikare nk’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare General Prime Niyongabo n’umushikiranganji wo kwivuna abansi General Pontien Gaciyubwenge.

General Habarugira avuga ko gushika ubu bari kumwe n’abasirikare batari bake,kandi hari n’abandi bariko baraza aho bari,bariko bararondera uko bokwinjira mu gihugu kandi bari mu micungararo hagati mu gihugu,bariko barondere uko bosubira kugarukira igihugu kuko kirageramiwe,bagiye kubandanya barondera uko bosubira kubuza umukuru w ‘igihugu kubandanya guhonyanga amategeko,gusuzugura abarundi n’amakungu.

General Habarugira avuga ko amakuru bafise yemeza ko abashigikiye umukuru w’igihugu bariko barondera gusubira kugira irementanya ryo gutembagaza ubutegetsi.Ariko vyoba bifise intumbero yo guta mu rudubi abanyagihugu n’abasirikare bobakurikira.

Uwo yahoze ari umukuru mu gisirikare c’Uburundi avuga ko General Godefroid Niyombare ariwe akiri indongozi,kandi bakimuyoboka.

General Habarugira ahumuriza abapfunzwe mu mabohero kubera basahatse gutembagaza ubutegetsi,kwigumya,asaba abasirikare bakiri ku kazi kwihangana no kuguma bari maso kuko umwansi akiriho ashaka gucanishamwo abasirikare bivuye ku ntara baturukamwo,ubwoko canke imirwi bahora barwanamwo.

Ivyiyumviro vyanyu

JEWE NDAZI NEZA YUKO NKURUNZIZA ABUCAVAHO VYIHUTA,NDETSE NUMWAMI NTAWAMUKURA ARIKO YARIHUBUKI AGAPFA.

17.07.2016 à 07:21
25769144107

Murarota kumurango ngo itembagazwa ryubutegetsi sha Nkurunziza yatowe nimana kugezubu yitungiwe nimana ntakomutarimwagize ngo mumukureho bibata kuwamazi nubundi murasubira tuzoba safisha nkuko twabagize kwiradio... Hanyuma uwomuntu avuga ivya niyomboro jewe nihagira uwumunyereka ifoto yiwe gisa nshasha kiretse izakera azoze ndamuhe 500mile kirete uwuzozana amagufa yiwe gusa

24.06.2016 à 06:16
Bacemwo

Ivyo Uhoraho Agomba Nivyo Bizoba Akaba Ari Kumwe Namwe Bizokunda,ndanezerewe Kwunva Ko Niyombare Yoba Akiriho

13.10.2015 à 19:43
Duhanurane

Mbonamunasemakwamba
Kun’amani
Sa sa.ivyondo
NN ?

30.07.2015 à 20:00
Bazanga

none atangazibik

24.07.2015 à 20:49
######

Murakoze kutugeza ho iyi nkuru ya HABARUGIRA jewe ndamwibuka abwira abasirikare ko vyiza bogendera akaranga k’igisirikare ivya politike bakabireka none muzomutubarize uti mbega birya wakoze ubona warabereye umuco mwiza abo murongoye ? Ati barabahinyuye iyo buba ubwumwe bwari ikndi.

10.07.2015 à 08:43
mubano frederic

Kubwanje Ayo Namanyanga Kandi Imana Yaturemye Iratuzi Erega Ngo : "Urucira Mukaso Rugahitana Nyoko" Kimwe Gusa Bashaka Baravyitondera Kuko " Vyamama Vyamaragarira Vyagenda Namama Nkukunduko"Iyo Twaciye Ntawipfuza Gusubirayo,Iyo migambi Mibi Igayitse Ntabwo Inezera Imana."Uwuzorukarisha Ruzomumwa" we Need Peace In Burundi Country.

8.07.2015 à 21:16
Kibaki

jewe ndi umunyagihugu muto ariko ivyo mbona nifuza amahoro y’abarundi bose bafashwe pmiri n’abasuma abambuzi abagenocidaire !!!!CNDDFDD BARI HONNETTE BOSE BARI MUBUHUNGIRO ABARUNDI BOSE B4UMUTIMA BARI MUBUHUNGIRO TWIFUZA UN PR2SIDENT AKUNDA ABANYAGIHUGU N’igihugu !!!tous ces présients de l’EAC ntaco bazodufasha nakare sibo bafasha uburundi bagomba kuguma kubutegetsi éternellement nico gituma bagira solidarité négative !!!abasirikare b’umutima ni mufate igihugu kunguvu mutabare abarundi bose atakuvangura amoko nka peter !!abarundi turarushe amabohero abana bariko baracugwa bufuni na buhoro !!!inzara ubukene buzura inzara !!!

8.07.2015 à 17:35
BIZINDAVYI Fabiola

robellion yabatutsi ntaho izoshika ,wigana kunya inzovu ugatabuka umufutu...

5.07.2015 à 21:29
niyombare

Kwivyo habarugira avugantabwobiduhimbaye ivyovyumbwoko ivyintara arikomuraciyunvira ubwicanyinkumbwo kuvugamake nivyiza rwasa ukomere kwibanga uwihoreye ahongamake gusa ntiwibagire kubahiriza isabato ntamunyagihugu azobaza amaraso ariko uwuhoraho we arihoreye

4.07.2015 à 22:55
Butozi

Kwivyo habarugira avugantabwobiduhimbaye ivyovyumbwoko ivyintara arikomuraciyunvira ubwicanyinkumbwo kuvugamake nivyiza rwasa ukomere kwibanga uwihoreye ahongamake gusa ntiwibagire kubahiriza isabato ntamunyagihugu azobaza amaraso ariko uwuhoraho we arihoreye

4.07.2015 à 22:27
Butoyi

ivyo muvuga nivyo !
mugabo nkebure gato ba gen. Niyombare nabandi... bibuke ba Ngeze, P.Bizimungu... nawe ntazasange ariko akubura amabarabara !
Navuga sinavura !

4.07.2015 à 02:44
muntu p

dushaka uwokuraho nubundi ubwo butegetsi bugaya abarundi bukabacinyiza bugaya namakungu turagushigikiye mutama

3.07.2015 à 21:50
mutima,s

Benewacu dukunda uburundi twoye gukokeza ingwano mwibuke iyo twavuye ivya komera kumuheto birutwana sangwamahoro umuheto nuwigisoda induru yurusasa nayo ikomeretsa abanyagihugu kugwana ntavyo muzoshobora atari kwica abarundi mubaturira namapine !amakungu niyibonera ubutare muzonyarana nayo asahura ajana iwabo ntakindi kiyaraje ishinga !!!

3.07.2015 à 21:33
ndabukunda

mon general komera kumuheto turinyuma yawe tuzohemuka izisiha tuzomoy kandi turabakeje natwe aho turi ntitwicaye nubwo abapolisi bakimuyoboka n.imbonerakure babandanya badutoteza natw tuzobarwany uko dushoboy kwose.tsinda abamenja nkurumbaya sindumuja

3.07.2015 à 10:06
Ruzatsa Gilbert

Ivyuzabikora ryarise ?ndaguhanura kowonyegera ugahora nayahandi ejo atari kera nzokubona bakubosh urimumpimba.

2.07.2015 à 06:39
Sylv

NIPFUZA YUKO HOBA UMUTEKANO MUBURUNDI NTAKINDI NDUMVA IYINKURU INTEYE UBWOBA

1er.07.2015 à 20:45
ERIC

URAMUMBWIRI ATI BARABAHENZE INKIRE NTIKIRA KABIRI MURAWUCANA MUZOWOTA...

30.06.2015 à 06:14
KAYOBERA CHRITIAN

Ewe Burundi !Ubwo Nti Bizosubira Kuba Nkuko Vyabay Le 13mai ?Reka Turorere !Kenshi Umuntu Yicwa N’umugenz Twar Twatamvy Ngo Kiratoy Inzira Ark Umusi Mukur Watambw Utarategurw

30.06.2015 à 04:53
Juventous

MURI COMMUNE GITERANYI AMATORANTIYAGENZENEZA

29.06.2015 à 22:04
J.CLAUDE
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.