IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gerevasi Rufyikiri arashima urugero umukenyezi agezeko mu Burundi

Gerevasi Rufyikiri arashima urugero umukenyezi agezeko mu Burundi

mardi 3 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umukenyezi w’umurundi asigaye aboneka cane mu nzego zitandukanye zirongoye igihugu nko mu nama nshingamateka, nkenguzamateka, ubushikiranganji, n’ahandi, ivyo akaba ari ibishikirizwa n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri.

Gerevasi Rufyikiri akaba yabishikirije kuri uno wa kabiri, inyuma y’umubonano yahaye uwusanzwe arongoye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho umukenyezi (ONU/femmes) mu karere ka Afrika y’ubuseruko hamwe n’ubumanuko, Christine Musisi.

Muri uwo mubonano, bakaba barabiye hamwe ibimaze gukorwa kugira bateze imbere umukenyezi mu Burundi.
Ica mbere uwo mushitsi yashimye nk’uko Gerevasi Rufyikiri abishikiriza, n’uko umukenyezi asigaye aboneka mu nzego zirongoye igihugu nko mu nama nshingamateka, nkenguzamateka, mu bashikiranganji, barongozi b’intara, muma komine, ku mitumba, n’ahandi.

Ibindi ashima, ni abakenyezi bibungenze bashigikirwa cane, bikagabanya impfu z’abapfa bariko baribaruka, hamwe n’abana bapfa bakivuka. Mu gisata c’indero, avuga ko bigaragara ko abigeme basigaye baja mu mashure ku rugero rumwe n’abahungu nko mu mashure mato mato n’ayisumbuye, n’aho mu mashure ya kaminuza ivyo bitigiri bitaraduga cane.

Arashima ko izo ntambwe ari kubera ishaka ry’abarundi hamwe n’amakungu, hamwe n’abasanzwe bafasha. Asaba abo basanzwe bafasha kubandanya nko mu bisata bikenewe cane kurusha, kugira umukenyezi mu Burundi aronke izina kurusha, kugira kandi bwa busumbasumbane buri hagati y’abagabo n’abakenyezi buheze bugabanuke.


Floxella Karire

Messages

  • Birashimishije gose nkuko mubivuga kuko bamwe mumashirahamwe yabakenyezi urabona ko bashize amazinda bakemera ko bazokwifatanya nayandi mashirahamwe mukutemera ikiringo ca gatatu c,umukuru w,igihugu iyo ni intambwe ikomeye cane k,umukenyezi bakenyezi turabakeza gose nimubandanye uko cancane muharanira ineza yigihugu mutemera abagomaba guta igihugu mukaga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.