IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gervais Rufyikiri aranegura isuku rike ryibonekeza i Bujumbura

Gervais Rufyikiri aranegura isuku rike ryibonekeza i Bujumbura

mardi 16 Ndamukiza 2013

Aho hamaze imisi hibonekeza ingwara ya cholera mu gisagara ca Bujumbura icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yaragendeye ama komine amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura.Akaba yagendeye ayo ma komine habonekamwo umwanda mwinshi .Akaba yari ari kumwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu ,ubutare n’agataka hamwe n’uw’ibidukikije hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Gervais Rufyikiri akaba yarasiguye ko amashirahamwe akura ubucafu mu gisagara ava mu mu ma karitiye atandukanye ko yofasha mu kugira ibintu bihinduke.Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yasavye abari mu bisata bijejwe gusukura igisagara ko bofasha nabo muri ico gikorwa kugira bakure imyanda yose usanga irunzwe impande y’urudandazwa rw’indya.

Ku batwara Regideso yabasavye kwugurura amabombo rusangi kugira birinde ingorane zose ziterwa n’ibura ry’amazi. Aheraheza asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gutegura ama nama n’abasitanteri kugira bigire hamwe ico kibazo c’utuzu twasugumwe tumeze nabi na cane cane muri komine cibitoke.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.