IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gervais na Pie basaba abakuru b’ibihugu vya EAC kutemera ibizova mu matora (...)

Gervais na Pie basaba abakuru b’ibihugu vya EAC kutemera ibizova mu matora yo kuwa 29 Ruheshi

lundi 6 Mukakaro 2015

Gervais Rufyikiri ari kumwe na Pie Ntavyohanyuma baherutse kumenyesha ko bavuye mu gihugu kubera badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ,basaba abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,kwumvisha umukuru w’igihugu ko atokwitoza kuko bihonyanga ibwirizwa nshingiro.

Mw’ikete ryanditswe kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro,Gervais Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu na Pie Ntavyohanyuma yahoze arongoye inama nshingamateka basaba abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,kutemera amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yabaye kuwa 29 Ruheshi.

Bamenyesha ko amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka atabaye mu muco kandi atitabwe na bose mu mwidegemvyo.

Gervais Rufyikiri na Pie Ntavyohanyuma basaba abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,kugondoza umukuru w’igihugu kugira akurikize ingingo zafashwe n’inama y’amahoro n’umutekano y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.


Van Naris Mugisha

Messages

  • GERVAIS RUFYIKIRI UR’UMUGABO ICOMBONA NIBAMUGONDOZE KUBERA ABARUNDI TURARUSHE

  • MUKURU WIGIHUGU UMVIRA IMPANURO ZABO MWAHOZE MUMUGAMBWE.

  • Turagushigikiye ico nico cerekana umushingantahe canke umugabo, Umuziro uzirwa wowo nukurongora mandat yagatatu Nkurunziza, bamwambike ama anti balle canke ntibayamwambike, atikebutse ngo ahebe ico kiringo emwe agiye kuvyibonera ko bidakunda.

  • nibabirabe. mbega ko yafashe ingingo ngo birukane umuhuza adahengamye,ni basabe OTAN bamugire nka KHADAFI kuko NKURUMBI aragayana kandi ni intumva.

  • Izo Mihimbiri Aho Barabona Ko Abagabo 2 Bafis,ukuri Kuruta Miriyoni Zirenga Zagiye Gutora Ko Bazirusha Ukuri Be Murata Ururimi Piyo We Kazima Yagiye Asubirije C E N I Ibisigaye Mandat Zabo Zari Zaheze Mutabazi Ndaguhojeje Irya Malaya Ngo Ni Kaneza Nagire Indero Ubu Bugabo Bubiri Ubuvugaho Iki Iyo I Burayi

  • Izo Mihimbiri Aho Barabona Ko Abagabo 2 Bafis,ukuri Kuruta Miriyoni Zirenga Zagiye Gutora Ko Bazirusha Ukuri Be Murata Ururimi Piyo We Kazima Yagiye Asubirije C E N I Ibisigaye Mandat Zabo Zari Zaheze Mutabazi Ndaguhojeje Irya Malaya Ngo Ni Kaneza Nagire Indero Ubu Bugabo Bubiri Ubuvugaho Iki Iyo I Burayi

  • Ico uhawe n’ugutora ucakwa n’ugutakara. Abo bagabo babiri aka kanya batanguye gukumbura za ntebe na za intendances bahorana mu Burundi? Hehehe. Ubu ivyo mushikiriza bisa n’ivy’umunyagihugu wese yoshikiriza kuva musubiye iwanyu mu Bubirigi. Nibaza ko no hiyo muzoronka intebe nk’izo mwahorako mu Burundi. I Dar es Salaam naho nimuhihoze kuko siyo muri, reka abafise uburenganzira bwo kujayo bagire ico bavuze ku vyerekeye Uburundi.

  • KUBIJANYE NINDYANE ZIRI MU BURUNDI,ZITEWE NUMUNTU 1,AKAZITERA ABO YAVUGA KO YAHARANIYE UBWIGNGE,ABO BANDI AHAYE AHARANIRIRA NI BANDE KO NABO BAVUGA KO BAHARANIYE ARIBO BIRIGWA BARICWA YIRORERERA?

  • ukuba umugabo nuko,ugukunda bene gihugu nuko mutama ntugate mu rudubi ubwoko ubwari bwo bwose ariko ushire imber ineza y’abanyagihugu bose ,twe turarushe n’intambara

  • Komera mutama mubabwire kuko batazi ikizokurikira inyuma rero ashatse kuneza yiwe nakuremwo amaguru kuko ntahataniye n’imburukenke mugabo akinda aryamye, akinda agaramye, yunamwye inzira niyayindi aho yashize abandi nawe haramurindiriye.

  • ivyo mugira vyose canke mwiyumvira, umukuru w’igihugu uwo ariwe wese d’accord. umuziro uzirwa ni ukuzana uwutavuye mumatora. ibisigaye navyo je mbona vyose ari akamaramaza aho umukuru w’inama nshingamateka ayoberwa gusoma ingingo iwe y’ibwirizwa shingiro agahunga. Piyo ashaka ivyo hanyuma? njanye na Rufyikiri, iyo umugambwe wabo umutanga kuwuserukira twomutoye, none ko yananiwe no kunyonga ubwato nareke ntabute munyenga. dd yabo nayo bibaza ngo ntizoteba igira nyakuri. batunga agatoke iyindi migambwe zine zikabaraba. mugabo opposition ivyo iriko iragira kuva 2010 biteye isoni. biyumvira nk’abana b’inkoko batamenya ko babangamiwe n’ikibambankwavu. bararitse urwanwa ngo société civile ibakurire nkurunziza. ahubwo mbona no kubakurikira ata sécurité irimwo umuntu yotuma yigirira rwiwe. uwutambana na mukeba ntakubita urugohe. nayo uwanka uburundi we yovuga ngo subiramwo amatora.

  • mwe muri basumirinda mb muri 2010 hitavy imigambw ingah ko mutaciy muvamwo mwatunz mwibagiy iyo mwavuye!twe ntimuzosubir kuduhenda akarorero ubu nobay umushingamateka nn rwasa yaciy ampemukira!hotwara gt umugabo niryo?

  • Bavyemeye kera namwe mwishinga kuvugavuga amajambo menshi n akazi kanyu!!

  • Abo bacangero baracavuga iki?Nimumaramare buke igihugu gifise abakirwaniye,nimurye ayo aramaze nakare ntakarangamutima mufise muzopfa nka MAYUGI,abarundi ntitugishaka ingwizamurongo .NKURUNZIZA nakomere kwibanga;ico nsaba abanyagihugu nuko umutu muziko yirukanywe muri CNDD-FDD mutosubira kumwizera kuko nibihemu .

  • Haaaa Numuhumure Amatora Yarabaye Kandi Yagenze Neza

  • ndemera potient gaciyubwenge aritekerereje hofomboka mwebwe

  • FYIKIRI UVUGA UKWUSA ARIKO INTARE IPFUYE IRUTWA N’ISAZI IKOMEYE NAWE AHO UR’INTARE YAPFUYE KERA

  • Ahubwo abo bagabo babiri bamaramare ces sont des traitres, ils ont trahi le peuple burundais en allant se refugies en Europe et laisser les burundais seuls.cils eevraient reste ici et donnes le morale au peuple burundais

  • Komuki kubutegetsi mutavuga pendant dix ans apres des semaine nihomubnye ibitagenda namw ivyo mwononye muzobibazwa ntimwinyegeze

  • uburundi buri n,abashingantahe.ngabo abakwiye kuba indongozi nyakuri,nayo abandi,futi!!

  • kare mukiri kubutegetsi ko mutavuga?vyose vyagenda neza ntimugirire ngomwarahunze ivyomwononye muzobibazwa

  • Naveko ivyo yivye nabo yishe barakwiye peter ruhurira abarundi

  • IMYAKA MWAMAZE MUTWARA IYO MUYIMARA MU GASHO, EAC NIYO YEMERA AMATORA CANKE AMATORA NAYA BENEGIHUGU? MWARAGOTSE KUGARUKA MU BURUNDI BIZOBAGORA

  • ndibaza ko ubu abarundi batahuye neza ko guha amabanga akimeye abantu bafise ubwene gihugu bubiri ko bigira ingaruka.ntivyumvikana ko abantu nkaba barongoy igihugu mandat zibiri zose baheza ngo bamere nk’abatazi ko ico bari ubu uwakibagize agihari.bon nibatekane amatora yatabaye benshi kandi nayandi azoba kandi neza.

  • NYAKUBAHWA NKURUZZ NIGIKI GITM UNDADK? ABARUD TWASHSHWE NTITUGIKNEY ABADUTWR NAB

  • Mb gasha ntimuza kumaramara yuko batamubwiy ntazokwitoz nivyamator ntavyo babivuzeko babony ivyavuyey arivyiza mwebw mur ibijuj murategeka abakur bibihugu nn mwamaramay kobabumviy mb muzokwigwa heh?ivyo mwa vuz batabumviy

  • abashingantahe ninkabo nyene!!! emwe igihugu cacu gipfuy cari kigifise abashingantahe pe!!!! mwagiz neza bashongantah kwerekana ubugabo bwanyu no mu kwandika iri kete.nizera ko aho nkurumbi ari avyumva!!

  • abarundi barababaje nukuli imana nkore ibishoboka kuko iyo mbona ibibazo abarundi bafite binyibusta urwanda muli 94 .

  • mana fasha abarundi kuko aho bagana nihabi.

  • Aha.Mwabagabo.Igendere.Ivyuburund.Ni.Imana.Dutegereje.Nayo.Abantu.Bo.Raravuze.

  • Rufyikir Na Pie,maramara Muhore.Mugire Guhemukira Igihugu Mukugita Conyene Hama Mwongere Mugombe No Kugita Mukaga Mukugisabira Ibihano?Mbe Ko Muvuga Caane Abatatoye,abatoye Nabo Mwabahaye Ikibanza Ikihe Ko Mbona Arinabo Benshi?Nobahanura Mvuga Nti Nimwitware Nk’abagabo Abenegihu Bokwizera Aho Kuguma Mushaka Kubacanishamwo Ngo N’uko Mutari K’urutonde Rw’abitoje Mu Matora Aheruka.Ntimute Akaranga Rero Ngo N’uko Mandat Yanyu Yarangiye.Ugusubira Kwitoza Kwa Petero Nkurunziza Sico Cabakuye Mu Gihugu Ahubwo Vuga Ivyo Mudashaka Gushira Ahabona Abenegihugu Natwe Tuvyumve.Murakoze!

  • reka tubitege amaso nayo umnwa wo ni iparara

  • Je trouve que cette tribune permet de dire tout et n’importe quoi. Je suis surtout surpris qu’il y a encore des gens qui apprécient le pouvoir de Bujumbura. C’est incroyable! A vous lire, je constate que vous êtes jeunes. Vous imaginez-vous vivre dans les conditions qui sont les nôtres au Burundi pendant des décennies? Avec àla tête du pays un type comme Nkurunziza? Un président qui n’a jamais compris que l’on doit prendre de la hauteur quand on est président? Pour ceux qui s’intéressent aux questions de démocratie, je vous conseille de lire un peu sur la démocratie directe telle qu’elle est pratiquée en Suisse et vous verrez qu’un président n’a pas besoin de paralyser le traffic lorsqu’il se déplace. Il peut aller au travail àvélo sans garde du corps ou charger ses bagages dans un taxi ou sur un charriot lorsqu’il va en visite d’Etat.

  • Abo bagabo niho bahunze nivyo ntagitangaje kuko bose no ku mitumba bakomoka ko ntawubaha nirwere. Kubona umuntu akomeye nkabo ataja no kuri liste ya conseil communal, ni akamaramaza basi.

  • Aho bataye igihugu n’abanyagihugu,baja i bulaya bariko basya batambaye mukuducafuza no gucafuza u burundi,aho bizeye gusubira kuba parmi les dignitaires du burundi?Kumwe kwa pancrace yirigwa yikiriza ngo le terrain est miné ici akibagirako atagaba isi.Namwe bandanya mwutwugarire amayira,uwobishaka namwe burya ntiyobura ivyo abugarira,kandi muzobibona,ntimwibaze ngo murashobora kwononera ighugu n’abanyagihugu ngo vyijane ubu twahagurukiye les ventriotes et les ambitieux qui se croient malins.D’ailleurs amatora y’i burundi muyashaka ko iki ko muri ababiligi,nimba mufise ico muyavugako taha mubivugire i burundi.Aho mwahengereye imyaka cumi iheze,carières politiques zanyu ziheze ati reka turabe ico dufonda dusubire ku butegetsi,ja mu kibira mukore ramping nyabuna par chance mwobusubiramwo sinon ne revez pas twarabahinyuye ,mwahimvye ntacoyimena ariko zizohoka

  • ahowataye igihugu na banyagihu ngu ngo ugiyiburayi kumbewahunze ewewagitaye ukuze uzogitora ukuvye

  • None n’aba b’incabwenge bazi ko amatora yemerwa n’amakungu?? nge nyarucari ngira hari inzego zemeza ivyavuye mumatora. naho amakungu aba ari abarorerezi bagafasha mugukemura utunenge twibonekeje kugira ubutaha ntibizongere. nje niko mbizi sinzi niba ari amashure make yanje.

  • None ko mwakrany na peter imyaka 10 komtatnze imihho hakri kare?ntivyvugwa k’aztoza murabgabo bijmbo rik.k1 nimrek kugrisha ighugu cany,nimury amhera yabzungu mwse murbamw m8pfuz’ubutgetsi!!

  • UMUNTU ATABONA KO UBURUNDI BUHANZW YOB ARI UWUHANZ ABARUND

  • Jew Ntac Mfise Mvuga Arko,ndahanuy Abantu Baza Barandik.Mukwandika Baze Bariyumvr.Kugir Ntibabz Abnd./K1 Imana Niyo Nkuru..Kand Ibi Mugutangur Yari Ibizi Kandi Irazi Iherezo Ryavyo.Ni Dukomeze Guseng Izotwumvir Knd Izotwishur.

  • yooo !!! ubuhoh haragez yuk muvuga !!! nikuberik mutabivuze kare?ntaco shira hamw inguvu na niyombore tubogore uburundi

  • MBEGA,AMAHORO BARAYAHUNGA?NGO URUTUMYE UMUGABO GUTEGA RUMUTUMA NO GUSURA.IVYO BASABA BOVYIGAKO BAKADUHA UMUCO,UTA ISAKE ICABITSWE KIGASIGARA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.