Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihanga : FNL ya Nzabampema iremera ko ariyo yagize igitero
Gihanga : FNL ya Nzabampema iremera ko ariyo yagize igitero
lundi 3 Ruheshi 2013
Muri komine Gihanga umuntu umwe yarapfuye abandi batatu barakomereka cane mu gitero cagizwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Ruheshi 2013, igihe c’isaha imwe n’igice c’ijoro.
Abo bantu bitwaje ibirwanisho rero bateze umutego hagati ya transversale ya 10 na 11i Buringa mu ntara ya Bubanza, maze imodoka yari ipakiye imizigo iva mu ntara ya Cibitoke ica iwurwamwo.
Kuri uyu munsi rero, uwiyita Eraste Dondogori avugira FNL ya Nzabampema, yemeye ko aribo bagize kirya gitero cahitanye umunyagihugu. Uwo Dondogori avuga ko ababajwe n’umunyagihugu yitavye Imana ahitanywe n’amasoro abo barwanyi barashe.

Ku kibazo c’uko umurwi avugira wama wica abanyagihugu kandi bavuga ko baronderana n’inzego z ‘umutekano, yishurako abanyagihugu barwa mw’isanganya mu gihe baba bariko bararwana n’igisoda, ariko rero akabisabira imbabazi.
Ku bw’umuvugizi w’igisirikare c’igihugu Colonel Gasupari Baratuza, avuga ko uyo murwi batawuzi, kuko ntibigera bavuga aho bari.

Ati n’umurwi w’abasuma kuko ku murango baba bariko bararima, hagera mw’ijoro bagatora ibirwanisho kugira batere umudugararo mu gihugu. Abanyagihugu basabwa kudomako urutoke badatinye umuntu wese w’inkozi y’ikibi.
Aristide Nizigire
Messages
4 Ruheshi 2013, 05:29, par Ntirampeba Fanuel
Emwe mwabantu,nimureke kumarana mupfa ubusa ntimubona ko abanyagihugu aribo bariko baragwa mumporera, kandi muvuga ngo nibo mugomba kurenganura!
28 Ruheshi 2015, 09:01, par ARCA
Hariho abanka akarenganyo kwisi rero nzabampema yanka akarenganyo