Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gihosha : Kigobe iriko irasezera ibishanga mu mvura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihosha : Kigobe iriko irasezera ibishanga mu mvura

Gihosha : Kigobe iriko irasezera ibishanga mu mvura

mardi 13 Rusama 2014

Ibikorwa vyo gukora amabarabara mu quartier ya Kigobe ya ruguru biriko biragenda neza, nk’uko bimenyeshwa n’amwe mu mashirahamwe ariko arakora ivyo bikorwa.

Amashirahamwe Berco, Amsar- Sobmac na Etmaco ariko arakora ivyo bikorwa muri iyo quartier, amenyesha ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa Nzero uyu mwaka ariko arakora ivyo bikorwa vyo gukora ayo mabarabara, biriko biragenda neza. Amabarabara nka Rukonwe na Kivyeyi akaba ariyo ariko arakorwa muri iki gihe, kandi muri yo ibikorwa bikaba vyifashe neza.

Mu mabarabara nka yose yo muri iyo quartier ya Kigobe yo mu Buraruko, akaba asa nayariko arakorwa mu gihe hari n’ayamaze guhera gukorwa. Ariko rero mukamenya ko iyindi quartier ya Kigobe iri mu Bumanuko, yo itarakorwa amabarabara. Ivyo bikorwa rero bigategekanywa kurangira muri iyo quartier iri muri komine ya Gihosha mu gisagara ca Bujumbura, mu kwezi kwa Myandagaro, uyu mwaka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.