IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Basaba ko itegeko ribuza inzoga zo mu tumwanya ryofata (...)

Gitega : Basaba ko itegeko ribuza inzoga zo mu tumwanya ryofata bose

samedi 27 Mukakaro 2013

Kuva aho hafatiwe ingingo n’inama nkuru y’umutekano ibuza idandazwa ndetse n’inyobwa ry’inzoga zitekeye mu bumwanya, abadandaza bo mu ntara ya Gitega bavuga ko itegeko ribabuza kunywa izo nzoga ndetse n’ukuzidandaza ataryo barabona.

Ivyo rero abo banyagihugu bakaba babivuze, inyuma yaho igipolisi gifatiye ubumwanya bwinshi butekekeye izo nzoga mu gisagara ca Gitega. Abo badandaza rero babandanya bavuga ko batumva ingene inzoga baranguye kubasanzwe baziranguza mu gisagara ca Bujumbura, zofatirwa mu gisagara ca Gitega, mu gihe bumva ko abaziranguza i Bujumbura batigera bakomwakomwa. Bavuga ko ari akarenganyo na rirya no itegeko risohotse ryofata bose atankunzi.

Kuva iyo ngingo ifashwe n’inama nkuru ijejwe umutekano, abatari bake bari bayishimye, haba mu banyagihugu, abajejwe intwaro eka ndetse n’abajejwe umutekano, kuko uretse ko abazinywa bagirizwa kuba bari mu bahungabanya umutekano, izo nzoga ziri muzibangamira amagara y’abazinywa. Ikindi ni ukwo abajejwe intwaro bavuga ko umwimbu wahaherera, mu gihe hari abanyagihugu bamwe bamwe bari basigaye bawuhereza mw’isoko kugira bashobore kugura ubwo bwoko bw’izo nzoga.

Izo nzoga rero ngo ziri mu bwoko bwinshi, kandi ubwo bwoko bwose bwarahagurukiwe mu ntara nka zose z’igihugu. Abarongoye intwaro bakavuga ko izo nzoga zitera ubunebwe abanyagihugu mu gihe uwuzindutse arazihereza ataco rirenga ahereje iminwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.