IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega: Itanguzwa ry’ihuriro ry’igihugu ry’urwaruka

Gitega: Itanguzwa ry’ihuriro ry’igihugu ry’urwaruka

mardi 9 Ndamukiza 2013

Icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yatanguje, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2013, mu ntara ya Gitega, ihuriro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu.

Mw’ijambo ryiwe, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yibukije abari bitavye iyo nama izomara imisi itatu, ko uruhara rw’urwaruka ari ntangere mu buzima no mw’iterambere vy’igihugu, na cane cane ko urwaruka rurenga ica kabiri c’abanyagihugu bose b’abarundi.

Muri iyo nama ihurikiwemwo urwaruka rwaserukiye abandi mu mice yose y’igihugu, bazoharira ku bibazo vyose bihanze urwaruka, iterambere bongere bigire hamwe imigambi yo kurwanya ubukene.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.